IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : "Biragoye kwemeza ko Uburundi bwikukiye"

OLUCOME : "Biragoye kwemeza ko Uburundi bwikukiye"

jeudi 30 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Kuva Uburundi buronse intahe y’ukwikukira mu mwaka w’1962, ishirahamwe OLUCOME rivuga ko ata ndongozi ziraboneka zishira mu ngiro ivyo ziba ziyemeje, muri iryo shirahamwe bakibaza namba vy’ukuri igihugu c’Uburundi cararonse intahe y’ukwikukira.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko n’abari bashize ahabona imigambi ikomeye y’uguteza imbere Uburundi bataronse umwanya wo kuyishira mu ngiro kuko baciye bagandagurwa, aho bakavuga nk’umuganwa Rudoviko RWAGASORE yarondeye intahe y’ukwikukira, hamwe na Melchior NDADAYE yarondeye intwaro rusangi. Kubwa OLUCOME guhera Uburundi bwikukiye, Uburundi nta kimenyetso na kimwe cerekana ko bwikuyeko intwaro y’abanyamahanga.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye mu gihe buca hahimbaza kuri uwu wa gatanu imyaka 54 iheze Uburundi buronse intahe y’ukwikukira, batanze tumwe mu turorero dutuma OLUCOME yibaza namba iyo ntahe Uburundi bwoba bwarayironse.

JPEG - 83.6 ko
Gabriel RUFYIRI, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME

Inyuma y’iyo myaka 54 iheze, ibice birenga 50 kw’ijana vy’amafaranga Reta y’Uburundi ikoresha bitangwa n’abafasha Uburundi, bisigura ko imigambi y’iterambere ry’igihugu idashobora kurangurwa hatabonetse imfashanyo z’amakungu.

Ishirahamwe OLUCOME rivuga ko gushika mu mwaka w’2016, Reta y’Uburundi itarashobora gutunganya ubuzima bw’abanyagihugu bwobatuma baronka vya nkenerwa nk’ugufungura, kwivuza, uburaro, hamwe n’ukwambara, iryo shirahamwe rikavuga cane cane ko bitangaje kubona igihugu kimaze imyaka 54 cikukiye arico gifata iya mbere mu bihugu bikenye kw’isi yose, igiturire hamwe n’ukudahana ivyaha bikaba vyiraye, Uburundi bukaba ari ubwa gatandatu kw’isi mu bihugu birangwamwo igiturire ku rwego rwo hejuru.

Inyuma y’iyo myaka 54 iheze Uburundi bwikukiye, OLUCOME ivuga ko ata butegetsi na bumwe bwashizeho sentare ijejwe gucira imanza abategetsi bakomeye nk’umukuru w’igihugu, umukuru w’inama nshingamateka, umukuru w’inama nkenguzamateka, hamwe n’ivyegera vy’abo bategetsi. Iryo shirahamwe rikibaza iyo ntahe y’ukwikukira Uburundi bwaronse mu gihe iyo sentare itegekanwa mw’ibwirizwa shingiro mu ngingo zayo z’233 hamwe n’234, ariko ikaba itarigera ishirwaho.

Kubwa OLUCOME, ntawovuga ukwikukira mu gihe Uburundi butagira na bimwe mu bimenyetso bigaragaza ukwikukira kw’igihugu, aho Gabriel RUFYIRI arongoye iryo shirahamwe akavuga nk’indege irerura umukuru w’igihugu yagurishijwe, hamwe n’ahakorera umukuru w’igihugu n’inama nshingamateka atari aha Reta.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo OLUCOME yasohoye, uburongozi bubi mu Burundi buterwa n’uguhahamira ubutegetsi n’amatunga birenze urugero, kugena mu mabanga akomeye abantu batabishoboye, hamwe n’amatunga adasiguritse.
OLUCOME ikamenyesha ko ivyo arivyo bitera intureka za poritike, umutekano muke hamwe n’ihungabana ry’ubutunzi bw’igihugu, abanyagihugu bagaheza ntibashobore kwizera uburenganzira bwabo bw’ugushikiriza ivyiyumviro, ku bwoba bw’uko bokwicwa canke bagatabwa mu mvuto.

Muri OLUCOME bati : "Biragoye kwemeza ko Abarundi bikukiye, mu gihe vyabananiye bonyene gutora umuti w’ibibazo bibahanze, amakungu atarinze kuza kubafasha. Abanyeporitike b’Abarundi akaba ahubwo aho gutora umuti, bazana ibindi bibazo bishingiye ku moko."

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi ko yoca bugufi, ikemera ibiganiro n’abatavuga rumwe nayo, kugira umuti urama w’ibibazo biri mu Burundi uboneke.


IGIHE

Messages

  • Urumugabo Pe Wijunja N’ijambo!!Urimugakuri Pe!!

  • Amajambo nimeshi yokubabantahompagaze.haragezeko imvugo irangwa nibikorwa kuko abarundi bazikuvuga ibibazogusa mugihe gushigikira ivyobadashaka kubamuribo!! Kwibibazo arivyishi ntimwoza inyishu nibyokorwa tugahitamwo atarugupinga nokubingayigusa mwitwa abanyabwenge nomugusambura imigambi yaleta zijaho?? Iyohageze gusambura abanyabwenge mubabambere gusambura none muzohinduka ryari! Muhindurimvugo muzanimigambi yicokogwa nivyobikenewe.

  • ntakwikukir mugihe benewacu brimubuhungiro abandibicwa umugambwe umwe atawundi uja habona ukore kumugaragaro ntakwikukira guhari

  • Hariho umuntu yavuze ko nubujuju aringwara nizindi,ariko nanje nokwongeraho ko nubutamenya navyo ningwara.

    Umva wewe ubwawe ubifisemwo uruhare raba wibagiwe kuvugako na Petero Nkurunziza babonye yivuyinyuma mukurondera ivyotuma uburundi bwisununura baciye bamuhagurukira, ivyowobawarabimenye? Nimba utarabimenya nivyowavuze vya Rwagasore bamutesheje ntabikore, na Ndadaye wavuze urinkumuringa uvuga ugasamiragusa canke igikinisho.
    Twebwerero twamaze gutahura rekatubonereho kubabwira ukuri kugira ikindigihe nimwahura nuyumwanditsi mwahaye ikiganiro ntuzomubwire ibintu birimwo ubwenge kugira nabazungu nibavyumva bazocebavugako mwamaze gucubwenge mutakiyayata.
    Umvarero:
    Harihabantu badukoroneje bagiye batagiye, mutigute bobo bashatse gukomeza badukoroneza biciye kurivyobice 50% wavuze baduha kugira uburundi bubaho, iyo igihugu kirose abantu barondera uburyo bwogukora kugira uburundi ntibusubire gukenera icakabiri ca budget yamahera bakoresha mumwaka abobazungu bakoroneje uburundi babonye tugomba kubishikako bacabatangura kurondera abantu batazi gushishoza bameze nkukwokwawe bagatangura kubabwira ivyobakora bibangamira igihugu cabo noneho tukaruhuka vyabindi twaritugezeko vyashaka kudukura mugusabiriza bihagazeko.
    Akarorero kahafi nigihe Nkurunziza nabobakorana bataribwemere kwikora kumutungo Kamere wuburundi abazungu baribatekereje,ariko babonye ahisemwoko umutungo kamere wuburundi ushobora kugira icuhinduye ku Burundi nabarundi baciye bafatwa nibivuvuri.
    ULUCOM nimba utaramenya ubwobubi bwabazungu ndagusetse kandi nejo nzoguseka.
    Ariko abobazungu badukoroneje bobo bacabakubona nkigipupe iyobabonye ivyobakorera igihugu cawe utigera umenya intumbero yabobababashaka gushikako ahubwo wavuga ukerekana kubashigikiye maze igihugucawe mukugirtyoza ukivayo! Ntasoni!!!???.

  • Olicome komuvunga nog uburundi ntaterambere bwakoze kuva bwikukira mweho kwatacompany nimwe mwuguruye ngomuhe abarundi akazi ngobakore mwereke mama izoreta atacho wakoze mwiterambere ntimwumvanamwekomurimwo ahubwonimwe muteyisoni ntimwarimukwiyenokuvuga gutyo twereke ah o olucome ifise naka restaurant ngotuze nukoza amasahani batihembe nijanabasi

  • Olicome komuvunga nog uburundi ntaterambere bwakoze kuva bwikukira mweho kwatacompany nimwe mwuguruye ngomuhe abarundi akazi ngobakore mwereke mama izoreta atacho wakoze mwiterambere ntimwumvanamwekomurimwo ahubwonimwe muteyisoni ntimwarimukwiyenokuvuga gutyo twereke ah o olucome ifise naka restaurant ngotuze nukoza amasahani batihembe nijanabasi

  • Olicome komuvunga nog uburundi ntaterambere bwakoze kuva bwikukira mweho kwatacompany nimwe mwuguruye ngomuhe abarundi akazi ngobakore mwereke mama izoreta atacho wakoze mwiterambere ntimwumvanamwekomurimwo ahubwonimwe muteyisoni ntimwarimukwiyenokuvuga gutyo twereke ah o olucome ifise naka restaurant ngotuze nukoza amasahani batihembe nijanabasi

  • Sagaseseshwa rumuri uwovuga kuburundi bwikukiye yoba abeshe kuko igihugu cikukiye abanyagihugu baco bakama bariko baricwa bahohoterwa baborezwa igufa bapfungwa ahoho bazira ivyiyumviro vyabo icogihugu ntikiba kirikukira nagato gusa kwikukira bigaca biba ururirimbo rwakarwi kaba gapfukamye igihugu munda mukwinyegeza inyuma yukwo kwikukira ngo bahahaze abandi unomusi abirirwa baririmba ukokwikukira uwobasubiriza mundumane ngwabagirire nkivyo bariko baragirira abandi sinziko boshobora gukurako umunwa ngo bavugeko bikukiye

  • Hari uwavuze ati kugira nter’imbere ndakeney’abagenzi, ati kugiranter’imbere cane ndakeye nabansi nabo! lelo ibibazo sibibi nabavuga Reta nabi sibabi bayituma Reta ibonakure.

  • Abarundi Ba Mumenya Ico Turi Ntamuzungu Atwara Twishwe Nizo Ntozo Zababirigi Batwiciye Umu Hero ABAZUNGU IMANIRABABONA

  • Umuntuwese avugako uburundi butarikukira kandi yitwa incabwenge aracari kure,Ubundi kwikukira niki??nibendera yabamwe imanugwa iyabandi ikaduzwa.NONE HARUWUTAZI KWIBENDERA YABABIRIGI YAMANUWE IYUBURUNDI IKADUZWA!!! Igisigaye nivyiyumviro vyabenegihugu bizana iterambere bipfuza,kwikukira ntibisobanura kumuntacarya atakoze-canke yimbura atarimye- none nikigituma abarundi duhora mudryane zidashira zitegwa nabiyita abize bakiga ibidusubizinyuma gusa!!nuwugize ngo araseruye icogiririkimazi abarundi nimwebwe mumugwanya!!nonemwumva kwikukiragusigaye ataruko mumitima yanyu mukamenya ningene ibintu bikwiye kugenda atagutana kumwikomo!! Uwigizikiraro abantubose bamucako- uwigizagitebo bamuyozumwavu, ko habaye Rwagasore akicwa-Ndadaye agakurikira nubu bikababibonekako NKURUNZINZA MUTAMWOROHEYE MWEBWE MUNEGURA UKWIKUKIRA NYENE NTIMWOMENYA KWABOMUKORANA BABAHISHA ICOBIPHUZA÷nubwambere habimyiyerekano yumuntumwe muburundi noguhamagarira abagwanya iterambere mugihugu ngobaje mwibarabara inyungubizanirigihugu turayibona nukugaya ivyomugwanya kobitakozwe .musabImana ibahe kwikukira mumitima habonekemwo urukundo ivyomugaya ntimuzosubira kubibona muzosangirivyo mufise ,munezeregwe kwikukira kwigihugu kukwigihugu nabakigize sivurikirimwo.shigikira imigambi ya Leta numukuru wigihugu twimamatwi basesa nkuyoze murabeko vyose bitagendaneza!!!

  • Gaburiye Gendawirambire Gikuru Twesetubona Nukohobibiganiro Gaburiye Gendawirambire Gikuru Twesetubona Nukohobibiganiro Bidakumira

  • Muko vyogenda neza nuko hohanwa abagirizwa amakosa bose . abasahuye ivyo abanyagihugu bakabisubiza .

  • Igihugu kubagikenye ntibikibuza kokiguma citwa igihugu, uzosanga kiguma citwa IGIHUGU cambere gikenye kuruta ibindi BIHUGU.
    Kuvuga rero ngogukena ngobisigura kwigihuhu kibakitarikukira uwubivuze abayerekanye kubwengebwiwe bufise ahobugarukira kwagereranwa numwana yabwiye umuvyeyi wiwe amuvyara ngo wewe ntamuvyeyi urimwo!!!

  • nukur kuvy mwiyumvir ntawobagwany mug ntimwigayish

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.