Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro : Abanyagihugu basabwa kwitegurira neza amatora
Mwaro : Abanyagihugu basabwa kwitegurira neza amatora
samedi 11 Gitugutu 2014
Abanyagihugu bo mu ntara ya Mwaro basabwa n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza kwitegurira neza amatora yo mu mwaka w’2015, mu kurondera amakarata karangamuntu ku bafise imyaka yo gutora.
Abanyagihugu bo muri iyo ntara bakaba basabwa ko bofumbatira amahoro n’umutekano mu gutuza abasuma biba mu mihana no mu mirima. Abanyamwaro rero Petero Nkurunziza akaba abahimiririza gukingira ibidukikije, mu kuticira ibiti. Ivyo bakaba babisabwe mu nama yahuje imvukira z’iyo ntara n’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza.
Abo banyagihugu bo mu ntara ya Mwaro rero bakaba babandanya bihanizwa inzoga zitemewe n’amategeko, zisanzwe zimwe zikorwa zinyegeje. Izo nzoga rero zikaba ziri mu zihungabanya ubuzima bw’abanyagihugu.
Aristide Nizigire
Messages
12 Gitugutu 2014, 10:34, par juragira
Okay God like his peaple make Whatever you want the true will appear.