IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mu masaha 72 amabendera y’igihugu ashaje azoba yamanuwe

Mu masaha 72 amabendera y’igihugu ashaje azoba yamanuwe

mardi 11 Ruheshi 2013

Mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, umushikiranganji Edouard Nduwimana yamenyesheje ko guhera uno munsi igenekerezo rya 11 Ruheshi 2013, amabendera yose y’imirembe, n’ayafise ibimenyetso biyaranga bitakiboneka ko yomanurwa.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana yibukije ko ibendedera ari ikimenyetso cerekana ubwigenge bw’igihugu n’abenegihugu. Ibendera ry’igihugu c’Uburundi rifise amabara atatu, ibara ritukura, iry’icatsi kibitsi n’iryera. Rifise ikiburungu hagati, murico hakabamwo inyenyeri zitatu. Ibendera yerakana kandi ko igihugu kiramutswa kikagira n’ijambo. Akamaro k’ibendera si agaseseshwa rumuri ku gihugu.

Ahatari hake, amabendera asigaye ari imirembe, hari n’izifise ibimenyetso bitakiboneka, ari naco catumye hasohoka itegeko ryo kumanura amabendera yose mu kiringo c’amasaha atarenze 72.

Kubanka kugura izindi bendera ngo n’uko zizimvye, umushikiranganji yibukije ko ibendera rigurwa amahera ibihumbi 40 gusa. Aho hakaba habwirwa inzego zose z’igihugu n’abandi basanzwe bakoresha amabendera y’igihugu.

Umushikiranganji Edouard Nduwimana akaba yagabishije abo bose bataza gukurikiza iryo tegeko bitarenze amasaha 72, ko bazofatirwa ibihano n’inzego zibiraba.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.