IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ntibantunganya: "Ubwicanyi buriko buraba ntibufise intumbero yo (...)

Ntibantunganya: "Ubwicanyi buriko buraba ntibufise intumbero yo kuzimanganya akahise"

lundi 17 Myandagaro 2015

Slyvestre Ntibantunganya yahoze atwara igihugu c’Uburundi amenyesha ko ubwicanyi buriko buraba mu Burundi budafise intumbero yo kuzimanganya ivyabaye muri kahise k’Uburundi.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Ijwi rya Amerika,Slyvestre Ntibantunganya yavuze ko yaba Gen Adolphe Nshimirimana canke Colonel Jean Bikomagu,bamye bariho kuva kera atawabariye n’urwara ari naco gituma kuvuga ko hoba hari intumbero yo kuzimanganya akahise atari vyo.

Slyvestre Ntibantunganya yavuze ko,ubwicanyi buba mu gihugu c’Uburundi muri kino gihe,bushobora kuba buriko buzura akaboze,biciye ku cuka ca politike kiri mu gihugu kuva umukuru w’igihugu amenyesheje ko azokwitoza kurongora Uburundi ku kiringo ca gatatu.

Mwomenya ko Slyvestre Ntibantunganya yatwaye Uburundi hagati y’imyaka y’1994 na 1996,inyuma y’urupfu rw’umukuru w’igihugu Melchior Ndadaye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • uravuze ukuri mutama. ahubwo, imana nitabare igihugu cacu. kuk niyo izi inzira izobicishamwo.

  • SAWA MUTAMA WE TURAKWEMERA KUBUTWARI BWAW!GUSA ABO BA DD BARIHENDA NTIBAROTA BADUCANISHAMWO BAKORESHESH UBWOKO!TWES ABARUNDI BAKUNDA IGIHUGU TURI PRETS A SERVIR LA NATION(HUTUS,TUTSI ET TWA) SOMMES UNIS A REFUSER CE 3EME MANDAT MAUDIT

  • Non Ko Bik6agu Twomubajij Ingen Ndaday Yapfuy Yishw N Igisirikar Yatwara Ubu Tuzobibazand? Atway Amabanga Menshi.

  • MBEKOMUTAMPA ADRES YAK GATAM NDAKABOR NABUZ NAKOGUT KWIKARA KWER HASIGAY NTIBANTUNGANYA HUMURA MUTA NZOGUTUNGANIRIZA]KUVAKERA WARABUZE UWUGUTUNGANIRIZA NDAHARI UNYITEG

  • Ariko mutama Ntibantunga , cagihe nyuma yiyicwarya Ndadaye wewe ubaye prezida harihumurwi wabantu bacabavyura akajagari bakica cagakora ibibivyose bishoboka. Ariko Buyoya yasimbura kuntebeyumukuruwigihugu babantubose bakaca batekereza, abantubamwe bakacabavugango Buyoya niwashiyegutwara igihugu. Ndashaka kubabwirako nubu arico bamwe bashatse nubwobamwe bapfakujamubintu batazi iyobijaniyobiva. Uyuniwomwonya wokinirwanya kugirantihazogire abazobigira akamenyero kokuza baragita umurwi wakajagari kubera uwobadashaka maze uwobadashaka bamukurako akajagari bakacabagahagarika. Nicohituma ububu muzamurumva bagarura ijambo ngo Nkurunziza mpaka avuyeho, kuri Nyibantunganyanaho bavugango mpaka Ntibantunganya avuyeko! Nonega Nintibantunya bitwigishiki?

  • Ntibantunganya we najye yirira amabyi y’abatutsi. Nidusubirana ubutegetsi twebwe abatutsi tuzomuha menshi ahage ayandi tuyamusige.

  • @Avec. Nibyo koko uwo Ntibantuganya areba bugufi. Ubwo se arashaka nanone ngo abe Perezida w’imfatakibanza abone uko yosubira kurya kumabyi ya bene Bikomagu??? Nagende niba ayakumbuye akurikire Bikomagu amugaburire gusa amenye ko Nkurunziza ari umugabo Imana yategetse gutwara abarundi.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.