IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mugongo-Manga: Abanyagihugu barashima ibikorwa vya GIZ

Mugongo-Manga: Abanyagihugu barashima ibikorwa vya GIZ

lundi 29 Mukakaro 2013

Ishirahamwe ry’abadagi GIZ ryaratunnganije amahiganwa mu mupira w’amaguru muri komine ya Mugongo-Manga mu ntara ya Bujumbura, aho ayo mahiganwa yahuje amashure yose yo muri iyo komine.

Mu rukino rw’umupira w’amaguru rero, ishure ryisumbuye rya komine ya Mugongo-Managa rikaba ariryo ryatahukanye intsinzi kuri kimwe ku busa bw’ishure ry’uburimyi rya Majombe. Iryo shure ry’isumbuye rya komine Mugongo-Manga rikaba ryaciye ritahana igikombe c’ayo mahiganwa. Ishirahamwe ry’abadagi GIZ rikaba ryaranatanze n’udushimwe dutandukanye ku banyagihugu berekanye ivyivugo canke amazina ahayagiza amahoro n’umutekano. Ivyivugo vyabaye ivya mbere bikaba vyararonse udushimwe bivanye n’ubuhinga bwakoreshejwe mu kwerekana ivyateguwe.

Ivyo birori rero bikaba vyafashijwe n’ishirahamwe ry’abadagi GIZ, kandi rikaba ryaremeye kuguma rifasha mu bikorwa nk’ivyo. Ubu rero, abanyeshure bari mu kiruhuko bakazofashwa mu bikorwa bazorangurira muri « camp de travail » mu kuzubaka ibibuga vy’inkino.

Abitavye ayo mahiganwa rero, bakaba barashimiye cane ishirahamwe GIZ muri ukwo gufasha abanyagihugu b’iyo komine mu bikorwa nk’ivyo kuko bituma abanyagihugu biyumvanamwo kandi bigatuma banakundana cane. Inkino ngo ziranywanisha abanyagihugu, ari naco gituma bipfuza ko igikorwa nk’ico cokwama kiba.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.