IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba Reta gushiraho ikigega gifasha gusubira kwubaka (...)

OLUCOME isaba Reta gushiraho ikigega gifasha gusubira kwubaka isoko

jeudi 14 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe OLUCOME ryishinze kurwanya abarya ibiturire n’abasesagura amatungo ya Reta risaba Reta gushiraho ikigega cofasha gusubira kwubaka isoko nkuru ya Bujumbura,hamwe n’ikindi cofasha ababuriye ibintu muri iyo soko.

Nk’uko amakuru dukesha insamirizi y’igihugu abimenyesha,ngo muri ico kiganiro Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME yahaye abamenyeshamakuru kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 13 Ruhuhuma 2013,yarasavye kandi ko hoshirwaho imigwi ibiri umwe wo kugenzura, uwundi wo gukurikirana ingene amafaranga azotangwa mu ntumbero yo gufasha abashikiwe n’iryo sanganya akoreshwa.

Ico kiganiro ku bamenyeshamakuru caremeshejwe mu ntumbero yo gushira ahabona amakenga ku bijanye n’amakonte yuguruwe kugirango azoshirweko amafaranga azofasha ababuriye ibintu mw’isoko nkuru ya Bujumbura,ayo makenga kandi yarashizwe mw’ikete ryarungikiwe icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu.

Tubibutse ko iryo sanganya ry’umuriro ryabaye mu gatondo ko kuw’Imana igenekerezo rya 27 Nzero 2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.