Accueil > Amakuru > u Burundi > One Billion Rising irashigikiye agateka k’umukenyezi
One Billion Rising irashigikiye agateka k’umukenyezi
jeudi 14 Ruhuhuma 2013
Ishirahamwe One Billion Rising ryatunganije ihuriro rigizwe n’intambo z’umuziki mu gisagara ca Bujumbura mu kibanza gihuriramwo abantu benshi mu ntumbero yo kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.
Hari imbere y’ishengero Cathedrale Regina Mundi,ahasanzwe hari igituro c’imiduga ijana abantu m’ubumanuko bw’igisagara, aho abagize iryo shirahamwe bari bahuriye bari kumwe n’abandi banyagihugu benshi,baje kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.
Abagize iryo shirahamwe bari bitwaje ivyapa vyanditseko, ko biyamirije amabi akorerwa abakenyezi harimwo kubafata ku nguvu.
Kubwa Dedot Baranshakaje aserukira iryo shirahamwe mu Burundi,ngo imvo nyamukuru yatumye batunganya iryo huriro ni iyo kugira bahimirize abantu bose kurwanya amabi akorerwa abakenyezi.
Abanyagihugu bari baje muri ico kibanza twabajije, batumenyesheje ko banezerewe kandi bavyakiriye neza kubona abantu bagira iciyumviro nk’ico co gutegura bakongera bagatunganya igikorwa co kwiyamiriza amabi akorerwa abakenyezi.
Tubamenyeshe ko igikorwa nk’iki cariko kibera ku mirwa mikuru y’ibihugu bitandukanye kw’isi hisunzwe icivugo:«Twese tugiye hamwe tworwanya amabi akorerwa abakenyezi.»
Mugisha Van Naris