IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME isaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta gusaba abanyagihugu (...)

OLUCOME isaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta gusaba abanyagihugu imbabazi

mercredi 10 Nyakanga 2014

Ishirahamwe OLUCOME risaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta gutanga imihoho, cabura agasaba imbabazi abarundi kuko yabifatiye mu gahanga akababesha ko ikibazo c’umuyagankuba uguma ucika gihagarara guhera kuwa 1 Myandagaro, ariko imvugo ikaba itabaye ingiro.

Ikibazo c’umuyagankuba uguma ucikagurika muri kino gihe ni nkoramutima kuko ubutunzi bw’igihugu busubira inyuma, nk’uko Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME abishikiriza, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru co kuri uno wa kabiri, igenekerezo rya 9 Nyakanga. Gabriel Rufyiri aranegura kandi inyifato y’ishirahamwe REGIDESO riguma riduza ibiciro, rikabesha ko rigomba gutorera inyishu burundu ico kibazo ariko ntihagire igikorwa. Gabriel Rufyiri avuga ko n’amadeni y’umurengera Reta ifitiye iryo shirahamwe atuma bizingamika ibikorwa vy’iryo shirahamwe. Igitangaje rero ku bwiwe, n’uko buri mwaka ubushikiranganji bwa Reta bwama butegekanya amafaranga buzokwishura iryo shirahamwe, ariko bagatangazwa niyo ayo mafaranga ashirwa.

JPEG - 77.4 ko
Gabriel Rufyiri, arongoye ishirahamwe OLUCOME ( Observatoire de Lutte contre la Corruption et les Malversations Economiques)

N’ivyashikirijwe n’umushikiranganji w’ikigega ca Reta Tabu Abdallah Manirakiza, imbere y’abashingamateka ko guhera kuwa 1 Myandagaro umuyagankuba utazozubira gucika, bikaba bitajanye n’ingiro. Ingaruka rero zikaba ari nyinshi ku buzima bw’abanyagihugu, nk’uko umukuru w’ishirahamwe OLUCOME abandanya abishikiriza. Mw’ishirahamwe OLUCOME basaba Reta gufata nka nkama ico kibazo.
Gabriel Rufyiri asaba umushikiranganji w’ikigega ca Reta gutanga imihoho, canke n’aho ababijejwe bakamukombora kuko yabeshe abanyagihugu, canke atari uko naho, atange umuco kuvyo yashikirije.

Tubamenyeshe ko kuri uno wa kane,igenekerezo rya 11 Nyakanga, umukuru w’ishirahamwe OLUCOME azotunganya ikiganiro (conference publique),kizobera mu nyubakwa Ego Hotel igihe c’isaha icenda z’umurango. Intumbero akaba ariyo kwigira hamwe ibibazo bibiri bihanze abanyagisagara ca Bujumbura ikena ry’amakara hamwe n’icikagurika ry’umuyagankuba.


Floxella Karire

Messages

  • Jewe uyumuntu wa OLUKOM ivyavuga habaharimwo ivyumvikana, ariko iyageze igihe cokurondera umuti wivyababonye kobitarivyiza ucawumvamengo yarahababutse, umvanawe ngumushikiranganji ngokivyoyabwiyabantu bitagenze nkukoyabivuze rwatangimihoho! Gabriel ndakubaze? Uwokubaza iryoshirahamweryawe icorishinzwemugihugu ukaxureba ukomugihugubimeze ubona iryoshirahamwe ryawe ridakwiye gutanga imihoho ryo?

  • ego nta mukuru Yakaremye imbere ngo abeshe "ariko aba DD babesha kuko banse kuba abashingantahe?? ngira ai umurundi
    uwo muntu ngo ni mama ni umuntu DD akwije???! kubesha ni nko guhema kuri bo.

  • muvyu kur ga #mama ubona ivyo urenzako uruhu rwa maso arivyo ? ministre akoze amakosa si cndd fdd iba ikoze amakosa rero yoja mubihano bitaruko biyija kumutwe .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.