Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu burongozi bwa CNTB
Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu burongozi bwa CNTB
lundi 20 Ndamukiza 2015
Musenyeri Serapiyo Bambonanire yabogojwe mu mabanga yiwe yo kurongora umurwi w’igihugu ujejwe amatongo n’ayandi matungo CNTB (Commission Nationales des Terres et autres Biens)

Nk’uko amakuru ashikira ikinyamakuru IGIHE abivuga, Serapiyo Bambonanire yakuwe n’itegeko ry’umukuru w’igihugu 100/99 ryo ku wa 18 Ndamukiza umwaka w’2015, uwamusubiriye, akaba ari Tharcisse Nkunzimana. Musenyeri Serapiyo Bambonanire rero, akaba yanaheruka kwiyamirizwa na bamwe mu bashingamateka batowe mu ntara z’Ubumanuko bw’igihugu, hamwe n’abanyagihugu, aho umurwi arongoye wagirijwe ko ucanishamwo abahungutse n’abasangwa, ndetse ukagirwa n’ibiturire.
Eka mbere, tukabibutsa ko Musenyeri Serapiyo Bambonanire yari yanageze aho yifatira mu gahanga bamwe mu bategetsi b’intara nka buramatari w’intara ya Makamba, hamwe n’abashingamateka batowe muri iyo ntara, ko bitwaza ibura ry’amajwi kubera umurwi arongoye. Ibijanye n’uwagenywe muri ayo mabanga, tukaba tugiye kubandanya tubibaronderera.
Aristide Nizigire
Messages
20 Ndamukiza 2015, 09:43, par ndamutwenze
Nakugwe nakare ntamuntu wimana yisuka muvya politique!
20 Ndamukiza 2015, 09:51, par Ntacontemanga
Bari bamutebeje,kuko yari umugabo adatamikwa ijambo!
20 Ndamukiza 2015, 10:06, par bibi
Ahubwo nuko ngira afise ubudahangarwa yarakwiye gufungwa.
20 Ndamukiza 2015, 10:46, par GOGO
GUKURWA NIBISANZWE.NABANZE ARUHUKE AGENDEVGUFASHA KIRIZIYA GUHANGANA NABAYITEZA URUBWA BITWA KO BAYIRONGOYE.
20 Ndamukiza 2015, 11:27, par claver
Bari baratevye kuko asize yononye vyishi .bace bamuduga ahubwo kumusaga
20 Ndamukiza 2015, 11:38, par vena
ego nakugwe mugabo Abarundi tuzokweramerako yakuwe tubonyeko babanya Omani bashubijwe inzu yabo mu Rumonge ! Nyakabeto Justin babarundi isinzi yangaza nibabagzrukane hanyuma atabwe munvuto yishure ingaruka zashikiye ababuze abanababo muri Ngagara nahandi aho twovyera bidakozwe gutyi bizobazwa leta
20 Ndamukiza 2015, 11:43, par gasaya
nagende yamara ivyo yahurunganije ntibigaruka
20 Ndamukiza 2015, 11:43, par gasaya
nagende yamara ivyo yahurunganije ntibigaruka
20 Ndamukiza 2015, 12:06, par Bakari
@Ntacontemanga
"Bari bamutebeje,kuko yari umugabo adatamikwa ijambo !"
Womenga abadashaka kuniganwa ijambo bagiye kugera ku mushiro!
20 Ndamukiza 2015, 12:21, par ndayi
gukurwa nikimw ayagumaho nahonikindi non uwusubiriy azoheza asubizutwabo abatwatswe na bambonanir reka nawtuzorabe gishasha azozana
20 Ndamukiza 2015, 12:28, par Willy Ndabirorere
tuvyizere kuyo amusubiriye azotorera umuti amatati y’amatongo ari mu ntara zo mubumanuko asubize umwumvikano hagati yobo
20 Ndamukiza 2015, 13:26, par SABUSHIMIKE
Abasoda b’uburundi nako imbonerakure ngo zahereye muri somalia, al shabab yabarashe ijoro ryose harokotse bakeyi cane. Abamenyeshamakuru bakaba babujijwe kuvuga ibitigiri vyahatikiriye. Imana ihoze abasigaye
20 Ndamukiza 2015, 13:27, par PNB
Aaaaaaaah!!!!! Serapiyo nyakugirimana igire amarembe twari turushe bihagije!reka twizere ko bigiye guhinduka.....
20 Ndamukiza 2015, 13:34, par PNB
Reka twizere ko ibintu bigiye gusubira mu buryo!!!!!!!!!!!!!!
20 Ndamukiza 2015, 13:48, par NDAVUGASIMVURA
mbega aho baduhenda ngo bamukuye yemwe barundi barabonye ko turi impunyi kweri niho bigira nkinda iri mubushambara abantu bakicwa ntihagire uwuvuga abantu bagakererwa nkimpene, iyo nimigambi yabamushizeho bariko barondera ingene botorwa babahe amajwi hama nimwabatora yemwe azogaruka aho nyene muzoba mubibona .
20 Ndamukiza 2015, 14:33, par nzobandora jd
uwugukuye arihaye akamenyo,aridigadiga ariko ntatwenga,tuzogusabira mutama akazi yariyagushinze wariwakaranguye bishimishije aho wosanga uzize ikiringo ca gatatu.
20 Ndamukiza 2015, 16:26, par Nkunduburundi
Nzomwibukira kukuvuga nabi ahubuka, abomoka nk’imanga zo mu Nyaruhongoka mukwa5. Jewe bisigaye bincanga pe!! Basubire muma program yigishwa mumashuri basubizmwo za Philosophie, Sociology, abantu basubire kugira ubymuntu na IDEES na canecane abaturongoye. Ubwoko buragwira pee!!!!!!!
20 Ndamukiza 2015, 16:48, par Nuwera
Ariko jewe abantu murantangaza! None mubonyagiyehe? None hariho amakosha banditse ngaha bavuga yakoze? Bamuciriye umunyororo uganagute? Yaciwe ihadabu ingana gute? Niyaba murivyovyo atanakimwe kimuraba nimumuhe amahoro mureke guconganisha mubijana mwayangeso yogukokeza. Jewe ndaziko ngaha mu Burundi hariho abantubeshi bigeze gukorera igihugu bakagerigihe bagahagarikwa ariko nunomusi turabubaha ekambere harinahosanga bahawe ibindibikorwa bakora, nimurubwoburyo uyomuvyeyi musenyeri ejo azobayahawe ayandimabanga kukontakabi kameagira mugihugu ciwe cu Burundi.
20 Ndamukiza 2015, 17:15, par Lead
Ce prelat a dit depuis longtemps a Nkurunziza que s,il l,embete, il remettra le tablier et se presentera comme candidat aux presidentielles contre lui. Ca serait interessant de l’avoir dans la course .... contre Radjabu.
20 Ndamukiza 2015, 17:46, par Rabelais
Nyakubahwa Imana yakumpaye ikunzigamire!genda amahoro ariko abuhitanye bobo urabahitanye ubu bari mwibarabara!Ha!muzokwicwa nihwa.
20 Ndamukiza 2015, 17:54, par KARIKURUBU
Imvo nyakuri yo guhagarika imyimenyerezo nuko abanyamerika bategetswe ku nguvu kwinziza imbonerakure muri nya myimenyerezo hama UMUZUNGU ASUBIZA ADOLPHE KO ATAZANWE NO KWIGISHA IMIHIMBIRI IGISODA. Baca bafunga imizigo yabo buno nyene, eka amakuru yasakaye ku mudubugu avugako ibimodoka vyari vyazanye imbonerakure vyaciye bisubira inyuma mu bucagucagu bwo kuri uno wa gatanu w’indwi iheze
20 Ndamukiza 2015, 19:22, par venant
Arakagenda arakitwara arakameneka uwo munyamacakubiri yararembeje abenegihugu ...Yakora uko asa
20 Ndamukiza 2015, 20:20, par GOGO
NAGENDE ARUHUKE POLITIKE.ARIKO NAHO BIRI UKO,NUMUKOZI PE.NAGENDE AFASHE UMURYANGO WA EKLEZIYA WAMURUNGITSE.
20 Ndamukiza 2015, 21:34, par Nico
nagende iyo scorpion ahubwo narinzi ngo azahumira ibintu yakora narinziko azokwamaho internellement !!ngo ni mon Seigneur!!! Imana yokuri 21 em siècle yaragowe ndabarahiye!
20 Ndamukiza 2015, 21:55, par Big Gang
Ntibitangaje,ahubwo bari baratevye kumusitura.Naje gusoma misa nimbe akivyibuka!
20 Ndamukiza 2015, 23:04, par santos
Izina rikwiye uyo musenyeri ni SCORPION BAMBONERAKURE kuko yuzuye ugwanko na macakubiri,yemwe yanka izina Mututsi muburyo burengeye ubgenge,mugabo ntawokurenganya c’est ton droit absolu.
21 Ndamukiza 2015, 00:04, par Butigu
AAshhhhiiiiii , temba temba Serapiyo abarundi baruhuke ubukozi bwikibi bwawe , wa mugesera we wumwicanyi....
21 Ndamukiza 2015, 01:18, par vuganeza
uri umusazi vena,ivyo usaba ntibishoboka,bari baranyaze amazu y’abahutu ayabasohoramwo,ntashobora gupfungwa pour ça,nibamuhe ayandi mabanga akora neza!erega ni mba bamukuye ce n’est pas pour vous faire plaisir!
21 Ndamukiza 2015, 01:24, par Yohani
Natembe aratemba nka mwaka, iryo shano ryabunzwe n’amacakuburi. Nagende gusanga ses deux femmes yasambanya akabavyarako agaça abata
21 Ndamukiza 2015, 08:25, par pajos
It’s amazed!i don’t undersand how u ’re ignoring a good man as bambonanire serapius mgr!even if u’re being choosed to be at the head of this commission,u can miss how judge it clearly!u must firstly be a man who haven’t feary coz it’s so difficult to put inside a family somebody who spent 40 year old in same house!also the one who is rejected out can’t glorifie i that u practise a good thing on him!whoever replace him must accept to be spoken badly except when he’ll do his work badly!
22 Ndamukiza 2015, 21:49, par Ndimubansi
Niyumvira ko iyo mivumo mumushirako izoheza ikabagarukako kuko Imana niyo yonyene izi ko yakoze neza canke nabi mu bikorwa yarajejwe.
23 Ndamukiza 2015, 03:42, par Nderagakura
@Butigu
Hewe ga Butigu, uraraba neza ko utari mwishwa wa Micombero yamariye abahutu b’abarundi kw’icumu abahora uko bavutse, abandi arangaza, ukamenga we ntiyopfuye canke ngo yangazwe. Serapiyo nimumurekere amahoro yiwe, kuko ata muntu numwe gushika uyu munsi aragandagura amuhora izuru yavukanye. Muramenya kandi ko ata bubisha busumba kwica umuntu waheza ukamunyaga ivyiwe vyose ataco agusumvya. Nimutuke ababahenze, bakabaha ibitari gwabo kugira mugume muri abaja babo kandi kuba umuja murazi ko ata bukiriro burimwo.
23 Ndamukiza 2015, 09:02, par nijipis
Monsieur Serapion,umve uyumugani: Ntugaseke amakuba yamuka so utazi ayishe nyoko. "bisigura ko ivyo wakoreye abarundi bamwebamwe mudasangiye ubwoko canke umugambwe mukubangaza no mukubakura muvyabo,mugutwara abana buburundi mumpimba yamusaga kuko bariko barakoma induru kwuriko urabanyaga ,ubangaza,ubakura mutwo base babarondereye,nokwibutsa irijambo rivuga ngo: "Imana ntishinyagurizwa".Hama igihe Kayini yica mwene wabo Abeli Imana yamubwiy ngo: amaraso yamwene wanyu ariko arantakambira. naw amaraso yabo wanyaze utwo birondereye namarira yabo baguye kumusaga kubera akarenganyo kaw,nayone ariko aratakambira Imana.rindira gato biracaza...
23 Ndamukiza 2015, 09:51
muhuza