IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musaga : Ikibazo c’amazi kiraje ishinga igice kimwe c’abanyagihugu

Musaga : Ikibazo c’amazi kiraje ishinga igice kimwe c’abanyagihugu

mercredi 14 Rusama 2014

Abanyagihugu bo mu makaritiye yo mu Bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, bamenyesha ko ingorane z’ubukene bw’amazi zibarembeje, aho ndetse babona ko igisata kijejwe amazi mu bushikiranganji cabibagiye.

Mw’ibarabara rija ku Musaga, ubona abanyagihugu benshi batondeye amazi, abandi nabo ukababona bariko barashoba amabido y’amazi bayajana imuhira iwabo. Iyo ngorane nk’uko abo banyagihugu babimenyesha, imaze igihe kinini, ariko ukamenga ntaco ibwiye abajejwe intwaro ku Musaga nk’uko bamwe mubo twavuganye babimenyesha, kuko bavuga ko abafise imiduga ya Reta iheza ikavomera abo banyacubahiro, nayo umunyagihugu nawe mutomuto, ayo mazi akayatondera kuva igihe c’isaha y’umunani y’ijoro.

Ikibazo c’amazi rero kikaba kigoye rwose muri iyo komine ya Musaga, ndetse ubuzu bwa surwumwe ukabona ko busigaye bwarononekaye cane, ibishobora ndetse gutuma haba ingorane idasanzwe ku magara y’abanyagihugu.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.