Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyakabiga : Abanyagihugu baremeza ibura ry’indangamuntu
Nyakabiga : Abanyagihugu baremeza ibura ry’indangamuntu
jeudi 19 Ntwarante 2015
Abanyagihugu bo muri komine ya Nyakabiga, bariteguriye neza amatora, nk’uko bivugwa na musitanteri w’iyo komine.

Eric Nkurunziza musitanteri wa komine ya Nyakabiga, avuga ko abanyagihugu biteguriye amatora, mu kuzokurikiza urutonde rw’umurwi ujejwe kuyategura mu gihugu CENI. Musitanteri akabandanya amenyesha ko abajejwe intwaro muri iyo komine babandanya guhimiriza abanyagihugu, kugira bamenye, akamaro ko gutora. Ariko rero abanyagihugu baja kurondera amakarata karangamuntu ntibayaronka, muri komine bakavuga ko ingorane ziva cane cane ku kumafishe yaheze, ariko mu ntwaro nyene bakemeza ko izo ndangamuntu iyo zabonetse ziheza zigatangwa ku mugaragaro.
Ariko kuri iyo ngorane y’ibura ry’indangamuntu, musitanteri akaba amenyesha ko mu buyobozi bw’igisagara ca Bujumbura babemereye izo fishe. Eric Nkurunziza asaba abanyagihugu b’iyo komine kudasigara inyuma, bose bakaja kwiyandikisha, kugira baze bitabire amatora bose.

Aristide Nizigire
Messages
21 Ntwarante 2015, 12:13, par ndayishimiye ally
nivyiza kwitegura amatora yaje mashasha kaze mwese mugihugu.