Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Ni ryari womenya ko umukobwa yaguhisemwo - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Ni ryari womenya ko umukobwa yaguhisemwo

Ni ryari womenya ko umukobwa yaguhisemwo

samedi 18 Rusama 2013

Urukundo ntiruzi kwihishira, guhisha uwukunda biragoye cane, ariko abakobwa kenshi bagerageza kubihisha uko bashoboye n’aho usanga hari ibimenyetso benshi muri bo bahurirako iyo bakunze. Ku mukobwa gukunda bigaragazwa no gupfuha hamwe no gukora uko ashoboye ngo ntabure uwo akunda.

1. Umukobwa yagukunze arakuvuga cane

Bitandukanye cane no ku bahungu, umukobwa yagukunze, kwiyumanganya biramunanira na cane cane ko abakobwa badatinya gushira hanze amabanga yabo akomeye ugereranije n’abagabo canke abasore. Umukobwa yagukunze iyo ari kumwe n’abandi cane cane abakuzi biwe aguma agutangako akarorero, aho yovuze abasore bose muri rusangi, akivugira wewe kuko aba ari wewe afata nk’ishusho y’urukundo kuri we. Gukunda k’umukobwa, ni ukwirekura no kwitanga ndetse no kugirira icizere umusore yakunze rimwe na rimwe kirenze ico aba akwiriye.

2. Umukobwa agukunda agukurikiranira hafi

Gukurikiranira hafi ibikorwa vyawe cane cane ingeso zawe, usanga abakobwa benshi bahuriye kuri ico iyo bakunze. Umukobwa yagukunze usanga arangwa no kumenya iwanyu, rimwe na rimwe agaharanira kumenyana cane n’abantu bakuzi. Kwifata ntakurikirane ivyo ukora, aho aba mu vyukuri, abagize umuryango wawe usanga bimunanira ugereranije n’ivyo abasore n’abahungu bakora kuko usanga akenshi batihutira gukurikiranira hafi ivy’umukobwa n’umuryango wiwe.

3. Umukobwa yagukunze aragufuhira

Abakobwa bakunda kwitegereza abakobwa bagenzi babo, bakabanegura canke bakabashima. Ivyo bituma umukobwa wese aba azi ko vyanse bikunze hari umukobwa runaka amurusha ubwiza, kandi ko areze amaboko ashobora n’ugutwara umutima w’umuhungu akunda. Gupfuha k’umukobwa canke gukurikirana umuhungu ibikorwa vyiwe, bishobora no kumushavuza cane cane ko ashobora no kuraba muri terefone yawe abo mwavuganye canke igitigiri c’ubutumwa wanditse, abo wabwandikiye, agaca agereranya n’ubwo wamwandikiye, ndetse n’amasaha wandikiyeko. Iyo muri abo wahamagaye harimwo abakobwa, aragerageza kuburyo abamenya kandi akamenya n’ubucuti musangiye canke aho ubugenzi bwanyu bugera. Iyo asanze ubugenzi bwanyu bukomeye, agerageza kubavuga nabi, kuvuga ko bafise ingeso mbi, canke akarondera n’ingene yobatuka.

4. Umukobwa arababazwa n’uko womubona asa nabi canke atabereye ijisho

Kuba umukobwa agukunda womubona adasa neza, biramubabaza cane. Aho rero kenshi aba adashaka ko womubona giturumbuka adasa neza, avyutse atarisiga. Aha usanga aharanira kwiyitaho bikomeye iyo aziko muhava muhura, araheza agakora uko ashoboye mugahura aberewe kandi abereye ijisho.

5. Iyo agukunda, araguha n’utuganuke

N’aho abagabo bakunda gutanga utuganuke, abakobwa bo baha agaciro cane gutanga akaganuke kurusha abagabo. Umukobwa kenshi abuzwa amahoro no kubura ico yoha umuhungu akunda kugirango ntamuhebe. Ahereye ku kumwitaho cane, ndetse no kumugurira utuntu rimwe rimwe, n’aho twoba dusanzwe, ariko akabona aguhaye akantu. Umukobwa yagukunze uri umusore, maze ubimenye ntumukunde nk’uko avyipfuza biramubabaza ariko kukwikuramwo burundu biramugora iyo urwo rukundo utarwakiriye. Umaze kubona ivyo bimenyetso, gerageza umuje kure ntarinde kugusesagurirako utuganuke mu gihe uri umusore atari indyandya, kuko iyo umuhemukiye kukwikuramwo biramugora, kuko ni hamwe uja ubona yokwiyahura kubera wewe.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.