Deprecated: Unparenthesized `a ? b : c ? d : e` is deprecated. Use either `(a ? b : c) ? d : e` or `a ? b : (c ? d : e)` in /home/igihe/public_html/ecrire/inc/utils.php on line 2576
OLUCOME :‘’Ubwigenge bwo kumenyeshamakuru busa n’ ubwahambwe ‘’ - IGIHE Burundi
IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > OLUCOME :‘’Ubwigenge bwo kumenyeshamakuru busa n’ ubwahambwe ‘’

OLUCOME :‘’Ubwigenge bwo kumenyeshamakuru busa n’ ubwahambwe ‘’

lundi 4 Rusama 2015, par IGIHE

Abugaye ibimenyeshamakuru nta kindi batinya atari uko abanyagihugu bamenya ibiriko biraba hamwe n’ibikorwa bibi nk’ubwicanyi, bikorwa n’abari bajejwe kubakingira, biri mw’ itangazo ryasohowe n’ ishirahamwe OLUCOME.

Mu gihe Uburundi bwaraye buhimbaje umunsi mpuzamakungu wahariwe ubwigenge bwo kumenyeshamakuru ,mw’ ishirahamwe OLUCOME bavuga ko bababazwa n’ingendo ya Reta yo kwugara amaradiyo amwe amwe, ivyo vyose bavuga ko biva ku gutinya ko abanyagihugu bamenya ibiriko biraba, bijanye n’imyiyerekano yo kwiyamiriza ikiringo ca gatatu ca Petero Nkurunziza, hamwe n’ ubwicanyi isanga bukorwa na bamwe mu bari bajejwe gukingira abanyagihugu.

JPEG - 379.5 ko
Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe OLUCOME

Ivyo vyose rero ngo nta kindi vyerekana, atari ishaka ry’ubutegetsi ryo kugomba ko abantu bemera ivyiyumviro vy’umuntu umwe gusa, kandi Uburundi ari igihugu cari gikwiye kurangwa n’intwaro ibereye n’intwaro rusangi. Mw’ishirahamwe OLUCOME bavuga ko babajwe no kubona uburenganzira bwo kuronka amakuru, bwo gukorana, hamwe n’uburenganzira bwo kwiyerekana mu gishikiriza ivyiyumviro buriko burahonyangwa, kandi ubwo burenganzira bwose buri mw’ibwirizwa nshingiro ry’Uburundi hamwe n’amasezerano mpuzamakungu Uburundi bwateye ko igikumu.

Ishirahamwe OLUCOME risaba Reta y’Uburundi kwugurura vuba bwango kandi atagisabwe iradiyo RPA, ikigo c’abamenyeshamakuru Maison de la presse, imihora y’amaradiyo Isanganiro na Bonesha FM, hagati mu gihugu. Ikindi iryo shirahamwe risaba n’uko abamenyeshamakuru batosubira guhohoterwa.

OLUCOME isaba abamenyeshamakuru kuguma bafatanye mu nda ,kugumya umutima mu nda, maze bakitwarira Reta y’Uburundi mu nzego zibijejwe yaba izahano mu gihugu canke mpuzamakungu. Ishirahamwe OLUCOME risaba abanyagihugu hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike gushigikira abamenyeshamakuru.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.