IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Imfashanyo ingana n’imiriyoni zine z’amanyaburaya niyo yatanzwe mu gutegura (...)

Imfashanyo ingana n’imiriyoni zine z’amanyaburaya niyo yatanzwe mu gutegura amatora

dimanche 30 Munyonyo 2014

Mw’itangazo ryashizwe ahabona n’ubuserukizi bw’Ububirigi mu Burundi, bumemenyesha ko imfashanyo ingana n’imiriyo zine z’amanyaburaya ariyo yatanzwe mu gutegura amatora yo mu mwaka w’2015.

Mu masezerano yo gutanga iyo mfashanyo yasinywe hagati y’Ubuserukizi bw’Ububirigi hamwe n’ishirahamwe mpuzamakungu PNUD, imbere ya bamwe mu baserukira Reta, n’abaserukira umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora CENI, igihugu c’Ububirigi kikavuga ko nk’uko cari caterereye agacumu k’ubumwe ku mfashanyo yari yatanzwe mu mwaka w’2010, ari naco gituma n’ubu kitosigara inyuma.

Muri iyo mfashanyo, igihugu c’Ububirigi kikipfuza ko amatora yogenda neza, akabera ku mugaragaro atanumwe akumiriwe. Iyo mfashanyo rero yatanzwe ikaba izofasha umurwi ujejwe gutegura amatora CENI, amashirahamwe ataho yegamiye mu vya poritike, imigambwe n’ibinyamakuru gushobora gukurikirana neza ayo matora.


Aristide Nizigire

Messages

  • Mbega ntuze ububirigi burabona ingene amatora yo2014 ko ariyo azoba mabi kuruta amatora yose uburundi bumaze gutunganya? Akarorero kamwe gusa Nkurunziza ntagomba kuva kubutegetsi agaca iruhande y’ijambo ry’Imana yamiza mukanwa. None mubona ayo matora meza yoca ategurwa gute?

  • @ Barumwege, ndaguzaba ukomeze wegerecane Pacifique kugira mukwakwanye mukurondera ibizotima amatora agendanabi, raba abomwari mwarabwiye ibintuvyotuma batoshigikira kwamatoraba bakomeje kuyashigikira bivuyinyuma umwanyarero muracawufise nimukwakwanye mupfume mutanguzintambara ningoga kugira amatora ntazobe.

  • Barumwete ba w’Izera Imana ncuti urakenyeye abanyamahanga bakurushe kwizera.
    Erega vyukuri twese hamwe tugize kwizera, tugasengera igihugu Imana yoduha indongozi zivuye kuriyo.Kuko vyukuri biragoye kubona un bon Leader twotora mumatora ya 2015.Ndavye imbere yanje bose ubona bahagurutse ngo bitoze nawe nyene mbona ntamuyobozi mwoza mbonamwo kiretse dutije mubindi bihugu kuko abarundi babishoboye gutwara iki gihugu neza mbona bigoye ariko mw’ijuru bobo baramubona niyompamvu mbona twosenga tugasengera amatora hama Imana twizeye izomutanga.

  • Ewe iragi naw uramuboneye barumwete.w yagaragaje amakenga afis .kandi ubiravy nivyo uyo mugabo adashaka kwumva ijambo ry’Uhoraho ashaka iki???? atari ukumera nka ahabu?ndashimiy#########wahanuy barumwete neza cane kuko watuye ko imana ishobora leader abikwiy ivyo nivyo sana ,let us pray.God Will Make Us In Freedom.Murkz Cn

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.