IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME na Ligue ITEKA yashikirije ivyokorwa n’umuhuza

OLUCOME na Ligue ITEKA yashikirije ivyokorwa n’umuhuza

lundi 23 Rusama 2016, par egide

Amashirahamwe abiri ariyo OLUCOME et Ligue ITEKA arashima ko yatumiwe mu biganiro bihuza Abarundi, ariko akanegura ko hari amashirahamwe yari afise ivyo ashikiriza, ariko atatumiwe, hamwe n’abandi batavuga rumwe n’ubutegetsi bakumiriwe. Amashirahamwe OLUCOME na Ligue ITEKA yashikirije ivyokorwa n’umuhuza kugira Uburundi buve mu ndyane za poritike bumazemwo umwaka.

Mu biganiro bizotunganywa inyuma y’imibonano iriko ibera i Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, amashirahamwe OLUCOME na Ligue ITEKA yasavye umuhuza ko hotumirwa abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, hamwe n’abaserukira amaradiyo yaturiwe mu ntureka Uburundi buhitiyemwo, abaserukira amashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike yafatiwe ibihano vy’ukwugarwa, amashirahamwe y’urwaruka, hamwe n’abaserukira imirwi irwana yafashe ibirwanisho.

Umuhuza yasabwe ko yobwiriza Reta y’Uburundi, hamwe n’imirwi irwana ko bohagarika ubugizi bwa nabi, hamwe n’ugupfungira abantu ubusa vyibonekeza mu mihingo itandukanye y’igihugu c’Uburundi. Insamirizi zugawe nazo zokwugururwa, abapfungiwe poritike barekurwe, n’imitahe irondeza abanyeporitike n’abadaharanira ivyicaro vya poritike bahunze igihugu ikurweho.

Muri ivyo biganiro bizohuza Abarundi, umuhuza yasabwe kandi ko hoganirwa ibibazo bikomeye bihanze igihugu, kugira abo vyega bose batange intererano y’ivyokorwa.


IGIHE

Messages

  • none ko babatumira ntibitabe mugira umuhuza akorici? ndabona vyabataye kuwamazi. inkona irabananiye kumurango izuba riva. igisigaye ni ukureba urukino gwabafite ibizunguzungu batewe na politique yongaho muburundi.

  • Nibo Bategeka Umuhuza?

  • Nibo Bagomba Gutegeka Umuhuza?

  • Komera mwe nimwe muzogarukana agateka kuburundi kuko harabantu bibaza ko igihugu aricabo bonyene mwarakoze kwitaba ntimwibagire abo bantu bihaye ubutegetsi nigihugu mubakebure bagisangire nabandi

  • EMW BIZORAMEMBONE! JEW NDABARAHIY IVYOBIGANIRO HAKAGIRA IKIZOVAMWO MUZOMPINYUZ ABASENGA NIDUSENG YESU WENYEN NIWENITEZEKO AMAHORO WENYEN

  • Mbe rufyiri,ubu uracanyibuka?ukuntu wantoteza unsanze kukazi uvuga ayamuhe ngo nuko wambonye muri mitingi naraguhariye! kandi niwipfuza kuzonyicisha tuzoburana imbere y’Imana nawe warapfuye hama utangare!

  • Ewe Burundi uragasimba imanga!

    Vyishimuvyomuvuze na Yezu azorindagaruka batarakorwa nkuko mubisavye.

  • Mbe rufyiri ndakubaze? wewe uri umunyeshirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike?nimba arukuri kuki uvugira abagwanyi? kandi nabo bativugira, kuki uvugira CNARD?kuberako mwarikumwe muri coup d’etat,kandi ico tumaze kubona muravuganira kuko mwari musangiye idiri imwe .Kuki mufise ubwoba mwari muzi ko muzoja mubiganiro?mbe karya karimi wavuga ugifise agateka ko kwitwa umurundi utuka reta yacu wibaza ko twakwibagiye? ikintangaza nuko wagendana amabibiliya mumodoka ngurasenga,ariko ugakorana naba pouciste bibinywamaraso winyegeza mu MANA sinziko yar’Imana dusenga ,canke yari kiranga wasenga,Mbenubu iyo shati nturayita?uzoyita aruko ubaye umukuru wigihugu? emweee! abagishaka nibensi murikumwe ,mbe uribuka ndagushorera ibirato muri ville?urumuvanderi? nyishura?

  • komera rupfiri urumugabotwemera

  • mugabo mwibagiye :abanyororo bose bafungurwe,abateguye guhirika intwaro bose n’abafunzwe barekurwe,abafatanwe amagrenade babahe umwidegemyo.abiciwe bose baceceke,amaradiyo yose yugare excepte RPA na BONESHA ......burundi we urantwenza Rwose.

  • mugabo mwibagiye :abanyororo bose bafungurwe,abateguye guhirika intwaro bose n’abafunzwe barekurwe,abafatanwe amagrenade babahe umwidegemyo.abiciwe bose baceceke,amaradiyo yose yugare excepte RPA na BONESHA ......burundi we urantwenza Rwose.

  • Nagomba shimire bimwe bivuye kumutima kuvyashikirijwe nabobaserukiye Ayo mashirahamwe ndadaye niwe yariyaravuze ati hazopfa ndadaye ntihazopfa bandadaye nkurunziza nakarwi kiwe ntakobatagerageje kugerageza kunumya abanka ayomafuti bakora mugabo ngirango baramaze kubonako bidashoboka nongere niyamireze abantu bakomeje kuvuga amakudeta muburundi ikudeta yabaye tuzi niyagizwe nankurunziza nakarwi kiwe bobo basenyuye amasezerano yarusha nibwirizwa Shingiro niba abagize ikudeta badakwiye gutumirwa uruvuko nkurunziza nakarwi kiwe ntibari bakwi gutumirwa murivyo biganiro icosaba ayomashirahamwe nuko yoguma agahimiriza amakungu kwirungikwa ryinteko mvamakungu zozamumaguru Masha guhagarika ubwica buriko buraryirwa nankurunziza nakarwi kiwe kuko niho nanyabiganiro hamwe nirekurwa ryabapfunzwe nabanyurujwe ryogenda neza ikindi nuko bosaba bashimitse irekurwa mumaguru Masha ryababasirikare bapfunzwe bazira guhagararira amasezerano yarusha kugira nabo bitabe ibiganiro ikindi nuko bosabako hoshingwa umushingantahe canke umupfasoni canke umurwi wohagararira igihugu murikino gihe cibiganiro kuko nkurunziza bigaragarako akomeje kubangamira inzira yamahoro nutwigoro twose turiko turagirwa muntumbero yokunywanisha abarundi nkabonako agumye mwico kibanza yoshobora kubangamira ishirwa mungiro ryivyoba vyumvikanyweko kuko ntiyumva ikijanye na maradiyo yugawe nuko yoyo yokugururwa mumaguru Masha kandi atakirinze gusabwa kugira abanyagihugu bashobore kuronka uburenganzira bwogushikiriza ivyiyumviro atankomanzi nicokimwe namashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike ikindi nuko urwego rwimbonerakure rwofutwa kuko ntaho rutandukaniye ninterahamwe

  • Yemweyemwe Nimba Twes Twifuza Kuba Presida Uburundi Buragowe. Nimwemere Mutahe Mufatanye N Abandi Kwubaka Igihugu. Ivyo Biganiro Mubona Bitaniyehe N Ibiriko Bibera Mu Gihugu. Kanure Amaso Ngo Ni Amagaburanyama. Muzosaba Ikigongwe Mutama Peter Bitagishoboka.

  • @tari. None se TARI uracyari muri nostaligie y’ubutegetsi bwa Buyoya na Bagaza ( muhutu kora njye mututsi mpembwe!!). Nukuri wa mupfapfa we nutavana amaboko mumpuzu ngo urashako kongera kurya ibya gusa igihe cyararangiye. Gusa ntabwenge ugira umezecnka Rubebe Kagame (umwami w’abidishyi)

  • Muburundi nta politique nibareke yitwarire kuko womenga ntibize abandi.

    ndabaza hoba hariho ikiroberi? nimba kiriho kuberiki gisuzugugwa gutyo?Emama ngo red tabara ’morena jehamw mugwanire igihugu vavanura na syndrome yubukuru ubundiho ndabarahiy muzohera mwishamba nimutaja hamwe mukorane na nzabampema...nuko nakebura

  • Nubundi inzira niyo nyene amahoro n’umutekano agaruke turarushek

  • Olucom na ligue iteka, nibareke kwaka akateka ubutungane bwigihugu cacu, naho ubutungane bwoba budakora neza, abafunzwe kukibazo ca politike canke amarandiyo yugawe natunganirizwe nubutungane nimba harabakosheje bavyemange nimba naho harabahowe ubusa bashumbushwe. Uburundi nigihugu abarundi namakungu babibone uwutwara wese ashire iteka ryigihugu cacu nabarundi imbere

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.