IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri CNIDH basaba abatwara kwubahiriza amasezerano igihugu cateyeko (...)

Muri CNIDH basaba abatwara kwubahiriza amasezerano igihugu cateyeko umukono

vendredi 21 Ruhuhuma 2014

Umurwi w’igihugu wigenga ajejwe agateka ka zina muntu mu Burundi urarajwe ishinga n’ikibazo c’ubwigenge bw’abanyagihugu, cane cane muri iyi minsi amatora ariko aregereza. Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru wa CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) yibutsa abatwara kwama bisunga amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateyeko umukono mu bijanye n’ubwigenge.

Mu murwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu mu Burundi barashima intambwe abarundi bagezeko mu kwemera kwicarana bagahanahana ivyiyumiro ku ndinganizo z’integuro z’amategeko canke ibindi biraba ubuzima bw’igihugu. Batanga akarorero k’inama yahuje abanyeporitike bariko biga urupapuro ndongoranzira rw’amatora yo mu mwaka w’2015, hamwe n’ibiganiro biheruka gutunganwa n’inama nshingamateka ku bijanye n’ihinyanyurwa ry’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Furera Emmanuel Ntakarutimana, umukuru wa CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme) arashima iyo ngendo, ariko akanegura kubona hakiri ingorane mu bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’ivyo abanyeporitike bemeranije, ari naho icuka kibi gica gitangurira, umugambwe uri ku butegetsi ukarabana ribi n’imigambwe itavuga rumwe nawo.

JPEG - 22.1 ko
Furera Emmanuel Ntakarutimana, arongoye CNIDH (Commission Nationale Indépendante des Droits de l’Homme)

Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo kuwa kane, umukuru wa CNIDH, Furera Emmanuel Ntakarutimana yibutsa ko mu gihe Uburundi burimwo c’ukwitegurira amatora ariho agateka ka zina muntu n’uguhungabanya ubwigenge bw’abanyagihugu bihora bihungabana, ari naco gituma Reta yokwibuka ivyo yiyemeje mu masezerano atandukanye y’ukwubahiriza agateka ka zina muntu yateweko umukono.

Furera Emmanuel Ntakarutimana ahamagarira abanyeporitike kwama bashira imbere ukwihanganirana, ibiganiro hamwe n’ukuja inama mu bibazo vyose vyoshika. Ku banywanyi b’imigambwe nabo bahora bahohotera abandi, umurwi CNIDH ubibutsa ko naho boba batumwe n’ababakurira mu mugambwe, bakabatuma mu bikorwa bigayitse, ntibibuza ko ivyo bazokora nabo nyene bazobihanirwa mu butungane ku gatwe kabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.