IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Olucome irarajwe ishinga n’ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa - (...)

Olucome irarajwe ishinga n’ibikorwa vy’ibarabara Bukeye - Butaganzwa - Gahombo - Gatara

mardi 18 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe Olucome rirarajwe n’ishinga n’ukuntu ibarabara Bukeye - Butaganzwa – Gahombo – Gatara ririko rirakorwa, kuko n’uwusanzwe yarahawe isoko uwitwa Jean de Dieu asanzwe azwi mu bunyonyezi, nk’uko bimenyeshwa na Gabriel Rufyiri arongoye iryo shirahamwe.

Ishirahamwe Olucome ryarandikiye ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta, gutwara abantu runegura isoko ryahawe ishirahamwe EBENNES ritwarwa n’uwitwa jean de Dieu, kugira rikore ibarabara ry’ikaburimbi Bukeye - Butaganzwa – Gahombo – Gatara ko ririmwo ubunyonyezi, kuko iryo barabara riteye impungenge yaba ku bunini bwaryo (largeur), imiserege hamwe n’ibikoresho bikoreshwa mu kuryubaka.

Mu kiganiro n’abanditsi n’abamenyeshamakuru, Gabriel Rufyiri Aratunga agatoke ubunyonyezi bwoba bwaribonekeje mw’isoko ryo gusubiramwo ibarabara Bukeye - Butaganzwa - gahombo - gatara. Gabriel Rufyiri amenyesha ko iryo barabara ryubatswe nabi cane, ku buryo rishobora guca ryononekara mu kanya gato cane kubera, ata miserege basize.

Iryo barabarabara mu kurikora, bakaba bakoresheje ibikoresho bibi, ubuto bwaryo bushobora gutuma mbere haba n’amasanganya. Ata gikoretse rero iryo barabara rigashobora kumera nk’irya Makebuko - Ruyigi.


Floxella Karire

Messages

  • Umuntu akunda igihugu ciwe, ntiyokwama yanumye canke akingire ikibaba ivyo abona biriko bikorwa bidakurikije amategeko. Kumva Gabriel Rufyiri wa OLUCOME ageze kuvuga ubunyonyezi n’ibikorwa bibi vy’amabarabara, bisigura ko ibintu mu Burundi vyayanzaye. Ico mbona cokwihutirwa, ni ukwegera ujejwe mission de controle y’ibikorwa vy’iryo barabara. Ibihe tugeze mwo, amabarabara makurumakuru na d’interet general abwirizwa kubakwa neza kandi akorohereza circuration. Ntawuyobewe ko iyubakwa ry’amabarabara risabw’amahera menshi. Ni n’aho usanga ubunyonyezi bwimonogoza(longueur. largeur, epaisseur et materiaux).

  • AHUBWO IBARABARA RYACU NIBARISUBIREMWO MUMAGURU MASHA KUKO UMUNTU ABONYE UKO BARISIBANGANIJE NGO BARARIKOZE BIRATEYE ISONI!

  • Olucom! Guma Kurugamba Abanya Bukeye Butaganzwa Gatara Na Gahombo Turi Inyuma Yawe Kubijanye Ni Barabara Ryacu,kuko Bararitakanze Cane. Bandanya Urugamba Turabeko Imana Yokwibuka Uburundi,ahandiho Turaheswe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.