IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muri FORSC bararajwe ishinga n’ubutungane bw’inyuma y’intambara

Muri FORSC bararajwe ishinga n’ubutungane bw’inyuma y’intambara

lundi 17 Ruheshi 2013

Mu ntumbero yo guterera mu mugambi w’itegeko rizogenga umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira mu Burundi, mu runani rw’amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike FORSC (Forum pour le renforcement de la société civile) baratunganije uruganda rwo guhanahana ivyiyumviro ku butungane bw’inyuma y’intambara.

Pierre-Célestin Ndikumana, umuhinga yatanze icigwa yamenyesheje ko ihangiro ry’ubutungane bw’inyuma y’intambara ari ugushira ahabona ivyaha vyakozwe mu ntambara, ukuri kukaja ahabona, maze abakorewe ivyaha bakaruhuka ku mutima. Muri kazoza, ubutungane bw’inyuma y’intambara bufasha abanyagihugu kwiyunga kandi bugatanga ingwati y’ukwubahiriza amahoro, ubwiyunge, intwaro rusangi tutibagiye kurwanya ko ivyaha vyakozwe muri kahise bishobora kwiyadukiza bigasubira gukorwa.

Nk’uko uwo muhinga Pierre-Célestin Ndikumana yabandanije abimenyesha, ukuri nikwo shingiro y’ubutungane bw’inyuma y’intambara. Kubw’iwe, ukuri gufasha abantu kubona co kimwe kahise. Iyo ukuri kutavuzwe, umwe wese agumana ivyiyumviro n’intumbero yisangije, ivyo navyo bikaba bicira inzira ukwihorana. Abanyagihugu iyo bavuganye ukuri, niyo ntango yo kurekuriranira n’ugusubiza hamwe.

Pierre-Célestin Ndikumana yaribukije kandi ko ubutungane bw’inyuma y’intambara bufasha abarenganijwe gusubizwa mu gateka kabo kuko ari uburenganzira bw’abanyagihugu bwo kwitwarira uwuzoba yarabarenganije, ivyo akaba ataho bihuriye no kwihora.

Uwo muhinga yarangije amenyesha ko naho iryo tegeko rizogenga umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuriranira ryamaze gushika mu nama nshingamateka, batunganije urwo ruganda kugira bahanahane ivyiyumviro imbere y’uko ryemezwa n’abatowe n’abanyagihugu kandi ivyiyumviro vyavuye muri urwo ruganda bizorungikirwa inama nshingamateka.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.