IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu kigo OBR bagiye gukorana n’abanyagihugu mu kurwanya igiturire

Mu kigo OBR bagiye gukorana n’abanyagihugu mu kurwanya igiturire

mardi 10 Kigarama 2013

Mu kigo OBR (Office Burundaise des Recettes) kijejwe gutororokanya amakori ya Reta bamenyesha ko biyemeje gufasha gushira mu ngiro umugambi washikirijwe n’umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010, umugambi wo kurwanya n’ukutihanganira abarya igiturire.

Mu gihe ku munsi w’ejo kuwa mbere igenekerezo rya 9 Kigarama 2013 isi yose yariko ihimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya igiturire, Kieran HOLMES, umuyobozi mukuru wa OBR yibukije ko ukurwanya igiturire biri mu bishirwa imbere n’ikigo arongoye. Nk’uko yabisiguye, igiturire gitungisha abantu bari ku rushi, mu gihe ikori riteza imbere igihugu cose. Ikigo OBR citeguriye gutororokanya amafaranga aharurwa mu miriyaridi 560 z’amarundi muri uwu mwaka w’2013, ari nayo azofasha ku bice 78 kw’ijana mu bikorwa vya Reta (dépenses intérieures du Burundi). Kubwa Kieran HOLMES, akarusho karabonetse kuko mu mwaka w’2009, ibice bigera kuri 63 kw’ijana arivyo vyashoboye kuboneka. Kubwiwe rero, iyo ntambwe igihugu c’Uburundi kiyikesha ibikorwa vy’ikigo OBR vy’uguhindura inzira amafaranga yahora afata ajanwa mu biturire, ubu akaba yinjira mu kigega ca Reta biciye mu makori, ari navyo biheza bigafasha umunyagihugu kwisununura.

JPEG - 97.5 ko
Kieran HOLMES, umuyobozi mukuru w’ikigo OBR

Ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) gihamagarira abatanga amakori gufasha gushira mu ngiro umugambi wa Reta w’ukutihanganira abarya igiturire, bongere bafashe kurwiza ubuzi mu gihugu.
Mu ntumbero yo gufasha kurwanya igiturire, mu kigo OBR bibutsa ko bagiye kwuguruza imirongo ya terefone itariha, abanyagihugu bakaba bazoshobora guhamagara bakamenyesha aho igiturire coba kiriko kiratangwa, ivyo bikazofasha kukirwaniriza hamwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.