IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mutakura : Ikinogo cahambwemwo abantu 30 cabonetse

Mutakura : Ikinogo cahambwemwo abantu 30 cabonetse

lundi 29 Ruhuhuma 2016, par egide

Ikinogo cahambwemwo abantu benshi catowe muri karitiye ya Mutakura kw’ibarabara ry’icenda. Ibisigarira vy’abantu batatu akaba arivyo vyakuwe muri ico kinogo kirekire, ariko abacerekanye bakaba bamenyesha ko cahambwemwo abantu bagera kuri mirongo itatu.

Ico kinogo cerekanwe n’igiporisi c’Uburundi, ku makuru bavuga ko bahawe n’umwe mu banyagihugu baheruka kwishikana. Uwo yishikanye akaba ariwe yerekanye aho ico kinogo kiri, yongera yerekana n’abantu avuga ko bahamvye abo bantu.

JPEG - 30.4 ko
Abantu bagera kuri mirongo itatu nibo uwerekanye ikinogo avuga ko bahambwemwo

Umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Freddy MBONIMPA, yamenyesheje ko ibisigarira vy’amagufa y’abantu batatu arivyo vyonyene vyatowe muri ico kinogo nk’uko twashoboye kuvyibonera, ariko akavuga ko amakuru bahawe ari uko hari n’abandi bari muri ico kinogo biboneka ko ari kirekire.
Ivyo bisigarira vyatowe muri ico kinogo vyari bitekewe mu magunira, ibindi mu bintu umenga ni imisegetera.

JPEG - 20.6 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Abo banyagihugu bafashwe berekanwe n’uwo avuga ko yishikanye, bamenyesha ko ivyo bagirizwa ari irementanya. Umwe muri abo bafashwe yari asigaye akorera mu Kinama, uwamwerekanye akamwagiriza ko ariwe yahamvye abo bantu, akaba yahora aba ku Mutakura kurya kane, mu nyuma aca aja kudandariza muri komine ya Kinama.

JPEG - 161.2 ko
Ico kinogo catowe muri parasera biboneka ko imaze iminsi myinshi ata bantu babamwo

IGIHE

Messages

  • Nibindi binogo bizotogwa.
    Iryo nirempentanya nimwemwabishe none ngo ni uwishikanye.Toka kure
    Muswaganyirize hiyo.Puuuuu Imana izobahana

  • Biratanguye kumenyekana mwaza murabica mukagiriza reta kanatsinda abo kumutakura reta ntuyohivye ikinogo ntimubibone kuko iyo mutakura abasindumuja mwayigize camp yigusida sisinzi ngomuzosubirakwireguziki

  • Biratanguye kumenyekana mwaza murabica mukagiriza reta kanatsinda abo kumutakura reta ntuyohivye ikinogo ntimubibone kuko iyo mutakura abasindumuja mwayigize camp yigusida sisinzi ngomuzosubirakwireguziki

  • Heee nihomutakura atamuntu yayinjira atari mubagize imyiyerekano kumbe baribaragize nakaburi KO gutamwo aba cndd baramenyekany basi uyo mudandaza nibamukoreko amatohoza ntiyitwaze irementanya.

  • Ntacanyegejwe kitazomenyekana canke gihishije kitazoshirwa ahabona! Kubera mufise amahera mutanguye kuremeka inteba ishushe ababuze ababo kugira vyitwe ko aribo bishe abantu! Bitebe bitebuke igihe kizogera Imana yoyo itarenganya ice urubanza rw’ukuri, ntawuzobeshera uwundi. Uwoshaka yokwihana bigishoboka!

  • Naguyemumazi Mbonye Iyonkuru Ndateye Ivyatsi Abobabisha Bakoze Iryoshano Kandi Ndahojeje Imiryango Yabuze.Ndasavye Abobantubariko Barica Babihebe Banasabe Ikigongwe Kuko Imana Izobibabaza Bahanwe cane.Nibishikane.Turekekubura Abarundi Bacu.

  • petero aribaza nkabo bishwe bosi nuwobataranya yobasumba nawe bazomwina ipiripiri

  • mwitondentimujaniranye,kuko uwishabantu.utarinkimbonerakure kugumahowakoreyikibi.usangabigoye.retanivyobasabanirekehazemaprobu.bakurikirane izongorane

  • BAZOZA BAFATWA UKONYENE AMARASO ARAHUMA BARIBAZIKO BITAZOMENYEKANA ABOBAMENJA NIBABASIRE NABO MURICO KINOGO BATAYEMWO ABANDI

  • Reka Kwararaza Mwankozi Zibibimwe Nayandi Muzoyavuga Imana Izobikora

  • Mutangire mu byerekane mwenyine itohoza ritaraza.

  • Birumvikana baryabantu Pacifique Nininahazwe yariyashize mwibarabara ukareba ukuntu baturira abantubabona ndemerako ngaho Bujumbura harihabantu beshi bishwe nabo kuko biryabintu babagaburiye mubiryo barabishe urubozo nivyobatazi kuko inyumayoguturira abantu murabona ko batandukiriye kutera amagrenadi mubantu atakinya atabwoba . shamwaragiye ahabona nubu ababinwakoze aracabakurikirana nejo muzorindamupfa mukiyahekereye kubitugu nkumurwayi winyizo ipuuu mwaravumwe n’Imana murakihana.

  • sha mwakinye poritike kera none birabatekurukanye mbe konzi ko kumutakura haba abatutsi benshi reta yari kuhimba ico kinogo ntimubibone? rindira mwinshe kera ubuho twarabahinyuye rindira imana ibagaragaze!!!

  • Abo ni abo Pacifique Nininahazwe , Vital , Sinduhije bicishije.Baragiye batwika abahutu nyuma barangije bashyira nomubyobo bya Rusange!!! Sondumuja ariko arakora ibyo base bakoze 72..Il faut lessiver ses imbeciles

  • IMBERAKUR IMWE MUZAHAMVYE ABO BANT ZIRAHAY KWISERURA!EEH NGO NUMURWANYI?MURAHENDE BANYOKO BATIZE!

  • Nakajegeza ! Hariya Ni Somalie Kuko Ntakinga Ntamoto Canke Bajaje Na Taxi-voiture Bijayo Kuberiki? Haravumwe Hariya

  • j nsimbona ikibatera kumarana,amazuru ayo.o! Muzozira ubusa nukuri.abatwa bo baritwengra ntibarimwo!ishusho yImana ngiyo mwazimanganije,j nanj ndab iyobihrra nukuri hari igihana curupfu rubi kubabikora

  • Jewe ubwo bugabo burantangaza,iyo porotike yabo yaratayigihe abo bantu bagandaguwe nacagi porice ni gisirikare cha Nkurunziza. uyo muntu nawe bavuga yuko ya beretse icokinongo, niza bonerakure bahereza amahera ninkoho ngobabafashe akanyabujuju. ivyo binogo igiporisi nigisirikare basazwe babizi kuko nibo bavyimvye ako nakarementanya kateguwe rwejo ntibazovyagirizwe,ahubwo nibabandanye kwerekana nibindi aho bavyimvye bazoba bakoze.

  • ikinyoma gikubitirwe ahabona
    aho bama bavuze induru ngo reta niyo ihamba abantu mubinogo, ahubwo ntibamaramara.
    nibirwanisho bagiriza imbonerakure mbona aribo babifatanwa.
    ikinyoma kimara umusi ntikimara umwaka

  • Ico nzi co nuko ibi bazobishira ku banse mandat ya gatatu kugira Leta y’Uburundi yikureko amabi yagirizwa kandi yakoze! Quel incompétence vraiment!!

  • Abantu bubu boba bagwaye, ibintu vyose ni iremenkanya, na Yesu azorinda aza mu kivuga Ngo ni iremenkanya

  • Ngomba mbaze le mamifere, mbe mu Burundi hasigaye hari umberakuri imwe

  • Ngiyi rero incapacité ya régime Nkurunziza. Abapolici n’abasoda vyarabananiye gukingira abanyagihugu, umwansi arica abantu kandi beshi, arahamba ata nkomanzi. None mwari hehe? Ni ikimenyamenya ko mufise ubushobozi buke. reke rero babibomekeko kuko vyarabananiye gukingira abantu. Ntimurategera ko umwansi yabaviriye hasi kansi azoshirwa muhenutse. Mwokwumva ayo Louis Michel yashikirije ejo mwotangara.

  • kotuvyanka kwarabishwe nizego nyambaribikoko?vyishwe baterera mukinogo yewe burundi nitwikubitagashi twemange

  • @ Kira, erega abasoda naba police nibo babishe babajugunya mubinogo, ntamwanzi wundi wishe abenegihugu ku mutakura atari aba police ni imbonerakure

  • @Kira, ubivuzeneza ko abigaragamvya barikozi zibibi. Ariko hariho akantu wihenze ngombandagukosore , Abajejwe umutekano wu Burundi ntahobigeze bananirwa gucungera umutekano ahubwo abonyene bavugango barungike abasoda mvamakungu muburundi ngobaze gucungera abarundi nibobabwira abajejwe umutekano ngo nibareke abakumutse ngokuko barimumyigaragamvyo bemererwa namategeko maze abobagumutse mukwica abantu bagacabivayo. Hariho ikindingombandakubwire harya ubona baryabari mwiryamigumuko barishe abantubeshi baribiganjemwo aba DD nabakunzi ba Agathon, nabakunzi ba Concilia Nibigira. Ikindi ntorangiza ntakubwiye nuko wiwari numu UPEDE Zigamibanga Zedi Feruze, yeretwe urutonde rwukuntu ibintu bigiyegukurikirana naharya baribatanguje imigumuko amaze kubonamwo koharimwo nokuzokwica abategetsi nogutera amagrenadi mubantu batarobanuye bamwireka ukuntu ububiligi nu Rwanda vyamaze kubenerera ubufashamwose bwaba ubwibirwanisho namahera yoguha abazozabarashira mungiro ayomabi kokandi etc Zedi Feruzi ntiyariye umunwa ntiyazi kobamaze kubibikoko yaciye abiyamiriza kwiyo atariyo politike yiwe ntakundi yamafranga yababirigi bacabarayakoresha mukumwicisha kukobaribabonyeko azohava abamenera ibanga ariko yariyamaze kubibwira umuntu umwe arinaho iyinkuru twayikuye.

  • Murahe Murahinyuka,Imana Ntishobora Kwemera Ko Mubandanya Muniga Abana Bayo,rindira N’ibindi Buca Vyubuka Za Cibitoke,nyakabiga,jabe Eka Namusaga!

  • aahaaa numva bigoye bakavuga ngonurusaku ubuninde aharira murabo bategetsi uwabikoze azavyishure numuryango wiwe kuko nanje shobora kuba naburiye aho yibaza ko bitamemyekamye barayamaze ngo uwubundabunda abonwa nuwuhagaze kandi ntiyibagire ko umanika agatu wicaye mukukamanura ugahaguruka.

  • Ohoooo!Nne Abo Bantu Bahogwa iki?Imana Nigarukire Uburundi.Umukuru W,igihugu Ntiyobuza Abo Bant Bica Aband.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.