Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Brarudi isaba imbabazi ku tunenge twibonekeje muri Primusic (...) - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Brarudi isaba imbabazi ku tunenge twibonekeje muri Primusic (...)

Brarudi isaba imbabazi ku tunenge twibonekeje muri Primusic 2013

dimanche 15 Nyakanga 2013

Mw’itangazo ishirahamwe Brarudi rishize ahabona ku bijanye n’ihiganwa rya Primusic ryo mu mwaka w’2013, rimenyesha ko ihiganwa ryaraye rirangiye hatowe Matabaro Patient.

Muri iryo tangazo rero, ishirahamwe Brarudi rikaba rishimira abamenyeshamakuru, abaririmvyi bakurikiranye amahiganwa mu ntara zose ukwo zingana, abahiganywe, ndetse rikaba ritibagiye gushimira umupfasoni Denise Gorden ava mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika yafashije abo baririmvyi, bagashika ku ntambwe baraye berekanye. Ishirahamwe Brarudi kandi rirashimira cane abaririmvyi bitabiye iryo higanwa, rigashimira Farious vyagaragaye ko akundwa n’isinzi ry’abantu, co kimwe n’umuririmvyi Jaguar asanzwe avuka mu gihugu ca Kenya.

Ishirahamwe Brarudi kandi ntiryibagiye gusaba imbabazi umuririmvyi Jaguar n’abakunzi biwe, kuko atashoboye kuronka akanya kugira aririmbe. Iryo shirahamwe rikaba rirangiza itangazo rimenyesha ko utunenge twibonekeje muri Primusic y’uyu mwaka, tutazosubira kuboneka mw’ihiganwa rya primusic ryo mu mwaka uza. Iryo shirahamwe rikaba rishimira abanyagihugu isinzi bari baryitabiriye, rigashimira abo bose batoye abaririmvyi, haba mu kwandika ubutumwa bugufi biciye kuri terefone, canke ubutumwa ku buhinga ngurukanabumenyi.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.