Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara: Amafaranga agera kubihumbi 600 000 y’amarundi yaribwe
Ngagara: Amafaranga agera kubihumbi 600 000 y’amarundi yaribwe
mercredi 13 Ntwarante 2013
Haribonekeje umutekano muke muri komine Ngagara iri mu gisagara ca Bujumbura aho mw’IJoro ry’uwa 11 rishira uwa 12 Ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2013 , umuntu umwe yakomerekejwe n’abantu babiri bitwaje ibirwanisho bicira umuriro bamusanze i muhira iwe muri Quartie ya kane.
Bamusavye amafaranga angana n’ibihumbi amajana atanu vy’amarundi inyuma yo kumusahura ivyari muri’iyo nzu vyose.
Muri kino gihe uwo nyene kwibwa akaba arwariye mu bitaro Prince Régent Charles.
Kubwa Musitanteri wa komine Ngagara umushingantahe Désire GAHUNGU , ingingo ruhasha zarafashwe mu gitondo co kuri uyo wa kabiri igenekerezo rya 12 ukwezi kwa gatatu umwaka wa 2013 mukurinda uko kwibonekeza k’umutekano muke
Zimwe zimwe mur’izo ngingo z’umutekano harimwo nk’ukongereza ukugenzura kw’abapolisi mw’ijoro hamwe n’ukugenzura uruja n’uruja rwa banyagihugu mw’ijoro.
Prosper Ndayikeza