IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Mwaro : Zimwe mw’ikarata z’itora zaturiwe izindi zirataburwa

Mwaro : Zimwe mw’ikarata z’itora zaturiwe izindi zirataburwa

jeudi 28 Rusama 2015

Mu gihe umurwi CENI wariko uratanga zimwe mw’ikarata z’itora, hari izaturiwe canke zigataburwa.

Mu ntara ya Mwaro, amwe mu makarata y’itora yari agenewe guhabwa abanyagihugu kugira baze bitabire amatora ariko arategurwa, zimwe zaciye ziturirwa, izindi zirataburwa n’abagizi ba nabi. Amakuru ava mu bajejwe gutunganya igikorwa c’amatora muri iyo ntara, aremeza ko hari zimwe mw’ikarata z’itora zaturiwe, igitigiri kikakaba kigera nko ku gihumbi n’amajana abiri cizononekaye.

Ivyo bikaba bikozwe, mu gihe muri iyo ntara nabo nyene, batanguye imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, mu makomine cane cane ya Rusaka.

Kuva ivyo bibaye muri iyo ntara, umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI woba wahagaritse gutanga izo karata. Mu murwi CENI twabarondeye kugira bemeze iyo nkuru canke bayibeshuze ariko ntiturabaronka.


IGIHE

Messages

  • none ayo matora azoba gte? ekleziya yahevye! azoba nka concour?

  • Bigend gut non ko dutanguy kutumvikana muri vyos amatora y umukuru wigihugu niyo bagwanya non niyos hari ibiri imber ariko na cancour yabay uko turindir

  • Bigend gut non ko dutanguy kutumvikana muri vyos amatora y umukuru wigihugu niyo bagwanya non niyos hari ibiri imber ariko na cancour yabay uko turindir

  • none ko baturira ibya abajenama ba amakomine nayo ntibayshaka?? aho niho hateye kwibaza ico ibivyose bigamije!!

  • emma
    hahahaaaaa, abo ntakindi bakeneye ataramaraso yabarundi aseseka, nininahazwe na mbonimpa na vitari nabamwebamwe mumigambwe murabaga mwifasha nti muzovuge ngo ni politique kuko mwabihereye kera muramenyako umuntu umwe yishwe tuba duhomvye

  • Nta gitangaza kirimo kuko abatutsi iyo bumvise democratie bamwe bannya mumapantaro abandi bagahahamuka. Niba ari abagabo nibahangane na Peter hanyuma turebe umugabo

  • IVYO VYOSE NI KUBISHIRA KU GATWE KA PACIFIQUE NINIWESE.....!!!!!Amenye ko ibi bizohera kandi azobibazwa.tuguma twandika numuuga wanje waturiwe azowuriha.

  • Jewe ndibaza ko mubesha mudasuzuma iviyumviro mushikiriza kuri runo rubuga. None uwo avuze ko abatutsi bumvise démocaratie bannya mu mpuzu bambaye, mwabishimye??? Mwabishimye mwishimikije iki nimba mutari abanyamacakubiri ngaho muri ico kinyamakuru canyu?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.