Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Musongati : Abanyagihugu basaba inyigisho ku bijanye n’ihindagurika (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Musongati : Abanyagihugu basaba inyigisho ku bijanye n’ihindagurika (...)

Musongati : Abanyagihugu basaba inyigisho ku bijanye n’ihindagurika ry’ibihe

lundi 2 Ntwarante 2015

Abakenyezi bo muri komine ya Musongati mu ntara ya Rutana, bamenyesha ko ihindagurika ry’ibihe riri mu bituma umwimbu ugabanuka muri iyo komine yabo.

Abo bakenyezi rero bakavuga ko uretse ko iyo hatse uruzuba ruza rwonona imirima, eka n’imvura iguye imirima irahasigara. Stéphanie Niyonkuru umurimyi akaba ari n’umukuru w’umusozi wa Shanga, avuga ko kubera uruzuba hamwe n’imvura, abarimyi bo muri ako gace bugarijwe na kigoyi. Amenyesha kandi ko ata n’uburyo na bumwe bundi bashobora kuronka amafaranga yo kwisununura, atari mu vyo baba bimbuye.
Kubera ubwo bukene rero bw’imfungurwa hamwe n’amafaranga, akavuga ko abana bataronka amafaranga yo kubagurira ibikoresho vyo ku mashure co kimwe n’amafaranga yo kubavuza.

Abakenyezi bo kuri uwo musozi wa Shanga, bakaba bamenyesha ko ubu bijukiye gutera ivyatsi bikingira inkukura imirima yabo, kugira imvura iguye ntiheze ngo ibatware n’imirima. Uwo mukenyezi rero agasaba Reta ko, yokora ibishoboka vyose igakurikiranira hagufi ikbazo c’ihindagurika ry’ibihe, bibaye ngombwa, abanyagihugu bagahabwa n’inyigisho zijanye n’iryo hindagurika ry’ibihe.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.