Accueil > Amakuru > u Burundi > Ndayizeye ati : "Abasambura amashirahamwe canke imigambwe iminsi yabo (...)
Ndayizeye ati : "Abasambura amashirahamwe canke imigambwe iminsi yabo iraharuye’’
jeudi 6 Ruhuhuma 2014
Mu gihe imwe mu migambwe yama yagiriza umushikiranganji Edouard Nduwimana, ko ariwe ari kw’isonga mu kuyisambura afashijwe n’umugambwe akomokamwo CNDD FDD, uwahoze ari umukuru w’igihugu Domisiyano Ndayizeye amenyesha ko ivyo bishobora kugirira ingarukambi umugambwe CNDD FDD, mu gihe iyo ntumbero isa n’aho ari iyishaka gukoraniriza abarundi bose, b’amoko yose mu mugambwe umwe rudende.
Uwo yahoze ari umukuru w’Uburundi avuga ivyo yisunze imirwi y’imigambwe yasambutse, aho usanga amashami ya zanyakuri yararwiriye, abanywanyi b’imigambwe nabo bashatse kwiyunga ubutegetsi bukababuragiza, aho agatanga akarorero k’umugambwe w’abadasigana UPRONA. Umukenguzamateka Ndayizeye rero akaba yamenyesheje ko bitebe bitebuke imigambwe yagiye irasambuka, canke isamburwa n’ubutegetsi izoteba ikiyunga. Avuga ko yaba umugambwe FNL wo kwa Agaton Rwasa wasambuwe ishami rimwe rigatwara Jacques Bigirimana canke UPD zigamibanga waciwemwo amashami rimwe rigatwara Mugwengezo irindi rigasigarana Feruzi canke FRODEBU wasambuwe ukavamwo ishami rya FRODEBU Nyakuri, eka na UPRONA waraye uhawe Niyoyankana, ariko abanywanyi bakaguma bemeza ko indongozi bashigikiye ari Nditije, bitebe bitebuke iyo migambwe yose izoteba ikiyunga nk’uko uyo munyacubahiro yabandanije abivuga.
Avuga ko, abo basambura imigambwe ubu bariko bitera ingorane, kuko hazogera igihe badashobora gushira ku murongo abantu babo, na cane cane gushira ku mirongo abazoba bavuye mu yindi migambwe baja mu wabo. Ivyo rero nk’uko Ndayizeye abivuga, bishobora gutuma ugukurikirana abanywanyi bibagora, umugambwe ukaja kwisanga usigaranye ibice icumi gusa, mirongo icenda vyaramaze kugenda. Abategetsi bagenzwa no gusambura imigambwe akaba abahanura kurekera ubwigenge iyindi migambwe n’abanyagihugu, kuko abakora ivyo iminsi yabo iharuye nk’ujko yabandanije abivuga.

Asaba kandi abafise utugambwe dutoduto tudakomeye nabo kuja hamwe, bakagira imirwi ikomeye canke imigambwe ifise inguvu kuko kenshi, imigambwe mitomito ariyo ikunda kuba nk’ibikoresho, abayirongoye babanje kwemererwa nk’ubuzi canke ayandi maronko atanafashe. Asaba Reta kurekera ubwigenge amashirahamwe n’imigambwe, ireke kwinjira mw’itunganywa ryayo.
Avuga ko nk’ivyashikiye abashingwamanza aho babujijwe kugira inama, umukuru w’urwego rwabo akakwa uburenganzira bwo kuburanira abantu, bitazotuma urwo rwego rucika inkokora, eka kandi avuga ko urwo rwego bidasigura ko rutazosubira kugira inama. Aha atanga karorero k’abari mu runani ADC Ikibiri bagiye barakubitwa, Reta ivuga ko urwo runani rutabaho, kandi rutemewe n’amategeko. Ndayizeye ati kugeza uyu munsi urwo runani ruraho, rukora ukuri kwamye.
Ku bwiwe rero, ugusambura imigambwe canke amashirahamwe kugira umugambwe uri kubutegetsi usigare wonyene ntibizorohera umugambwe CNDD FDD, Kuko abarundi aho bageze ubu, baramaze kumenyera ubwigenge, n’ubwisanzure mu mashirahamwe, canke imigambwe barimwo.
Aristide Nizigire
Messages
6 Ruhuhuma 2014, 10:32, par tharcisse
Wewe urumugabo kweli igihugu iyo uba ukikirongoyentikiba kimaze uko kimeze ubu kuko abagifise ubu naba incompetent,ntibazi ivyo barimwo,nta munyagihugu wotunatuna gutyo ngo avyemere.nta mvura idahita numwuzure waraheze
6 Ruhuhuma 2014, 13:45, par Djuma
nyakubahwa uravuga ukuri umbaye kure mbanguhaye ukuboko murakoze
6 Ruhuhuma 2014, 15:27, par Nduwimana
Wewekowayoboye,uburundiwakoziki?Nkurunziza Siweyakubuye Icafuwbaraho Iburundi Reka Kubesha Abarundi
7 Ruhuhuma 2014, 20:24, par aaa
abahutu icabishe mwibagira vuba,uribagiye ayo buyoya yagukoze?rekura ayomazuru umengo n’imivuba uzobona?
7 Ruhuhuma 2014, 23:25, par J CLAUDE
IVY’UBURUNDI NI HATARI BISIZE UBWENGE.
8 Ruhuhuma 2014, 19:54, par BARUTWANAYO Pascal
Uwo munyacubahiro wacu NDAYIZEYE nawe abony Nyakwubahwa Alphonse Mariya KADEGE icegera ciwe atagishoboye amabanga yamubwiye ati: ’ SINOKWUBAKA NAWE NGO USAMBURE’ aca aramukura!!!! Aho tugeze ni ukumenya ukuri no kurekuriranira. Bizogenda gute mu gihe hari abantu bashaka kutuzana mu ngendo ya kera y’ama coup d’Etat twasezereye?
9 Ruhuhuma 2014, 10:23, par NSABIYUMVA
Imvugo zitukana turaziyamirije.