IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yasubijwe mu bitaro

Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yasubijwe mu bitaro

jeudi 29 Rusama 2014

Umunywanyi wa MSD yari yakuwe mu bitaro akajanwa gupfungirwa mw’ibohero rikuru rya Mpimba yagarukanwe mu bitaro. Uwo murwayi akaba yabifashijwemwo n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara, inyuma y’aho urwaruka rwa ADC Ikibiri rwikuriye mu nama yari yatumweko n’umuhuza nyene, kubera ivyo vyari bishikiye Muhizi Roger umunywanyi wa MSD.

Muhizi Roger, ni umwe mu rwaruka rwafatiwe mu ngoro y’umugambwe MSD ku genekerezo rya 8 Ntwarante 2014. Amaze umunsi umwe afashwe, yaciye ajanwa kuvurizwa ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, kuko yari yarashwe ku kuboko kw’iburyo, ubu ukwo kuboko kukaba kurimwo icuma. Kuri uwu wa kabiri, ku bitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore bamumenyesheje ko yotaha, nawe ababwira ko yumva akirwaye, aho mukibuka ko urupapuro rw’ukumusohora rwaziye rimwe n’umutahe w’ukumuhagarika. Inyuma y’ukumucisha muri sentare ikukira Mairie ya Bujumbura, Muhizi Roger yaciye yinjizwa ibohero rikuru rya Mpimba.

JPEG - 42.3 ko
Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD yasubijwe mu bitaro

Ukwo kurungika Muhizi Roger mw’ibohero akirwaye vyahuriranye n’inama urwaruka rwo mu migambwe rwarimwo yatunganijwe n’umuhuza w’abarundi Mohamed Rukara. Kuva aho bumviye ko umunywanyi wa MSD ajanwe gupfungwa akirwaye, kandi bariko bigishwa ukwihanganirana muvya poritike, abanywanyi ba ADC baciye basohoka muri iyo nama, bakavuga ko badasubira kwinjira, bigumira imbere y’inyubakwa iriko iberamwo inama, abandi barabadanya bo muyindi migambwe.

Umuhuza w’abarundi yaciye afata ico kibazo mu minwe, Muhizi Roger akaba yaciye agarukanwa kwa muganga mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, ari navyo vyatumye abanywanyi ba ADC Ikibiri basubira mu nama. Muhizi Roger, umunywanyi wa MSD, ubu akaba yarakuwe mw’ibohero rikuru rya Mpimba, arwariye mu bitaro Prince Regent Charles.


Egide Nduwimana

Messages

  • Nibamuvure akire amaherezo niharyanyene mu mpimba,Mwibaza kwiyonama izokwamaho yokuzokwitwaza ngo mucamuyivamwo.

  • Naho yari kuguma mu mpimba ntaco vyari guhindura kuko n’ubu azova ngaho hama asubire atahe mu mpimba aho yakoreye.

  • @Nyoko!!Nayo Mama ndaz,iyari.abahutu ntimug,irimitima womenga mwar,iyimiruka abo mushira mumpimba ejo nibo buca babasubirira namwe musubire kwisuka no mugikoni niko kazi mushoboye.nyoko uzobaze amamuko yanyu nico mwakora imbeyuko udebagura ivyudebagura!

  • amagara ni katihabwa navurwe akire nimba harico ygirwa naho azobazwa hanyuma(arware akira)

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.