IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Muyinga : Umurima w’umukuru w’igihugu watewe n’impanuka y’umuriro

Muyinga : Umurima w’umukuru w’igihugu watewe n’impanuka y’umuriro

jeudi 25 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Umurima w’ibitoke n’inanasi w’umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA uri muri komine Muyinga mu ntara ya Muyinga watewe n’impanuka y’umuriro wadutse mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu. N’ikirindiro c’abasirikare kiri hafi y’uwo murima carashikiriwe n’uwo muriro.

Abajejwe intwaro muri iyo komine bamenyesha ko biboneka ko uwo muriro wiyadukije, ukaba wabonetse nk’igihe c’isaha icenda zo ku muhingamo wo kuri uwu wa gatatu, ukaba watanguriye hafi y’ikibuga c’umupira kiri ku musozi Kavumu.

Uwo muriro watanguriye ahari itongo riragirwamwo inka z’umukuru w’igihugu, abanyagihugu hamwe n’abajejwe intwaro bakaba baranyarukiye kuzimya uwo muriro, ariko ubabana mwishi cane, baca batabaza abasirikare kugira babafashe.

Muri iyo mpanuka y’umuriro, ibitari bike vyarononekaye, n’ikirindiro c’abasirikare kiri hafi y’uwo murima kikaba carashikiriwe n’uwo muriro.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.