Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Mwaro : Abanyagihugu binjiranwe n’ingwara ya ruhonyabitoke
Mwaro : Abanyagihugu binjiranwe n’ingwara ya ruhonyabitoke
lundi 7 Mukakaro 2014
Ingwara ya ruhonyabitoke yasubiriye kwibonekeza mu ntara ya Mwaro, ku mitumba ya komine Bisoro na Kayokwe. Mu gisata kijejwe kwigisha kurima n’ukworora kijambere mu ntara ya Mwaro basaba abanyagihugu gusitura ibitoke bimaze kwandukirwa, kugira ntivyandukize ibisigaye.
Imitumba ya komine Bisoro na Kayokwe irabangamiwe n’ingwara ya ruhonyabitoke. Ibitoke vyafashwe n’iyo ngwara bibonekera ku mitoto yavyo ica yuma, ibitoke navyo bigahishira, bikamera nk’ibihiye kandi bitari bwakomere.

Nk’uko bivugwa na Yengayenge Joseph ajejwe kwigisha kurima n’ukworora kijambere mu ntara ya Mwaro, iyo ngwara ikwiragizwa n’imigera izanwa n’udukoko tununuza ibitoke birwaye, hama tukandukiza ibitararwara. Iyo ngwara ishobora kandi gukwiragizwa n’ugukoresha umupanga umwe, mu gututura igitoke kirwaye, ukoreshejwe ku kitarwaye ukaba uhejeje kucandukiza.
Mu bushikiranganji bw’uburimyi n’ubworozi bamenyesha ko bamaze kumenya iyo ngwara yateye imirima yo mu ntara ya Mwaro, bagahanura abarimyi ko bokwirinda gukwiragiza n’ukwanduza ibindi bitoke iyo ngwara itagira umuti gushika n’ubu. Salvator Sindayihebura, umuyobozi mukuru w’uburimyi, mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru IGIHE, yahimirije abanyagihugu kwitwararika gusitura ibitoke bimaze kugaragaza iyo ngwara, babihambe kugira ntivyanduze ibindi. Bishitse naho akaba ari umurima wose wanduye, abarimyi basabwa kureka gusubira kuwuteramwo ibitoke mu kiringo c’amezi atandatu, kugira imigera ipfe.
Mu gututura ibitoke, abarimyi basabwa kudakura umupanga umwe ku gitoke bawukoresha ku kindi gitoke, aho bagahanurwa ko bobanza kuwucisha ku muriro ukababuka, kugira imigera iriko ipfe. Salvator Sindayihebura, umuyobozi mukuru w’uburimyi amenyesha ko babifashijwemwo n’abasanzwe bafasha mu gisata c’uburimyi mu Burundi, bagiye gukomeza umugambi wo gukwiragiza imitsinda y’ibitoke mu barimyi, kugira ntihasubire guhanahanwa iyifise imigera y’ingwara ya ruhonyabikoke.
Egide Nduwimana