Accueil > Amakuru > u Burundi > Musaga : Iminsi ibaye ibiri amazi ari nk’umuzi w’ibuye
Musaga : Iminsi ibaye ibiri amazi ari nk’umuzi w’ibuye
lundi 11 Myandagaro 2014
Igice kinini ca komine ya Musaga ntikigira amazi meza haraheze iminsi ibiri, icabitumye akaba ari umuyagankuba udakwiriye ahasanzwe hari umugezi mukuru utanga amazi muri iyo komine.
Amakuru ava muri Regideso akavuga ko bariko barakora ibishoboka vyose, kugira ingorane y’amazi muri iyo komine ya Musaga itorerwe umuti vuba. Desire Nsengiyuma umuyobozi w’igisata c’amazi mw’ishirahamwe Regideso, akaba amenyesha ko bariko barigira hamwe ico kibazo n’igisata kijejwe umuyagankuba muri iryo shirahamwe. Asaba abanya Musaga bose gutekana ko ico kibazo kibaraje ishinga nabo.
Mukamenya ko ivyo bishitse, mu gihe hari hasanzwe hari ibice bimwe vy’igisagara ca Bujumbura abanyagihugu bamaze kwandura ikiza ca cholera. Komine ya Musaga nayo nyene hamwe ico kibazo kitova mu nzira c’ikena ry’amazi, abanyagihugu baho bakavuga ko ico kiza kitobasiga inyuma, na rirya iyo komine iri mu makomine y’igisagara ca Bujumbura abamwo abantu benshi, kandi mu buzima butandukanye.

Aristide Nizigire
Messages
11 Myandagaro 2014, 23:17, par gahutu
harabantu batazi nukwisigura.nkiyo umukuru ajejwe ivyamazi, mukaba muzi icamazi amaze kubuzima bwumuntu akisigura gutyo niyi korera mubantu nukuvugako ikibazo kiriko kirirwa .nukuvuga kwari ubwambere bishika muriyo komine?.hakubijamwo agatanga ikiringo bazoba babikosoye vyihuta .yivugirango tugiye kuvyiga mbega igisagara cabujumbura kimaze imyaka ingahe kitagira umuyagankuba nukuvugako abarundi bagiye kubura vyose.abategetsi nkabo botanga imihoho hakaja ababishoboye kandi barahari benshi birateye isoni .ariko kandi vyongeye uwugira isoni nuwuba afise umutima.abo batware ntacobamariye igihugu atari ukukirya