Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Amashirahamwe 1300 yahamagaje imyiyerekano kuri uwu wa gatanu - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Amashirahamwe 1300 yahamagaje imyiyerekano kuri uwu wa gatanu

Amashirahamwe 1300 yahamagaje imyiyerekano kuri uwu wa gatanu

mercredi 25 Ntwarante 2015, par IGIHE

Amashirahamwe arenga 1300 n’amasendika ahurikiye muri rwa rugamba rwishinze kurwanya ubuzima buzimvye ahamagarira abarundi baba mu gisagara ca Bujumbura kwitaba imyiyerekano itegekanijwe, kuri uno wa gatanu. Abo bagize ayo mashirahamwe baragabisha kandi ko bashobora guhagarika imirimo yose, nk’uko babikoze ubuheruka.

Nk’uko bishikirizwa n’abarongoye amashirahamwe ahurikiye muri urwo rugamba bavuga ko kubona umukuru w’igihugu atarabishura amakete arenga atatu yose bamwandikiye, kimwe bamusaba akaba ari ikurwaho ry’itagisi rya 42 ku munota muvyo gutumatumanako, kugabanya igiciro c’igitoro gushika ku mafaranga 1700 kuko no kw’isoko mpuzamakungu cagabanutse aho akagunguru kavuye ku madorari 147 kaja ku madorari 50. Reta isabwa kandi ko yotorera inyishu ingorane y’ikena ry’igitoro, ayo mashirahamwe akagabisha ko mu gihe ivyo vyose bitotorerwa umuti, Reta y’Uburundi ntiyemere ibiganiro, ko bagiye gukora imyiyerekano, nk’uko amategeko abibarekurira, ivyo bikaba vyashikirijwe na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME, rimwe mu mashirahamwe ari muri urwo rugamba, akaba yavuze kw’izina ry’ayo mashirahamwe.

Kubw’ayo mashirahamwe, iryo bura ry’igitoro ntirisanzwe, mbere bakagiriza Reta ko ariyo yakinyegeje. Muri ayo mashirahamwe bavuga ko batumva ukuntu igitoro gishobora kubura kandi kuva mu mwaka w’2009, Reta y’Uburundi yama itoza ya mafaranga aja mu kigega c’integabizoza, ikaba imaze kwegeranya amamiriyaridi ashika 30 y’amarundi.

Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa gatatu, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME Gabriel Rufyiri, yamenyesheje mbere ko hari abategetsi bo mu gihugu kibanyi c’Urwanda bemeye ko hamwe Reta y’Uburundi yovyipfuza boshobora kubagurana, maze bakazobasubiza, kanatsinda ababanyi bamye bafashanya. Ayo mashirahamwe asaba Reta gutorera inyishu mu maguru masha umuti w’izo ngorane zose badondaguye.

Mu gihe rero ku munsi w’ejo Reta y’Uburundi itoba iratorera inyishu ivyo bibazo, ayo mashirahamwe ahamagarira abanyagisagara ca Bujumbura bose kwitaba akamo ko kuri uno wa gatanu, igenekerezo rya 27 Ntwarante ko kwerekana akababaro bafise. Iyo myiyerekano nayo ikazobera impande y’ikibuga citiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore, hafi y’ibiro vy’umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza. Ariko nk’uko Rufyiri Gabriel Rufyiri abandanya abisigura, iyo myiyerekano ni ukuguma aho nyene, nta rugendo bazogira bazohurira aho igihe c’isaha zine, agatera akamo igiporisi ko cobakingira umutekano wabo.

Mu nani z’amasendika CSB na COSYBU nabo bari kumwe n’ayo mashirahamwe yishinze kurwanya ubuzima buzimvye, bakaba bagabishije kandi ko hamwe Reta itokwikubita agashi igatorera inyishu ivyo bibazo bihanze abarundi muri kino gihe, baragabisha ko nabo bazoca bahagarika imirimo inyuma yo ku munsi wa gatatu atakivuyemwo muvyo basaba, nk’uko bishikirizwa na Célestin Nsavyimana, icegera c’uwurongoye urunani mpuzamasendika COSYBU.

Tubamenyeshe ko ico kiganiro cari kiremeshejwe n’abaserukira ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO, OLUCOME, CSB, COSYBU, amasendika y’abigisha, amashirahamwe y’abunguruza abantu n’ibintu, amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB, hamwe n’amashirahamwe y’urwaruka. Hagati aho, ishirahamwe ry’abaguzi ABUCO rikaba ryaciye rimenyesha icese ko rivuye muri wa murwi ushinga ibiciro vy’ibitoro, kuko hari ukudakorera ku muco bigaragara muri uwo murwi, kanatsinda n’amanama yagiye atunganwa muri uwo murwi bayagira bakumiriye iryo shirahamwe ABUCO riserukira abaguzi.


Floxella Karire

Messages

  • Murakoze kudutumira banyakubahwa kuriryo sango inkoko niyongoma tuze twerekane agahinda namaganya ninzara tufise vyatewe nabo bambuzi ngo nabategetsi

  • MZOKWAMA MUGARUKIRA IGIHUGU NA KARE MURI BENE CO NTA MWANA N’IKINONO!!!

  • nonayo mashirshamwe anganuko yoseyonka reta ahubwo mwogeizibikorwa mugatangakazi kibenegihugu kwamuhanzamaso reta ningorane muzoshirabenegihugu munayira gushika ryari

  • reka kubeshha abantu nuburyo muriko murakorresha kugira murabe abazobakurikira muriyamigumuko mwategura yokukwanya ikiringo ca kabiri cankurunnziza nimwipime basha

  • reka kubeshha abantu nuburyo muriko murakorresha kugira murabe abazobakurikira muriyamigumuko mwategura yokukwanya ikiringo ca kabiri cankurunnziza nimwipime basha

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.