Amasasu yumvikanye mu gatondo ko kuri uwu wa gatatu, muri zone ya Ngagara, muri karitiye ya kabiri, umuntu umwe niwe yishwe n’abantu bitwaje ibirwanisho batamenyekanye.
Uwo yishwe arashwe ni Colonel RUFYIRI Lucien, umukukuruke mu gisirikare c’Uburundi (Ex FAB).

Colonel RUFYIRI Lucien yarashwe ari imbere y’urugo rwiwe aho mu Ngagara, muri karitiye ya kabiri.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi, OP1 Pierre NKURIKIYE aremeza ayo makuru, akavuga ko umwe mu bantu bishe Colonel RUFYIRI Lucien yamurashe amasasu ane akoresheje inkoho yo mu bwoko bwa Pistolet.
Pierre NKURIKIYE amenyesha ko abo bantu bitwaje ibirwanisho bakomerekeje n’umuhungu wa Colonel Rufyiri Lucien.
Iyinkuru Hamwe Yuba Ariyo Birabaje Ivyubundi