IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > One Billion Rising irashigikiye agateka k’umukenyezi

One Billion Rising irashigikiye agateka k’umukenyezi

jeudi 14 Ruhuhuma 2013

Ishirahamwe One Billion Rising ryatunganije ihuriro rigizwe n’intambo z’umuziki mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza gihuriramwo abantu benshi mu ntumbero yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.

Hari imbere y’ishengero Cathedrale Regina Mundi,ahasanzwe hari igituro c’imiduga ijana abantu m’ubumanuko bw’igisagara, aho abagize iryo shirahamwe bari bahuriye bari kumwe n’abandi banyagihugu benshi,baje kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.

JPEG - 29.6 ko

Abagize iryo shirahamwe bari bitwaje ivyapa vyanditseko, ko biyamirije amabi akorerwa abakenyezi harimwo kubafata ku nguvu.

Kubwa Dedot Baranshakaje aserukira iryo shirahamwe mu Burundi,ngo imvo nyamukuru yatumye batunganya iryo huriro ni iyo kugira bahimirize abantu bose kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.

JPEG - 746.9 ko

Abanyagihugu bari baje muri ico kibanza twabajije, batumenyesheje ko banezerewe kandi bavyakiriye neza kubona abantu bagira iciyumviro nk’ico co gutegura bakongera bagatunganya igikorwa co kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.

Tubamenyeshe ko igikorwa nk’iki cariko kibera ku mirwa mikuru y’ibihugu bitandukanye kw’isi hisunzwe icivugo:«Twese tugiye hamwe tworwanya amabi akorerwa abakenyezi.»


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.