IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME iratewe amakenga n’iduzwa ry’ibiciro vya BRARUDI

OLUCOME iratewe amakenga n’iduzwa ry’ibiciro vya BRARUDI

jeudi 30 Rusama 2013

Ishirahamwe OLUCOME rirarajwe ishinga n’ikibazo c’isukari yabaye akayobera bahimga hamwe n’ibiciro vy’ibinyobwa vya BRARUDI biheruka kuduzwa ku ncuro y’icenda mu myaka itanu gusa.

Mw’itangazo basohoye kuri uno musi wa kane, icegera c’umukuru wa OLUCOME Prudence Bararunyeretse amenyesha ko naho isukari yabuze mu gihugu ishirahamwe SOSUMO riyihingura ridasiba kumenyesha ko umwimbu ushimishije, akanegura ingene ababijejwe badafata ingingo.

Isukari igurishwa ku mafaranga y’amarundi 1850 ubu ikaba iriko igurishwa ku mafaranga 2500, ivyo bikaza vyaje kwunyura amikoro y’abanyagihugu basanzwe bugarijwe n’ubukene. Mu gihe kandi isukari ikoreshwa kandi mu guhingura ibindi biribwa nk’imikate, ibinyobwa n’ibindi, igiciro cayo kidugijwe n’ibindi bica biduzwa, co kimwe n’igiciro c’ibinyobwa vya BRARUDI vyadugijwe ku bice 17,46 kw’ijana mu myaka itanu iheze.

Ishirahamwe OLUCOME rigasaba Leta gufata ingingo zo gutuza ibikorwa vy’abashora ivyimburwa bigasohoka igihugu mu kinyegero cane cane mu kiringo c’iyimbura harimwo n’isukari hamwe no kwibuka amikoro y’abarundi imbere yo gufata ingingo zo kuduza ibiciro, abajejwe intwaro bo hasi n’abo bagaheza bakaraba ntihagire abikika mu kiza mu kudandaza ku biciro vy’umurengera nk’uko vyama biboneka hamwe hamwe.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.