Accueil > Amakuru > u Burundi > Ngozi:Impuzi ziri muri site ya Ruhororo zisabwa kuhava mu mezi (...)
Ngozi:Impuzi ziri muri site ya Ruhororo zisabwa kuhava mu mezi 6
mardi 22 Nzero 2013
Imiryango 67 y’abatesheje izabo muri site Ruhororo y’intara ya Ngozi yategetswe n’umugwi CNTB ujejwe gutatura amatati y’amatongo kuva muri iyo site vuba. Bamwe bahawe ikiringo c’amezi 2 abandi amezi 6. Abo banyagihugu bavuga ko hazoca hakurikira n’iyindi miryango irenga 400. Bararahira bakarengwa ko badashobora kuhava. musitanteri wa komine ruhororo avuga iyo ngongo ari ntabanduka.
Iyo ngingoyo y’umugwi CNTB yatanguye kumenyekana italike 11 z’ukukwezi kwa Nzero. Ivuga ko imiryango 67 itegerezwa kuba yavuye mu matongo aho yahungiye muri site Ruhororo mu ntara ya Ngozi hagati y’amezi 2 n’amezi 6. Ariko ngo abo bamaze kuvaho, hazokurikira n’abandi imiryango irenga 400 irimwo abanyagihugu barenga 1500 nk’uko izo mpunzi zivyivugira.
Umugwi CNTB uvuga ko abo banyagihugu bacumbitse mu matongo y’abandi kandi bafise iyo bahunze bava.
Abo banyagihugu nabo bgizwe n’abatutsi gusa bahunze mu mwaka w’1993 bava mu bice bitandukanye bavuga ko badashobora kuhava kuko ngo ntibagira iyo baja, ngo reta nibanze ibaronderere ahandi ibashirakuko batahunguka.
Umwe muri abo banyagihugu avuga ati’’Jewe nhaburiye abantu 3 kandi bahambwe mu kazu ka surwumwe kanje n’ababishe ndabazi turazinanye kandi twama twahuye. None wumva nosubira iruhande yqbo bataracirirwa urubanza ga yemwe?’’ Uwundi ati’’Tuzopfuma dupfira ngaha muri iyi site hako tuhava.’’ Uwundi mukenyezi nawe, n’agahinda kenshi yamenyesheje ko iyo ngingo y’umugwi CNTB ije guhungabanya agateka kabo kuko bakingiwe n’amategeko mpuzamakungunk’impunzi zo hagati mu gihugu, asaba ko hobanza kujaho umugwi CVR wo kumenya ukuri no kunywanisha abarundi hanyuma bamenye ababiciye ababo mu ntambara yatanguye mu mwaka w’1993.
Kubera ubwoba bafise, mwijoro ryo kumusi wa mungu ushira uwa 1 baraye bahagaze biteze abaza kubica kugira babasohore mu mazu ku nguvu. Musiranteri wa komine Ruhororo Baryakaziri Clement yaciye aja kubahumuriza ku munsu wa mbere ku mugoroba, ariko yababwiye ko ingingo ya CNTB ari ntabanduka.
Naho abo banyagihugu banse kwisunga iyo ngingo, kuri yo handitse ko umukuru w’igihugu asavye kandi ategetse abajejwe intwaro n’umutekano gushira mu ngiro iyo ngingo badatevye.
Pierre Claver Niyonkuru
Messages
23 Nzero 2013, 10:23, par Negociateur
Iyo yose ni imitwe,aho izo mpunzi ziri ryari itongo rya leta,haje kuba ahabantu ryari?? Ba nya Ruhororo, mwihende muhave barabagira nko mu ri 1993 ababiciye barashinyirije nk’ibinyamushinya.
Ariko abatwara ubu i burundi turazi abaribo,ni baba kugira amahoro ku Mana no ku bantu bakwiye gutwara buzuriza bose bakarengera ubwoko;ataruko naho bazoba ibivume bamera nk’Interahamwe bapfe bangara nka Gahini.
23 Nzero 2013, 16:05, par kakanakimana
Ahubwo jewe mbona iryojambo impuzi ryaririkwiye kuva mugihugu nabitwa ko bahunze bagataha mungo zabo zakera nayo tuvuze kukwirikirana abakoze ihonya bwoko muburundi vyoteza ibibazo vyishi none twoba twibagiye konuwari yatowe ngwabe President icogihe yagandaguwe kandi nabamugandaguye bacidegevya beshi bari nomubategetsi bakuru bigihugu?????Ahubwo harihageze kwibagira akahise tugasubizahamwe nkabarundi hama tukubak’’igihugu catwibarutse nayubundi tubisubiyemwo ntanumwe yocaruka!!!!!!
1er Rusama 2013, 00:34, par nibitanga erica
gusa uwushaka kukurya ntabura utwagukoza ntamatongo yabantu babamwo abiyitirira kwarahabo bahaje bava mukayanza nyimba bitwaza kobahahawe na leta natwe twahahawe_namaraso y’abacu ya sheshwe 1993 baziruko bavuts ataruhara babigizemwo _ntituzohava baraza batwicireho basozere projet basigiw nuwabitanguj ndadaye knd turiteguye baraza ntakibazo
1er Rusama 2013, 10:53, par tubanyendabazi saghetti
hehehe!!! Mbeg’iyuteze umuteg’inyoni ukawuzitega zakubonye uwo mutego ubukimaziki? Irya mvugo yamusitanteri BARYAKAZIRI yukuvugako tudasumba abanyamurenge nabo muri buja rural irerekana neza neza ko BATUREZ’IJISHO ngo bongere batumarire ico nsaba rero ndaburira bagenzanje bagize ivyago vyukuvukana IZURU RIRERIRE canke rito ko boba baratenyenya gutaha kuko bamwe mubo mumisozi BARATUBWIZUKURI KO DUTASHE ATAWUNDI MUGAMBI ATARUKUTUMARA kubwivyo rero tuzohaguma baze bahatwicire ariko twagwanye
28 Rusama 2015, 22:21, par Mutobo
Umuntu Yoba Afise Aho Yahunze Ava Yokwitahira Atarinze Kuhasiga Ubuzima Ivyabaye Vyarabaye Umuhutu Yarapfuye Ututsi Arapfa Twibagire Ivyabaye Kuko Uwogutuma Umuntu Wese Yishe Ntawe woronka - = _ -=-
21 Kigarama 2016, 18:59, par Dieudonne
Ibigiye Kuba Muri Ukukwezi Nibiki Vyomuri Site Yaruhororo
3 Ruheshi 2017, 22:06, par Evariste
Jembona Ahuningiyemurisite Botaha Kuko Aarimumatongo Yabandi Kugeza Ubu Barima Amatongo Yabo Nayaband Nonentiwumvako Ariukwinza Ahubwo Nibarabebavemumatongo Yabandi