Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ngagara: Ibiro 100 vy’ibiyayuramutwe vyafashwe - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara: Ibiro 100 vy’ibiyayuramutwe vyafashwe

Ngagara: Ibiro 100 vy’ibiyayuramutwe vyafashwe

samedi 8 Ruheshi 2013

Imifuko itatu y’ibiyayuramutwe ipima hafi ibiro 100 yarafashwe n’igipolisi muri konine Ngagara, aho bita « Ku mase », ku munsi wa kane igenekerezo rya 6 Ruheshi 2013.Iyo mifuko ikaba yafashwe ivuye mu gihugu kibanyi ca Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo.

Petero Nkurikiye, icegera c’umuvuzi w’igipolisi yarashimiye igikorwa igipolisi cakoze, avuga y’uko ivyo vyavuye ku kamo umushikiranganji w‘umutekano yari yateye abapolisi bose kugira bakorane ubwira n’ubukerebutsi bameze magabo. Igipolisi cari kiraririye irondo iryo joro ry’uwa kane, cafashe umuduga uri mu bwoko bwa taxi C8271A uriko urapakirwa imifuko n’abantu bane, niho baca babahagarika kugira bamenye abaribo, bababaze nivyo bariko barakora.

Abo nabo bakaba bari baje bazanana muri Republika iharanira intwaro rusangi ya Congo baciye mu bwato bwari ku nkengera y’ikiyaga Tanganyika. Bafashwe, baca bahendesha abapolisi igiturire c’amafaranga ibihumbi 400 y’amarundi, mugabo biba impfagusa kuko baciye bafatwa aho nyene. Ibivugwa na Petero nkurikiye. Igipolisi caciye gifata iyo mifuko y’ibiyayuramutwe uko ari itatu n’uwariko aratwara imodoka yarimwo iyo mufuko. Abo bantu bari bagerageje gutanga igiturire kugira ntibafatwe harimwo mbere abakenyezi babiri, baciye bafatwa n’igipolisi, nayo mafaranga aca arafatwa.

Icegera c’umuvugizi w’igipolisi na musintanteri wa komine Ngagara, Desire Gahungu, barashimishijwe cane n’igikorwa igipolisi cakoze muri iryo joro, mugutuza ubwo bubisha, bongera bamenyesha y’uko ivyo bikorwa vyo gucungera umutekano bameze magabo bizobandanya kugira batuze amabi akorwa mu gihugu c’Uburundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.