Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
Nta kindi basaba atari ibiganiro na OBR - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nta kindi basaba atari ibiganiro na OBR

Nta kindi basaba atari ibiganiro na OBR

vendredi 4 Gitugutu 2013

Abadandaza bakorera mw’isoko kwa Siyoni basaba ikigo OBR (Office Burundaise des Recettes) ko cobugurira bagasubira kudandaza ataco basabwe, n’itagisi isabwa ku gitenge yoshirwa ku rugero rumwe n’ibindi bihugu bihurikiye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko.

Mu nama yabaye ku muhingamo wo kuri uno wa kane igenekerezo rya 3 Gitugutu 2013, itunganijwe n’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, hamwe n’abaserukira abadandaza b’ibitenge mw’isoko kwa siyoni barahanahanye ivyiyumviro.
Abadandaza bagiye barafata ijambo muri iyo nama, n’agashavu kenshi bati : "Ntitwanse gutanga itagisi ariko twarababajwe n’inyifato y’ikigo OBR. Nta kuntu bari kuza ari igitero, baza kutwugarira kandi twarasavye incuro nyinshi kuva mu nama y’igenekerezo rya 21 Myandagaro 2011 ko hobaho ibiganiro ku vyerekeye amatagisi asabwa ku gitenge."

Audace Bizabishaka arongoye sendika y’abadandaza SYGECO yamenyesheje ko mu Burundi itagisi yo ku bitenge iri ku bice 50 kw’ijana ushizeko ya tagisi y’inyongera bita TVA y’ibice 20 kw’ijana. Igitenge kica gitanga itagisi ija ku bice 70 kw’ijana, ivyo bigaca bituma abo badandaza b’ibitenge batunguka na gato. Basavye Leta ko yobashirira ku mafranga make kuko mu bindi bihugu vyo muri kano karere ka afrika y’Ubuseruko bariha ibice 25 kw’ijana.

Pacifique Ninihazwe, arongoye ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), co kimwe n’abapfasoni b’abadandaza bagiye barafata ijambo muri iyo nama baranegura cane abakenyezi bitwa ko baserukira abandi mu nzego, ariko ntibigere babonwa mu bihe nk’ivyo, aha baradomako urutoke abakenyezi b’abashingamateka n’abakenguzamateka, abashikiranganji batandukanye b’abakenyezi. Batangazwa n’ingene ikigo OBR aho gushira inguvu mu gucungera umupaka, bafata ingendo yo kubaburabuza.

Ku vyerekeye abadandaza b’ivyamwa ubu bakorera mw’ibarabara, abari muri iyo nama basavye ko bobareka bakaba barakora mu kurindira ko ikibanza bariko barategurirwa cokwuzura. Mu gihemuri abo bakenyezi badandaza ibitenge bamwe muribo b’abakongomani birukanwe, bakagenda badatwaye n’utwabo, Pacifique Nininahazwe arongoye FOCODE yamenyesheje ko ari agahomerabunwa, kuko mu gihe abarundi batari bake bariko barirukanwa mu gihugu ca Tanzaniya, igihugu c’Uburundi nticari gikwiye gukora ibisa nk’ivyo."
Abari aho muri iyo nama barashimiye umuhuza w’abarundi ku ruhara ntangere yagize mukugira abakenyezi bari bafunzwe bafungurwe vuba.

Mwomenya ko muri iyo nama ata muntu n’umwe yitavye aje aserukira Leta. Iyo nama yarangiye abaserukira ayo mashirahamwe atandukanye bemeranije n’abo badandaza ko ikibazo cabo kigiye gutwarwa imbere mu nzego zo hejuru kuko vyibonekeje ko hashobora kuba harimwo izindi mvo zinyegeje inyuma y’ako kajagari. Amashirahamwe yari yatunganije iyo nama akaba ari OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques), FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement), SYGECO (Syndicat Général des Commerçants), COSYBU (Conféderation des Syndicats du Burundi) hamwe na APRODH (Association burundaise pour la Protéction des Droits Humains)


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.