IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OAG: Amatora meza ategurwa kare

OAG: Amatora meza ategurwa kare

mercredi 17 Ndamukiza 2013

Ishirahamwe rikurikiranira hafi ibikorwa vya Leta OAG(Observatoire de l’Action Gouvernementale), rifashwe mu mugongo na Oxfam Novib, ryatunganije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 17 Ndamukiza 2013 uruganda rwo kurabira hamwe icirwa cakozwe n’umuhinga w’umushakashatsi Julien Nimubona ku mategeko yogenga amatora mu Burundi.

JPEG - 43.2 ko
umuhinga Julien Nimubona

Mw’ijambo ry’intangamarara, umuhinga Julien Nimubona yamenyesheje ko kenshi na kenshi amatora apfira mw’itunganwa. Iyo umurwi uyategura udahurikiyemwo impande zose, icizere kiba gike kuko bica bisa n’uko wokora mu ntumbero yo gushimisha abawugenye. Amatora akwiriye mu gihugu kigengwa n’amategeko yoba yigenga, agatanga uburenganzira bwo guhiganwa ku rugero rumwe, eka mbere akaba ku mugaragaro. Ubutungane n’inama nkuru y’ubucamanza vyokwigenga, ivyo bigatanga icizere kuri Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro, aboyitura nabo bagatunganirizwa hisunzwe amategeko.

Muvy’intwaro, amategeko yokwerekana aho ububasha bw’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu bugarukira, ivyo bigafasha kutivanga mw’itunganwa ry’imigambwe. Ama nama mpanuzwajambo y’ama komine yokora yigenga, ba musitanteri nabo bagatorwa ku mugaragaro hisunzwe ibisabwa mu guhiganirwa ico kibanza.

Amategeko yosubirwamwo bijanye n’igihe turimwo kuko menshi agaragaza utunenge muvyavuye i Arusha, ikiyago kigashirwa imbere muri vyose, maze abo vyega bagahana ijambo mu gutora inyishu y’ikibazo cose coba cadutse. Ariko rero, uwo yahoze ari umushikiranganji w’amashure ya kaminuza n’ubushakashatsi, Julien Nimubona, yibukije ko atari vyose vyosubirwamwo, riho ahari ibidatomoye hokosorwa.

Uwo muhinga yasavye Leta kuzokwubahiriza ivyavuye mu mubonano wateguwe n’ibiro bikuru vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, wabahuje n’abahurikiye mu yindi migambwe harimwo n’iyitavuga rumwe na Leta. Abashingamateka bokwitaba n’umwete ibikorwa vy’isubirwamwo n’itosorwa ry’amategeko, abanyamigambwe nabo bakavugana ukuri, mbere bakihanganirana.

Amashiramwe adaharanira inyungu za politike yokwama ategura inganda zo guhanahana ivyiyumviro, bakanatumira n’abatari abanyepolitike bashobora gutanga umuco.

JPEG - 78.8 ko

Urwo ruganda rwabereye mu nyubakwa za White Stone rwakengurutswe n’abari barutumiwemwo harimwo n’abakuru b’imigambwe itandukanye, aho bivugiye ko bahakuye inyigisho zizobafasha nibatangura kubonana bategura amatora twimirije mu mwaka w’2015.

JPEG - 58.1 ko

Egide Nduwimana

Messages

  • Turasavye abategetsi badufashe dutegure amatora meza asukuye kandi baze bubahe ibizovamwo. Abarundi nabo ntibazosubire gutora ubwoko canke imigambwe. Nibarabe imigambi, turanyotewe iterambere

  • gutegura amatora ndumva arurugamba kuko abanyagihugu bo nibo bakomereka akenshi usanga bava mumigabwe itandukanye bigatumahaba ukurabana nabi kumugambwe watsinzwe nuwatsinze nibaza ko ibwirizwa shingiro ryotora ibihano kumugambwe uzohohotera uyundi kandi hakaba ibihano bikwiye kumugabwe uzokwanka ivyatanzwe kandi abanyagigugu bomumisozi kure ya ma komine akaronka umutekano ukwiye kandi nuwuzokwiba amatora ahanwe

  • Si agaseseshwa rumuri Uburundi harageze niba hatarengeranye ko abategetsi nabanyagihugu bokwama bumviriza ivyiyumviro vyubaka bidashingiye kunyungu zumuntu canke abantu kugatwe kabo. Ibindi bihugu bigeze kure mwiterambere kubera demokarasi bayireka ikigaragaza, Vyofasha rero ko amakungu nabanyagihugu bokwizigira intwaro bitoreye hakoreshejwe guhiganwa guciye mukuri atagikenye, atanzigo nakazikira, atakuvuga ngo ngire nkabandi, atakuvuga ngo ntari kubutegetsi ibara riragwa, canke ngo kubutegetsi haje abananiwe nibindi bikuru bikuru bishikana umuntu kubutegetsi nubuyobozi( Competence et efficience). Uburundi ntibwategerezwa gutwagwa uko uburayi bwari butwawe muri Moyen Age, ahubwo twategerezwa kwisunga amatega namategeko agenga ibisabwa kugira umuntu ayobore abandi munzira azi ko arizo zigezweho kuko azisoma akazumva

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.