IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngagara : Impanuka y’umuriro yaturiye amazu atatu

Ngagara : Impanuka y’umuriro yaturiye amazu atatu

lundi 24 Munyonyo 2014

Abanyagihugu bo muri komine Ngagara muri karitiye ya gatatu bamenyesha ko batazi icatumye amazu atatu aterwa n’impanuka y’umuriro yabaye mw’ijoro ryo ku munsi wa gatandatu.

Nk’igihe c’isaha zitanu z’ijoro ryo kuri uwu wa gatandatu, inzu yo mu Ngagara, karitiye ya gatatu yari iryamyemwo abana gusa yaratewe n’impanuka y’umuriro ata n’umwe azi iyo yazananye. Ababanyi b’uwo muryango wari utewe n’umuriro baciye bihutira gusohora abana, ariko ivyari muri iyo nzu bikaba vyarahatikiriye.

Umucanwa wariko uturira iyo nzu waratandukiriye n’ayandi mazu abiri, nk’uko ababanyi b’iyo mihana babimenyesha, bakavuga ko bavyuwe n’induru z’abariko baratabaza, babona kuza kubafasha kuzimya, n’ugusohora ibintu bishoboka muvyari muri iyo nzu.
Imiduga y’igiporisi ijejwe kuzimya imiriro yagiye gushika nk’inyuma y’iminota mirongo ine izo nzu ziriko zirasha, ivyarimwo bikaba vyarahononekariye, nk’ibikoresho vyo mu nzu, impuzu n’ibindi.

Tubamenyeshe ko muri iyo mpanuka ata muntu yahasize ubuzima canke akomereke. Abanyagihugu babuze ivyabo bagasaba abagira neza ko bobagarukira.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.