IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Nzobonariba: ’’Abanyagihugu basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye’’

Nzobonariba: ’’Abanyagihugu basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye’’

mercredi 23 Kigarama 2015

Reta y’Uburundi imenyesha ko yafashe ingingo zose zikenewe kugira abanyagihugu bose bazohimbaze iminsi mikuru irangiza umwaka mu mahoro n’umutekano.

Mw’itangazo ryashikirijwe n’umuvugizi wa Reta akaba n’umunyabanga wayo Filipo Nzobonariba,abanyagihugu bose basabwa guhimbaza iminsi mikuru badasesaguye kandi barikanuye kugira ntihagire uwubaca mu ryahumye ngo ahungabanye umutekano.

Muri iryo tangazo,umuvugizi wa Reta yavuze ko ku bijanye n’abagomba gutamba ari benshi bobimenyesha abajejwe intwaro n’umutekano kugira bamenye uko bacunga umutekano.

Ku bafise amazu y’ubutambiro,Filipo Nzobonariba yavuze ko bobikora bubahirije amategeko kugira ntihagire uwo babuza kuruhuka kubera urwamo rw’umuziki.

Ku bijanye n’umutekano wo mw’ibarabara,umuvugizi wa Reta yavuze ko abatwara imiduga canke amapikipiki bategerezwa kwubahiriza amategeko yo mw’ibarabara,bakabitwara batanyoye inzoga kuko hazokoreshwa ibipimo vyo kumenya abariko baratwara ivyuma banyoye inzoga.


Van Naris Mugisha

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.