IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muramvya: Buramatari mushasha asabwa gutwarira bose

Muramvya: Buramatari mushasha asabwa gutwarira bose

mercredi 13 Munyonyo 2013

Inyuma y’aho buramatari yahora atwara intara ya Muramvya Oscar Ndayiziga asubiriwe n’umupfasoni Daphrose Ntwengambabaye, abanyagihugu basaba uyo mutegetsi wabo mushasha ko yokora nk’uwo asubiriye mu kwubahiriza ibidukikije n’ugutunganiriza bose.

Nibizi Mariko, umunyagihugu wo mu ntara ya Muramvya, akaba avuga ko Ndayiziga yakoze ibishoboka vyose mu kworohereza ibidukikije, mu gihe ibiti muri iyo ntara vyari vyarahonejwe n’abarongoye intwaro mu kwikika inyuma y’ingorane zihitiye mu gihugu. Ndayiziga rero akaba yarashoboye kugarukira ibidukikije muri iyo ntara, arubahirisha ibitatara vya Leta, abantu barabitinya, gushika yaho atawashobora guca amakara mu bitara vya Leta.

Buramatari mushasha Daphrose Ntwengambabaye akaba asabwa ko yokwitwararika ibidukikije, agakurikiranira hagufi abaca amakara, n’abandi bose bagira imbaho. Ikindi asabwa n’ugutwarira bose, mu gihe hari abatware kenshi usanga bashira imbere umugambwe baba baturukamwo, no mu gutunganiriza abanyagihugu bagashira imbere akamwana wa mama.

Iyo ntara ya Muramvya ikaba iri mu ntara abanyagihugu babanye neza mu budasa bwa politike, naho bishika ibere rikayaga, abategetsi basukamwo mabisi kare.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.