IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME : Ipfungwa rya Bob Rugurika rigamije kwihora RPA

OLUCOME : Ipfungwa rya Bob Rugurika rigamije kwihora RPA

mercredi 28 Nzero 2015

Ifungwa rya Bob Rugurika nta kindi rigamije atari kw’ihora uwo mumenyeshamakuru n’iradiyo RPA, kuko amakuru bashikiriza asa n’ayasogota imbugita mu gikomere abategetsi, mu gushira ahabona ibitagenda neza. Ni uburyo Reta yatoye kandi kugira isamaze abarundi bibagire ibibazo vyari bibaraje ishinga, nk’uko bishikirizwa na Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME.

Mw’itangazo ryasohowe n’ishirahamwe OLUCOME, mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, bariyamiriza ifungwa rya Bob Rugurika kuko ku bwabo ata shingiro rifise, kuko yakoze umwuga wiwe. Ubutungane ntibwari gusimbira kuri Bob Rugurika yatanze inkuru ijanye n’amatohoza RPA yakoze, ahubwo ubutungane bwari guca butumako ibihangange vyagiye bivugwa muri ubwo bwicanyi bikumvirizwa, kuko kubatumako bidasigura kubagiriza. Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe abona ko ata kindi ubutegetsi bw’i Bujumbura bwashatse gushikako atari kwihora uwo mumenyeshamakuru hamwe n’iradiyo akorera badahengeshanya gushira ahabona ibikorwa bibi, nk’ubwicanyi, ukunyonyeza amatungo ya Reta, intwaro y’agahotoro, ubutungane butigenga, n’ibindi bikorwa vya bamwe mu batwara.
Iryo fungwa kandi ngo nta kindi rigamije atari ugusamaza abarundi kugira bareke gukurikirana ibibazo bihambaye vyari bisanzwe bibaraje ishinga, nk’ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ubukene n’ibindi.

JPEG - 24.3 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME (Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

Abategetsi bakwiye kumenya uko umwuga wo kumenyesha amakuru ugenda

Muri iryo tangazo, mw’ishirahamwe OLUCOME basaba abategetsi ba kino gihugu kubaza uko umwuga wo kumenyeshamakuru ugenda, aho gufunga abamenyeshamakuru ataco babaziza. Ku cerekeye ivyasabwe n’umushikirazamanza mukuru wa Republika ko Bob Rugurika yotanga uwamuhaye inkuru akabona kwidegemvya, muri OLUCOME bavyamirira kure kuko vyoba bisa no guhamba umwuga wo kumenyesha amakuru, kuko bifise ingaruka mbi ku mwuga ubwawo no kuwatanze inkuru. Gabriel Rufyiri agira ati : "Gukingira uwaguhaye inkuru ntibijanye n’amategeko n’akarangamutima k’uwo mwuga mu Burundi gusa, ahubwo bijanye ndetse n’amategeko mpuzamakungu Uburundi bwateye ko igikumu." Gabriel Rufyiri arongoye OLUCOME aratanga uturorero two mu makungu aho ibimenyeshamakuru bidasiba guha ijambo inkozi z’ikibi nka Boko Haram, hamwe n’imboneshakure AL Jazeera idasiba kuvugana na Usama Ben Laden mu gihe Reta zunzubumwe za Amerika zamurondera nk’urushinge.

Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba ubutungane gutanga umuco ku bwicanyi bwagiye buba, ariko ababikoze bakaba batigeze bamenyekana, aho kwama buri igihe bata agashavu ku bamenyeshamakuru, aha akadondagura nk’umuco ku rupfu rwa Melchior Ndadaye yahoze ari umukuru w’igihugu c’Uburundi, Louis Zuniga yari asanzwe arongoye UNICEF mu Burundi, intumwa ya Papa mu Burundi Michael Courtney, ababikira batatu bakorera i Kiremba ca Ngozi, n’abandi bagandaguwe ariko ukuri kukaba kutigeze kuja ahabona.

Muri OLUCOME basaba irekurwa rya Bob Rugurika atakibanje gusabwa kuko ivyo yagirizwa bitagira ifatiro. Iryo shirahamwe risaba ubutungane kwigenga, bugakora amatohoza ku bishe barya babikira b’Abatariyanokazi. OLUCOME yahamagariye abanyagihugu ko buri munsi wa kabiri bokwambara impuzu z’urwatsi rubisi mu ntumbero yo kwifadikanya na Bob Rugurika yambaye uwo mwambaro aho apfungiwe mw’ibohero rya Muramvya.


Floxella Karire

Messages

  • naho biruko muta ibihe birahinduka.hariho uwufise ijambo ryanyuma gusumba abo bacamanza b’ibujumbura bitebebitebuka tuzishugwa ukuri kuj ahabona kuko uwo twiringiye yumva amaborogo y’abamwambaza.

  • naho biruko muta ibihe birahinduka.hariho uwufise ijambo ryanyuma gusumba abo bacamanza b’ibujumbura bitebebitebuka tuzishugwa ukuri kuj ahabona kuko uwo twiringiye yumva amaborogo y’abamwambaza.

  • uko nukuri gusesuye Rupfiri. barira izo nkozi zikibi nubwo batumva amatwi yabo umenga arazinmvye. umenga batara igihugu atantebe yishure bicayeko.

  • Rufyiri reka kwirirwa urata umwanya usigura ibinyoma nawe ntamwuga wokumenyesha amakuru uzi, abo bicanyi uvuga baribazwi kwisi nurubanza bari bararubaciriwe, none se uwo yinyegeje mumaguru ya RPA ninde, irementanya ntawe ryereye, kandi samandari yarapfuye ntakibaho. Turaziko urya yavuze birya ryabaye itomboza rya politike kandi yabaye imitwe yabantu benshi kugira barabeko haricovamwo, uwo mwicanyi ntawobigeze babona, nurukurikirane rwimitego bapanze hokwegura reta, ariko nabo ndazi ntizobasiga.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.