Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nimba ugomba kugumana n’umugabo wawe nywa dukeyi - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Imibano > Urukundo > Nimba ugomba kugumana n’umugabo wawe nywa dukeyi

Nimba ugomba kugumana n’umugabo wawe nywa dukeyi

mardi 12 Ruhuhuma 2013

Kunywa inzoga nyishi ni bimwe mu bituma abantu bahukana, iyo rero umugore ariwe anywa cane gusumvya umugabo birunyuka. Ivyo tuvyerekwa n’ivyirwa vyakozwe n’abashakashatsi bo mu gihugu ca Norvege ku miryango ishika 20.000 .

Kenshi na kenshi uko unywa cane niko n’amahirwe yo kwahukana aba menshi. Ariko ayo mahirwe aragabanuka mu gihe abubakanye baba banywa ku rugero rungana. Ivyo bibonekera cane cane ku bubakanye banywa inzoga nyinshi co kimwe n’abatanywa na dukeya.

Abo bashakashatsi babonye ko iyo umugore ariwe arenza urugero mu kunywa gusumvya umugabo wiwe ariho urugo rwiwe rusambuka. Ivyo bivugwa n’umushakashatsi yitwa Fartein Ask Torvik wo muri kaminuza y’ubuvuzi muri Norvege.

Abahinga barerekana ibitari bike « Umugore arakorwako cane n’akaborerwe gusumba umugabo . Abagore bakunda kugira intege nke kandi mu kibano iyo umugore ari imborerwa usanga acirirwa umukenke ugereranije n’iyo umugabo ariwe ari imborerwa .

Ako kaborerwe k’uwo mugore gaca kaba intambamyi kubuzima bwiwe n’ubwo umuryango wiwe, ntaba agishobora kurangura amabanga ya inarugo.

Muri ico gihe umugabo wiwe akagomba kumwirukana canke kumuheba amuhora ko atakirera abana neza.


Sylvere Bavumiragiye

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.