Accueil > Imibano > Urukundo > Ni ryari womenya ko umukobwa yaguhisemwo
Ni ryari womenya ko umukobwa yaguhisemwo
samedi 18 Rusama 2013
Urukundo ntiruzi kwihishira, guhisha uwukunda biragoye cane, ariko abakobwa kenshi bagerageza kubihisha uko bashoboye n’aho usanga hari ibimenyetso benshi muri bo bahurirako iyo bakunze. Ku mukobwa gukunda bigaragazwa no gupfuha hamwe no gukora uko ashoboye ngo ntabure uwo akunda.
1. Umukobwa yagukunze arakuvuga cane
Bitandukanye cane no ku bahungu, umukobwa yagukunze, kwiyumanganya biramunanira na cane cane ko abakobwa badatinya gushira hanze amabanga yabo akomeye ugereranije n’abagabo canke abasore. Umukobwa yagukunze iyo ari kumwe n’abandi cane cane abakuzi biwe aguma agutangako akarorero, aho yovuze abasore bose muri rusangi, akivugira wewe kuko aba ari wewe afata nk’ishusho y’urukundo kuri we. Gukunda k’umukobwa, ni ukwirekura no kwitanga ndetse no kugirira icizere umusore yakunze rimwe na rimwe kirenze ico aba akwiriye.
2. Umukobwa agukunda agukurikiranira hafi
Gukurikiranira hafi ibikorwa vyawe cane cane ingeso zawe, usanga abakobwa benshi bahuriye kuri ico iyo bakunze. Umukobwa yagukunze usanga arangwa no kumenya iwanyu, rimwe na rimwe agaharanira kumenyana cane n’abantu bakuzi. Kwifata ntakurikirane ivyo ukora, aho aba mu vyukuri, abagize umuryango wawe usanga bimunanira ugereranije n’ivyo abasore n’abahungu bakora kuko usanga akenshi batihutira gukurikiranira hafi ivy’umukobwa n’umuryango wiwe.
3. Umukobwa yagukunze aragufuhira
Abakobwa bakunda kwitegereza abakobwa bagenzi babo, bakabanegura canke bakabashima. Ivyo bituma umukobwa wese aba azi ko vyanse bikunze hari umukobwa runaka amurusha ubwiza, kandi ko areze amaboko ashobora n’ugutwara umutima w’umuhungu akunda. Gupfuha k’umukobwa canke gukurikirana umuhungu ibikorwa vyiwe, bishobora no kumushavuza cane cane ko ashobora no kuraba muri terefone yawe abo mwavuganye canke igitigiri c’ubutumwa wanditse, abo wabwandikiye, agaca agereranya n’ubwo wamwandikiye, ndetse n’amasaha wandikiyeko. Iyo muri abo wahamagaye harimwo abakobwa, aragerageza kuburyo abamenya kandi akamenya n’ubucuti musangiye canke aho ubugenzi bwanyu bugera. Iyo asanze ubugenzi bwanyu bukomeye, agerageza kubavuga nabi, kuvuga ko bafise ingeso mbi, canke akarondera n’ingene yobatuka.
4. Umukobwa arababazwa n’uko womubona asa nabi canke atabereye ijisho
Kuba umukobwa agukunda womubona adasa neza, biramubabaza cane. Aho rero kenshi aba adashaka ko womubona giturumbuka adasa neza, avyutse atarisiga. Aha usanga aharanira kwiyitaho bikomeye iyo aziko muhava muhura, araheza agakora uko ashoboye mugahura aberewe kandi abereye ijisho.
5. Iyo agukunda, araguha n’utuganuke
N’aho abagabo bakunda gutanga utuganuke, abakobwa bo baha agaciro cane gutanga akaganuke kurusha abagabo. Umukobwa kenshi abuzwa amahoro no kubura ico yoha umuhungu akunda kugirango ntamuhebe. Ahereye ku kumwitaho cane, ndetse no kumugurira utuntu rimwe rimwe, n’aho twoba dusanzwe, ariko akabona aguhaye akantu. Umukobwa yagukunze uri umusore, maze ubimenye ntumukunde nk’uko avyipfuza biramubabaza ariko kukwikuramwo burundu biramugora iyo urwo rukundo utarwakiriye. Umaze kubona ivyo bimenyetso, gerageza umuje kure ntarinde kugusesagurirako utuganuke mu gihe uri umusore atari indyandya, kuko iyo umuhemukiye kukwikuramwo biramugora, kuko ni hamwe uja ubona yokwiyahura kubera wewe.
Aristide Nizigire
Messages
20 Gitugutu 2015, 15:13, par Ernest
J Mfte Ikibazo.Nkunze Umukobwa Ariko Namukuye Kurubuga Ndamukunda Naw Akankunda.Nti2rabonana Numusi Warimwe.Niyihe Nama Mwompa?
2 Ndamukiza 2016, 18:17, par ndikumwenayo joel
None Umenya Gute Ko Umukobwa Canke Umukunzi Wawe Ko Agukunda?
21 Myandagaro 2016, 14:41, par Eric
None Mukugukunda Ari Ubwambere Yabimenye Gute?
24 Nyakanga 2016, 01:55, par JREREMI BIJIMBREE
Ego Ivyo Ndabibonye Non Jewe Hari Umukobwa Nakunze Twigana Muri Primaire Tugeze Mumwaka Wa 6 Aca Araheba Ishure Nanje Ndamuhanura Asubire Kwishure Aranka Ncandamuheba None Aguma Anyereka Ko Ankunze Non Nemere Impa Intererano telephone .68225994.co
30 Nyakanga 2016, 19:36, par Elie Nsabiyumva
Abakobwa Muribigugu Kandi Iyo Inkono Icitse Intango Barayiheba Sinumva Ukuntu Utomwikuramwo Kandi Atagukunda Gukunda Uwutagukunda Bisa Nukubiba Imbuto Kurutare Mugire Ubwemge Nkinzoka Mugendane Amakenga Nkinuma
16 Nzero 2017, 20:22, par Ndayizeye
Mugihe Uwo Mukobwa Aba Yagukunze Ubutihawe Nawe Ntumwiyumvemwo Igikwiye Nuko Womushira Ahantu Ukabimusigurira Neza Nimba Woba Wifitiye Uwo Ukunda Ukamubwira K6 Yovyikusamwo Kugiango Ntibizohave Bimugirira Ingaruka Mbi Mbega Hoho Mugihe Umusore Wewe Akunze Umukobwa Wewe Bigenda Gute?
22 Nzero 2017, 10:49, par Roger
Izonkuru Nizo Muga Hari Abigeme Bataz Guha Akaganuke Uwo Baba Bakundanye Akarindirak Umusore Ariw Agaha Umwigeme
30 Ntwarante 2017, 06:18, par kayanza
tharcise watara
30 Ntwarante 2017, 12:38, par Medi Pro
Hariho Abakobwa Badafa Gushukwa Naho Ukaresa Badafatwa None Ariwewe Wobigenzagute?
31 Rusama 2017, 11:49, par Boniface
Nuko Biri Ariko Si Bose Babikora
3 Ruheshi 2017, 23:40, par Nduwimana Innocent
Izo Nkuru Ziraryoshe Kand Turazishim Ahubwo Dusaba Ko Mwoshirako Izurukundo!
14 Mukakaro 2017, 23:43, par CEDRICK
NDASHIMYE IMPANURO
2 Myandagaro 2017, 08:46, par irankunda
pu! Ushaka Uwokwigisha Ubusambanyi Baza Abadaimoni Naho Twe Ntaco Twagufasha.
8 Myandagaro 2017, 15:54, par HAVUGIMANA-BWICHA-CHANCELIER
TURABASHIMIYE CHANE KU BITEKEREZO BYANYU BY’INGENZI KANDI BYA FASHA ABASORE BIYUBAHA. MURAKOZE!
13 Myandagaro 2017, 13:34, par fiston
ndabashimiy can kur iz nkuru mugm muduha
26 Myandagaro 2017, 06:36, par Jonas Ndayishimiye
sha Ndashimwe Muga Nkeney Muroz Muratundungikir Kur
21 Ndamukiza 2018, 00:22, par Yaro Brinder
Nukur Nukr Ndashimye Kunkur Muduha
22 Rusama 2018, 13:33, par samwer end benigne
ndakunzumukobyamuga ntashak knndamujanakumwerek abavyey
31 Mukakaro 2018, 20:21, par Nkurunziza Prosper
Nibik Wobwira Umukombwa Kugira Aryohegwe Murukundo Gwanyu
21 Myandagaro 2018, 02:55, par Lewis
Izinku Zurukundo Zirampimbira Kandi Ndabashimira Pe Mubandanye Mushiraho Utundi Kuko Ibihe Bihinduka N’abantu Barahinduka
13 Gitugutu 2018, 13:44, par Niyokwizera Damien
K Muvuze K Umukobwa Iyo Yagukunze Ashira Imbere Kukuvuga Mubandi Bakobwa Bagendana,mbe Hoho Iyo Woba Waramurondeye Akakwanka Ubwo Ntakuntu Yokuvuga Mubandi?Ni Ryari Womenya K Uwo Ushaka Gukunda Atagushaka??
11 Munyonyo 2018, 09:24, par Nsengimana Nsekuye JEAN PIERRE
Nakuri kabisa, Gusa ndabashimiye kwizi nkuru muduha.