Accueil > Amakuru > u Burundi > COSYBU basaba umukuru w’igihugu guhagarika agatotezo kariko kagirirwa (...)
COSYBU basaba umukuru w’igihugu guhagarika agatotezo kariko kagirirwa Claudine Nkurikiye
samedi 21 Ntwarante 2015, par
Umupfasoni Claudine Nkurikiye asanzwe arongoye sendika SYNAPA mu Rumonge amaze igihe aturatuzwa kubera ko yitavye ka kamo katerwa n’amasendika ko guhagarika imirimo kuwa 5 Ntwarante uno mwaka.

Inyuma yaho inani z’amasendika ziri kumwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ari muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye bahamagariye abarundi bose guhagarika imirimo , muganga Ernest Ndabitoreye arongoye akarere k’ubuganga ka Rumonge yaciye yitwarira uwo mupfasoni Claudine kuwa 19 ntwarante uno mwaka muri sentare y’ i Bururi.
Uwo nawe akaba amwagiriza kuba yarahungabanije ibikorwa . Mu birego vyiwe Muganga ndabitoreye asaba umushikirizamanza mukuru w’intara ya Bururi guha igihano uwo mupfasoni Nkurikiye kuko yateye umudurumbanyo abuza ibikorwa vyose mu mavuriro asanzwe ari nawe ayaraba.
Ku bwa Mariya Bukuru ,umunyamabanga nshingwabikorwa w’ishirahamwe COSYBU,avuga ko guhagarika imirimo ari uburenganzira bwa buri muntu wese mu gihe yubahirije ibikorwa bibayabaye. Ivyagirizwa umupfasoni Nkurikiye akaba ata fatiro na rimwe bifise. Yongerako kandi ko bafashe ko baguma hafi y’aho bakorera kugira bafashe mu gihe hoza nk’abarwaye baremvye gose, atari uko bashaka kubuza ko abantu bakora. Mariya Bukuru ahamagarira umukuru w’igihugu gutanga itegeko uwo mupfasoni Claudine Nkurikiye akareka kuburabuzwa, ahubwo agasubira kukazi atakirinze gusabwa.
Floxella Karire
Messages
21 Ntwarante 2015, 20:44, par Onésime NIYOKWIZERA
Aha ! Ntibitangaje,Mana garukira ubwigenge bw’Abarundi n’ukuri turarushe!
22 Ntwarante 2015, 14:04, par willy
ngira haribindi bapfa
25 Ntwarante 2015, 11:30, par Amani Nestor
ahaaa, aho ntiboba bareka kwigira nkabana kandi bakuz, burya umusi atohembwa yoguma atonda ku kazi.