IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nyarugusu: Impunzi z’abarundi zisaba abanyapolitike kugira umutima (...)

Nyarugusu: Impunzi z’abarundi zisaba abanyapolitike kugira umutima w’ikigongwe

samedi 20 Ruheshi 2015

Igenekerezo rya 20 Ruheshi uko umwaka utashe,isi irahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe impunzi.Mu gihe uwo munsi ushitse hari impunzi z’abarundi zahunze igihugu,zasaba abanyapolitike kuvyura umutima w’ikigongwe.

Zimwe muri izo mpunzi z’abarundi ziri mw’ikambi y’impunzi ya Nyarugusu,mu gihugu ca Tanzaniya.Zivuga ko naho uwo munsi uhimbazwa ,ari umunsi ubabaje kuko kwitwa impunzi atari vyiza.

Bamwe muri izo mpunzi babwiye iradiyo y’abongereza BBC ko bipfuza gutanga ubutumwa ku bantu bose bakeneye inyungu zabo, ngo bavyure umutima w’ikigongwe kuko ubuzima babayemwo bugoye aho . imiryango ibiri canke itatu ibana mu kazu kamwe.

Izo mpunzi zikebura abafise ivyo barwanira kugira bareke guharira ku buryo butuma abantu baja mu makambi y’impunzi.Bavuga ko ubuzima babayemwo muri iyo kambi y’impunzi y’i Nyarugusu bugoye cane.

Kubw’izo mpunzi, ibihugu bitera amatati atuma abanyagihugu bavyo bata bakomoka, vyari bikwiye gufatirwa ingingo n’ ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Izindi mpunzi z’abarundi ziri mu gihugu c’Urwanda, izindi ziri mu gihugu ca Republika iharanira Demokrasi ya Kongo.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.