IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubutunzi > Uburimyi > Mwaro : Abarimyi bafise amakenga ku mwimbu ushobora kuba mubi

Mwaro : Abarimyi bafise amakenga ku mwimbu ushobora kuba mubi

mercredi 11 Ruhuhuma 2015, par Egide N

Abarimyi bo mu ntara ya Mwaro bamenyesha ko iminsi itandatu iheze bataratangura irima kubera barindiriye ifumbire yategerezwa kuba yamaze kubashikira. Mu bushikiranganji bw’uburimyi bizeza abo barimyi ko mu minsi itarenga indwi bazoba bayironse.

Mu gihe bari kuba batanguye irima kuva kw’igenekerezo rya 5 Ruhuhuma 2015, abarimyi bo ntara ya Mwaro bamenyesha ko batarakura amaboko mu mpuzu, kuko bakirindiriye ifumbire. Abo barimyi bafise amakenga ko umwimbu ushobora kuba mubi, bivanye n’iyo minsi bariko baratakaza, bakidogera abajejwe igisata c’uburimyi muri iyo ntara ko ataco bariko barabafasha.

JPEG - 1.7 Mo
Bamwe mu barimyi

Mu bushikiranganji bw’uburimyi ntibemera ko iyo fumbire yatevye kuboneka, ahubwo bagasigura ko habaye ikibazo c’abatsindiye isoko ry’ukuzana iyo fumbire batarayishikana kubera bayikura hanze y’igihugu.
Marcien Nibasumba, ajejwe igisata kijejwe gutanga ifumbire mu gihugu amenyesha ko abazana iyo fumbire bari mu nzira, bamwe bakaba barashitse ku mupaka, barindiriye kuyinjiza mu kivuko ca Bujumbura, abandi nabo bakaba bariko barayirihira muri OBR (Office Burundais des Recettes), kugira bace batangura kuyikwiragiza mu ntara zitandukanye.

Marcien Nibasumba, ajejwe igisata kijejwe gutanga ifumbire mu gihugu aremera ko hari abarimyi batera hakiri kare bivanye n’intara, ariko akabaremesha mu kubabwira ko iyo fumbire igiye kubashikira mu minsi itarenze itanu canke itandatu.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.