IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Parfait Onanga Anyanga : Iyugarwa rya BNUB rizosiga ikinogo kigoye (...)

Parfait Onanga Anyanga : Iyugarwa rya BNUB rizosiga ikinogo kigoye kuzibira

vendredi 7 Munyonyo 2014

Mu gihe kw’igenekerezo rya 31 Kigarama 2014 ariho ibiro vya BNUB bizokwugara mu Burundi, Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, amenyesha ko iyugarwa rya BNUB rizosiga ikinogo kizoba kigoye kuzibira.

Parfait Onanga Anyanga avuga ko muri BNUB bamaze gutangura kwitegurira gukinjura, agatanga akarorero k’abakozi batanguye kugabanurwa, hamwe n’ukwongerereza ubumenyi umurwi muto uzosubirira BNUB (Équipe de pays des Nations Unies). Onanga Anyanga yemeza ko BNUB yiteguriye kugenda, ariko akamenyesha hazosigara igihengeri kinini. N’aho biri uko, Parfait Onanga Anyanga amenyesha ko bazoba kabaye akaryo ka Reta y’Uburundi, ko kwerekana ko ishoboye kwirangurira amabanga ijejwe yonyene, ibifashijwemwo n’abo bazosigara barakorana mu bijanye n’agateka ka zina muntu hamwe n’iterambere.

JPEG - 53.6 ko
Parfait Onanga Anyanga, aserukira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi

Muri Reta y’Uburundi ntibahakana ko iyugarwa rya BNUB rizosiga ikinogo kigoye kuzibira mu mpande zose, ariko bakamenyesha ko nabo kazoba kabaye akanya ko kwerekana ko bashoboye gushira mu ngiro amabanga bajejwe. Mw’itangazo basohoye kuri uwu wa kane, mu bushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu basaba abasanzwe bafasha Uburundi kubandanya babashigikira, Reta y’Uburundi nayo ikiyemeza kubandaniriza aho BNUB yari ishikanye mu bijanye n’iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu, hamwe n’ukubandanya inzira y’ugushiraho umurwi w’igihugu ujejwe ukuri n’ugusubiza hamwe.

Tubamenyeshe ko ayo makenga kw’iyugarwa rya BNUB mu Burundi yashikirijwe na Parfait Onanga Anyanga, intumwa idasanzwe y’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu Burundi, hakaba hari mu nama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU. Iyo nama yabaye iya nyuma Parfait Onanga Anyanga atanze icegeranyo c’Uburundi, aho mukibuka ko ibiro vya BNUB mu Burundi bizokwugara ku genekerezo rya 31 Kigarama 2014.


Egide Nduwimana

Messages

  • Namba ONU iduhevye ntibaze bibuke kugaruka ataco bagisova kuko niko bama bakora.

  • @ Ndavugasivura, niwishire mu Mana ntacusoba, kandinagombakukwibitsako abanyarwanda baribahungiye Congo mumuakaya 96-97 nibabahondahonze ONU iriyo? Nyabuna nimurwke kwanjanjwa kugisirikare cacu nigi Police Imana yatwihereye kuko nimwabura gukingirwa gukwiye nikigisirikare cu Burundi nigi polisi dufise uyumusi muzocemwemera kwijira mimabi arenze ayarimaze imyaka nimyaniko mugihugu ca Somalia.

  • SO nibaza ko worondera ibiti ukundi nayo gushigikira igipolisi atamuntu numwe akivuga neza atariwewe ja hiyo sha tuvuga ivyo tubone nayo wewe genda baguhe ivyo ukeneye hahaaaaa!

  • Ngo igipolisi cuburundi ngontanumwe akiviganeza!?

  • Nukuri turahonye namba ONU igiye isiga ibintu bishushe nkuku nukuri aba DD baratumara noneho abo bavuga igipolisi nigisirikare twebwe ntanakimwe twemera akarorero nikahafi igipolisi bafatanije nimbonerakure Buterere mwabonye batakubise abanyagihuga amakinga amamoto aribwa izuba riva igisirikare ngonaco ntikiraronka uruhusha ryo guhiga barya bagisibije muzariral kandi barema amasoko bafise ibirwanisho kandi nabasirikare bababona rero ntiduhendane barukira kugarura amahoro ahandi niwacu bicika hahaha nzoba mbona nawe yari nyokuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.