IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Musenyeri Jean Louis Nahimana : Ukuri kuzova mu barundi nyene

Musenyeri Jean Louis Nahimana : Ukuri kuzova mu barundi nyene

vendredi 5 Kigarama 2014

Inyuma yo kugenwa kugira arongore umurwi w’igihugu wo kumenya ukuri no gusubiza hamwe (Commission Vérité et Réconciliation), Musenyeri Jean Louis Nahimana, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yamenyesheje ko ukuri arikwo kuzotuma abarundi baba abidegemvya

IGIHE : Musenyeri Jean Louis Nahimana yoba ari nde?

Musenyeri Jean Louis Nahimana : Nahimana Jean Louis ni umusaseredoti muri ekereziya katolika muri dioseze nkuru ya Bujumbura. Navutse mu 1964, mvukira mu gihugu c’Ubufaransa mu gisaga citwa Rennes. Abavyeyi banje bariko baranonosora ivyigwa, umuvyeyi wanje ’’Papa’’ akaba ari mu baganga ba mbere bo mu Burundi. Data yitwa Nahimana Yozefu hama mama Niwebasa Regina.

Mu buzima bwa minsi yose, Musenyeri Jean Louis Nahimana yoba akunda iki?

Ndakunda cane kwinonora imitsi "Sport", nkaba ngira urukino gwa karaté mfisemwo "ceinture noire", nkaba kandi ndanarongoye ishirahamwe rya karaté mu Burundi "Fédération nationale de Karaté’’.

Hari abavuga ko Musenyeri mwoba mukunda kunwa agatabi vyoba arivyo?

(Atwenga kandi atangaye) Oya sinkunda kunwa itabi, ariko biracamwo rimwe na rimwe, ariko nkakunda guterama, no gusangira n’abagenzi kuko ndakunda ikiyago.

Mu buzima bwanyu mwoba mushira imbere iki? (les vertus)

Ikintu ca mbere nkunda cane kandi ngerageza guharanira ni gushira hamwe, ndakunda kubona abantu bakundana... Nico ndetse kintuma numva norondera abagenzi. Ariko naho ndondera ubugenzi, iyo mbona ata bugenzi nyakuri bushoboka, tutabanye mu kuri, ubwo bugenzi nopfuma nca ndabureka. Ico nanka cane naho, sinkunda abantu batavuga ukuri, abantu biyorobeka, batazi gutumbera ijambo, birambabaza gose.

JPEG - 61.8 ko
Musenyeri Jean Louis NAHIMANA : Ndi umwe mu barundi bavanze, kuko navutse ku muvyeyi umwe wo mu bwoko bw’abahutu, uwundi akaba ari umututsi. Urumva nanje narabuze ku mpande zompi, ntacovuga ko nohengama ntagira aho mpengamira

Mwoba mwayakiriye gute amabanga muheruka gushingwa ko tuzi ko ari umugwi ugiyeho inyuma y’imyaka myinshi abarundi bari bawiteze, bagifise ibikomere. Mubona muzoshobora kurangura neza iryo banga?

Ni iteka natewe ivyo sinobideha, aho abantu banyizera. Iciza n’uko ayo miziro abantu banshizemwo, noshobora kubakorera neza, nkabashikira kuvyo bipfuza. Hama nivyo ndazi ko ari igikorwa kitoroshe, umutwaro uremereye ariko ayo mabanga narayemeye, kuko ata yindi nzira abarundi dufise kugira dusubize hamwe, dutegura kazoza keza. Ico gikogwa kiragoye cane kuko muri kino gihugu hari imitima myinshi yakomeretse, hari n’abahahamutse atari bake, kumbure kubera umubabaro. Hari abaremerewe nabi cane, ivyo rero bikazodusaba ubwitonzi bwinshi, kumviriza bamwe n’abandi, gutegera ivyo baciyemwo, ivyo babayemwo kugira dushobora gushira ahabona ukuri, nk’uko Yezu yavuze ati : "Ukuri niko kuzobagira abidegemvya".

Muva mu bwoko bw’abahutu, tukaba tuzi ko mu rwimo Uburundi buhitiyemwo, yaba abahutu canke abatutsi, bose baragirizanya. Mwotanga umwizero ko hatazohava habamwo ugupfukira uruhande rumwe?

Nk’uko mubivuze nivyo, ivyabaye muri iki gihugu bigatuma abonse rimwe basubiranamwo, n’uko twibagiye ko Uburundi ari umurima rusangi kuri bose Imana yaduhaye. Ukuri turiko turarondera kugira tumenye ivyashitse mu gihugu si uwo mugwi wa CVR ugufise, ahubwo ukuri kuri mu barundi, twebwe ico tujejwe ni ugutegura ikibanza, gushiraho uburyo bukwiye bufasha abarundi kuvuga atabwoba bafise, si twebwe tuzoja kubatamika ijambo. Numva bitoshoboka ko noja gupfukira uruhande rumwe, kuko ukuri kuzova mu barundi nyene natwe tubumvirize.

None nivyashika mugahengama naho ga Musenyeri

(Asa n’uwutangaye) : Urakoze cane kuko ico kibazo kirahambaye, nivyashika nkahengama nari umuntu w’Imana, kubera mva mu bwoko bumwe muburi mu gihugu c’Uburundi, abarundi ntibashime ivyo nzoba ndiko ndakora, ngira boca barondera uwundi atava muri iyo miryango igize Uburundi. Ariko ico nobabwira n’uko jewe ndi umwe mu barundi bavanze, kuko navutse ku muvyeyi umwe wo mu bwoko bw’abahutu, uwundi akaba ari umututsi. Urumva nanje narabuze ku mpande zompi, ntacovuga ko nohengama ntagira aho mpengamira (aca arantwenga)

Ni akahe kamo mwotera abarundi?

Umurundi wese numva nomuhamagarira gukorana neza n’uwo mugwi kugira dushobore gukiza imitima iremerewe y’abantu bahahamutse, kuko ukuri niko gushobora gufasha abarundi n’Uburundi gutegura kazoza keza, abantu babane neza, banasubize hamwe.


Alida Sabiteka

Messages

  • Jean louis Nahimana nimuze twse tumushigikire mu mirimo mishya amaze gushingwa reka tumurangize rurema izamushoboze ayo mabanga kandi abayamushinje baramwizeye kandi bamubonamo ubushingantahe akeneye inkunga yacu

  • Jean Louis,

    Kubana neza ku Barundi ntawuvyanse. Kandi niko bitegerezwa kumera kuko ubwenegihugu ni ubwa twese.

    Kugira Abarundi tukwizigire, utegerezwa gusaba Reta igikwirikira:

    Ko CVPR urongoye (kuko si CVR tuzi ya Arusha) idashobora gutangura ibikorwa hadashizweho Tribunal Special (mpanavyaha) yakira abo mwumviriza bifuza ko urubanza rwabo ruja mu butungane.

    Aha niho woba werekanye votre droiture. Nayo ivya Pardon na Verite, ntimubitwigishe kuko koba ari ukutugaya.

  • Nyakubahwa Mukozi w,imana, amabanga mwarimusanganywe, arahambaye nikimenyamenya nakokantu mwambitse mwizosi! igihe mwasigwa avuta, mugasengegwa. murivyo muriko murabazwa, ingene muzovyifatamwo, muruyumugwi mushizwemwo ngomuwurongore, mwarimwarabihawe, mwarimubijejwe atawubahagaze kugakanu, ata matora yabanje kuhaba! musanzwe muri abanyekana mwahawe nimana, yonyene! nabantu murongoye ntibagiribitigiri kandi nomuvyomwabakorera nubumukiriko namabanga mwikoreye aremereye, kandi cane mugihe gukwiye nikidakwiye, ariko Ubu aragabanuwe nabafise inyama namaraso, ugiye gukora utanga rapport, kare wari wiyagira nimana, none ugihe gukanurigwa amaso, kandi nkukebura muri diocèse murongoye murashinga kandi muzemubikore muhe abazobikora , kuko icogisata kirasanzweho(cancelling) mubamenyesha mana Bose. kandi nahutokwiriwe uravanga amadossier iwawe muri diocèse wobikoreye yo kuko ninabenshi bashikiwe nivyo rero mumwidegemvyo wobikora kuko niryobanga. twizereko mubomwarimusanganywe muri diocèse kowabirangije! ndangije ndabasabira kumana ngo umurimo wahawe niyo ntuzudehe. imanigirire beza abarundi nu Burundi

  • Mubindi bintu biguma vyibonekeza mugihugu, kandi uhereye kuva kera, nitangwa ryamabanga mubasanzwe bafise umurengera wamabanga yandi. ntamurundi ayobewe kwiyumuntu ahawe amabanga ataba yongewe nibijanye uturusho tujanye nayomabanga! ivyonavyo vyamavyimonogoje, kandi bikakarengako. ugasanga umuntu afise ivyoyashizwe na leta ahandi amashirahamwe, yomugihugu canke mpuzamakungu, ugasanga arimumabanga atuma atanaronka umwanya ukwiye wogushobora gukwira ahohose yahawe ivyarongora! mukinofunofu(cumul de fonction) ivyonibintu bikwiye gusezeregwa, nukurenzurugero, nugukenesha abandi kuko ntakindi kibakibituma inyungu mbi! abarundi twikebuke, dusangire kuko iterambere siryabariya nabariya gusa, rigira ikimazi rikwiye hose. nihoninzankano zizoteba zikahava, kandinubusuma bugwirirana kubera iryokumirana. igihugu turagisangiye, ntanyagupfa nanyagukira twonserimwe, bive mumajambo bije mungiro. kubatwara nimuhabandi umutwaremwiza atwarira Bose, sangiza mugihe ugifise uwomwanya, gabanganiriza abandi nabo, kuko abowima baribabikwiye ngonuko batavahamwe nawe canke ubwoko cankibindi mudahurijeko, uracagoramitse ibihe, ejo abobose nibobazokuvuma, kandi uzuvyemere kuko niwe wagoramitse! abarundi ntidusoma cane kandi ntidukwirikirana amajambo yanditswe canke yavuzwe ngotuyabike mumitima yacu! ijambo Umuganwa atari umugani Rwagasore Louis igihe yatsinda amatora canke Président Ndadaye Merchior , namajambo yukugenderako, ndangije nsaba indongozi , zose ahozitumbereye ngozibuke ko Igihugu arumurima rusangi Imana yagushikanye kugwego ugezeko irafise amaso natwenyene turakugenzura kuko turikumwemwisi ntimwibaze ngo iyomwubaka ntitubimenya, iyomuteyimbere ntitubibona, mwubuke rero konabandi bategerezwa kugira ahobashitse! korera igihugu erega nabantu ubukoreye! nihonimana nizohezagira ivyovyose mukora nayahandi tuzokwama muruhagarara nkuko biri. duhinduke dukore neza twagure dutezanyimbere, boyekubabandi gusa murakoze

  • AYO MABANGA AKWIRIYE UMUNTU YUBATSE AFISE ABANA ABANTU BAZI INGORANE UYO NTANIKIGONGWE AFISE

  • Sha ABA Hutu tugowe tukiriko. President WA commission Icimirane, ndinde atazi ko Ari umu Tutsi? Ngo navukiye muri France, muri 1964 interessant. Mbe uyo muhutu yaronse chance yo kuja muri France muriyo myaka ninde? Hama Ngo vice-president umututsi. Reka tubicishe mubiharuro. Donc ABA Tutsi 75% abahutu 25%. Noneababa Hutu tuzoba abande? DD reka kuba ibijuju bigeza hiyo. Iyi commission niveho hakiri kare itarazana akarambaraye.

  • Tabaranya hakiri kare: nta muntu w’imborerwa nka Jean-Louis ashobora kurongora commission ihambaye nkiyo. Si ivyo ndiko ndementanya abamuzi barabizi kandi nawe nyene ahejeje kuvyivugira ati "ndakunda guterama". Ntawuyobewe insigure yo guterama mu Burundi. Commission nkiyo ikeneye umuntu lucide atavugishwa n’umwambiro. Ndabuvuze sindabubeze. Ariko kandi ndemera ihinduka rya muntu.Ndizera ko ashobora guhindura ingendo naho agatoki kamenyereye gukomba kama gahese.

  • Ariko harico nashaka kwibariza! None uyu mutegetsi yoba koko ari Musenyeri wo muri Katolika canke n’akazina kiwe kubuhizi! Agatabi ntikamurwa nabi akayoga koko na Papa arabizi ko gakwerwa! Karate nazo ni Maitre none umwanya wokwigisha abakirisu jeho mbona atawe agira kuko ajejwe amabanga y’Igihugu menshi. Kweli!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.