Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba: ’’Abanyagihugu basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye’’
Nzobonariba: ’’Abanyagihugu basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye’’
mercredi 23 Kigarama 2015
Reta y’Uburundi imenyesha ko yafashe ingingo zose zikenewe kugira abanyagihugu bose bazohimbaze iminsi mikuru irangiza umwaka mu mahoro n’umutekano.
Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi wa Reta akaba n’umunyabanga wayo Filipo Nzobonariba,abanyagihugu bose basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye kandi barikanuye kugira ntihagire uwubaca mu ryahumye ngo ahungabanye umutekano.
Muri iryo tangazo,umuvugizi wa Reta yavuze ko ku bijanye n’abagomba gutamba ari benshi bobimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano kugira bamenye uko bacunga umutekano.
Ku bafise amazu y’ubutambiro,Filipo Nzobonariba yavuze ko bobikora bubahirije amategeko kugira ntihagire uwo babuza kuruhuka kubera urwamo rw’umuziki.
Ku bijanye n’umutekano wo mw’ibarabara,umuvugizi wa Reta yavuze ko abatwara imiduga canke amapikipiki bategerezwa kwubahiriza amategeko yo mw’ibarabara,bakabitwara batanyoye inzoga kuko hazokoreshwa ibipimo vyo kumenya abariko baratwara ivyuma banyoye inzoga.
Van Naris Mugisha
Messages
23 Kigarama 2015, 19:18, par fils
Komera mutama dushaka abantu nkamwe
23 Kigarama 2015, 19:59, par Joseph Nzinahora
Ivyo mu Burundi ni urudubi! Mbe secretaire général du Gouvernement ni we yasubiriye muri vyose Ministre de l’Intérieur? Nk’ivyo ahejeje kuvuga biraba ministre de l’interieur canke Ministre de la sécurité publique.
23 Kigarama 2015, 23:33, par umuhire sandrine
ndatangaye cyane ubwose iyomisi mikuru muvuga bazayizihiza gute murimwo murica uko mushaka mubasize bupfubyi ngo imisi mikuru erega ni iyanyu mwebwe nyene mukora umusi kuwundi mugandagura namwe urupfu rurabegereye cunga mutaona
24 Kigarama 2015, 06:34, par None?
Wesha Joseph Nzinarose, menyagusa kwaribene mugabo umwe ibindi ubireke. Buvuze umwe murabobose uvuze tuvyumvakumwe. Mbecanke umuvugizi wa reta bisiguriki?
24 Kigarama 2015, 16:40, par DUD
IMANA ISHIMWE