IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Onésime NDUWIMANA yakuwe mu burongozi bwa SOCABU

Onésime NDUWIMANA yakuwe mu burongozi bwa SOCABU

mardi 31 Ntwarante 2015, par Egide N

Onésime NDUWIMANA, yahoze ari umuvugizi w’umugambwe CNDD FDD yakuwe mu burongozi bukuru (Directeur Général) bw’ishirahamwe SOCABU.

Kw’itegeko ry’umukuru w’igihugu, Onesime NDUWIMANA yahora aramutswa ishirahamwe SOCABU yakuwe muri ayo mabanga. Uwo yahoze avugira umugambwe CNDD FDD akaba yaheruka kandi kwirukanwa muri ubwo buvugizi, inyuma y’urwandiko yateyeko umukono rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza.

JPEG - 22.6 ko
Onésime Nduwimana yahora ari umuvugizi wa CNDD FDD

Onésime NDUWIMANA akuwe muri ubwo buyobozi mu gihe ku munsi w’Imana yagarukiye ku kibuga c’indege ca Bujumbura, akankirwa kuja mu gihugu c’Ububirigi aho yavuga ko yari agiye mu rugendo rw’akazi, akaba yabujijwe kwurira indege yagira imushikana mu gihugu c’Ububirigi, aho yaja kumara iminsi itanu mu nama y’akazi.
Inyuma y’amasaha ariko arabazwa ku kibuga c’indege ca Bujumbura kuri uyu wa 29 Ntwarante, yahavuye asubira inyuma, atagiye muri ivyo bikorwa yavuga vy’akazi. Amakuru dufise akaba avuga ko n’igitabo c’injira (Passeport) ciwe cafashwe.

Ayo makuru dufise abandanya avuga ko hoba hari umugambi wo kumushengeza mu butungane yagirizwa itunganywa ribi ry’amatunga ya SOCABU. Ayo makuru avuga ko yoba ahava ahabwa umutahe w’ukuzorenguka muri sentare ijejwe kurwanya abarya ibiturire.


Egide Nduwimana

Messages

  • Haha aho batoteza abandi warahoze ,ntaco wavuze, none ubu ninde azokuvugira?
    sinshigikiye abariko bagutoteza mais banza wumve ico abandi bagucuze !
    Il faut que uvuga ivyimbonera kure kuko ndanziko uzi vyinshi.

    hahaha mbe gahanga wishwe niki? uwo ni radjabu aho hambere hahise!

  • Nibareke kurementanya kuko nimba yatunganije nabi itunga rya SOCABU, ntibabibonye ubu nyene. Nimba arivyo naho duca tubona ko bakingira ikibaba abanyonora itunga ryigihugu pourvu que babashigikira gusa mukuba ba ganza sabwa.

  • nafatwe yarabikoze sukuryigituriewgusa nabagore nabakovwa mukubahakazi yabasambanya baribaramutebeje najinbere yubutungane yarafise nahoter yiwe igitega aduze ntawundivyayiraramwo nashengezwe ivyahavyo ntabibuze gusa baribarabuzahovbamuca

  • uwo ni mwizi bari baratevye kumukura.

  • Ahubwo nivyogufata abagore kunguvu kubera banka kwangazwa za cankuzo bakemera akabatera imigera muta imana inkora ihoze uzi abana wateye sida witwaje uburongozi bwa SOCABU!!!!barundi musengere rimwe na dolopho hari mukugera manase ntabibi atakoze lajabu nuko mbega nuro imwe se niryari?senga gusa murakoze imana ibarinde akarenganyo

  • Mbe karasize ingani Uburundi burangwe n’akaguma gusa! Igihugu cibereyeho kubwimana! Twokumva ko Onésime hari ibibazo vya politique yagiraniye na président, none no mu kazi Yarajejwe ubu nyene aciye akora nabi?, canke niba yarafise ayandi makosa, ubu niho bayabonye? Mbega hoho amategeko agenga abakozi abakoresha, amashirahamwe ya leta n’ayigenga yoba yakurikijwe mu gukura Onésime Nduwimana?
    Ni ubwambere abarundi baba mu kajagari nkaka, abajejwe intwaro batikebutse, bigiye kubagora.

  • ubu niho bakimucontrola nimyaka yaramaze atwara socabu yemwe have ntwenge nume aba dd nta politique muzi muzi kunywa amaraso yabantu nuguca imitwe yabantu ipu mwaravumwe.

  • Umwanya mwiza wo kubona ivyo bari bahishiriraniye. Amabi abonetse ntitwoca dusasako indava ngo ni ivyapolitike. Wawundi ati "Inyo y’inkoko uyerekwa n’umuyaga", birakabona ahubwo tumenye ukuri. Abapolisi ntibaravuga amahera yabo muri Socabu yanyikije; akataraza kari munyuma.

  • Iryo nirementanya bashaka kumugirira ariko aba dd baragira ibintu numwana yo tahura kuko yanse ikiringo ca3 ca Nkurunziza ubu bagire barondere ivyo bamwagiriza harya baraziko abarundi twaciye ubwenge hhhh

  • abo bagabo intwaro yarabahaye none bahimvye batangura gupinga kizigenza .babaye nkakagakecuru kariye karahimba ngo minsi ncukuboko.

  • nibagume ngaha uwo muriro bariko baracana tuzowotane, ahubwo n’abandi bose babacungire hafi, batadusiga twenyene.

  • Mbega ko twese tuzorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana uwutivye,uwutasambanye,uwutishe yakoze ibindi. Senga mwisengere musengere n’igihugu c’Uburundi ahandi ho ayo muvuga buca mubura aho muyavugira mutasavye mwese ikigongwe Imana.

  • Icotuzohora twibukirako aba DD nirementanya bari nico bita experience , intwaro izobasubirira ikagomba abafise exp mukurementanya ize ibikoreko.

  • ivyo nibi maramare agire agende atembanye abarundi urahumba igikombe uvangiramwo abandi nawe nico bazokuvangiramwo ahubwo weho uragowe uzobica ntuzobamara mugabo umusitwagufashe tuzobetera ikamba kandi baragowe gadafi damugiriye neza mwe tuzocanga ivyo nibi maramare agire agende atembanye abarundi urahumba igikombe uvangiramwo abandi nawe nico bazokuvangiramwo ahubwo weho uragowe uzobica ntuzobamara mugabo umusitwagufashe tuzobetera ikamba kandi baragowe gadafi damugiriye neza mwe tuzocanga kane.

  • Erega ico Nkurunziza atamenaya, nuko mandat izoca ivunja ubusa zibiri yaramaze gutwara, vyitwe ko zose zari ubusuma. Iyo umuntu akora ikintu nk’ico arabanza akiyumvira, kwihutira gutwara ubugira gatatu sivyo namba niyisubireko. Mbega yibaza ko Communaute internationale izomwemerera gutwara kandi ariyo igaburira Uburundi bwose y compris la presidence et vice-presidences, l’Executif, le Legislatif, le Judiciaire, les ministères et l’ensemble des organismes para-etatiques. None nibamufatira ibihano, yiyumvira ko abo bose ndondaguye azohembwa gute nawe atagifise ayo arya??? Nareke kugirira nabi abanyagihugu kandi bamukunda, kandi kumukunda biva kuko yabatwara neza. None abo banyagihugu nibatangura kwicwa n’inzara kubera ambargo, yiyumvira ko bazosubira kumukunda canke kumutora??? Aha ikibazo ntikiri kubo ariko yirukana mais kubo asigarana nabo atazoshobora guhemba umunsi ibintu vyamukomeranye...

  • Ico Peter yomenya n’akagwi kamuhenda bizobagarukira gushika nokumiryango yabo kandi ntibibaze ngo abagumyabanga bose turashigikiye ivyo bariko barakora

  • Abo.Biba.Igihugu.Bagaca.Bashaka.Kuja.Inyuma.Yigihugu.Nibaze.Barafatwa.Ubutugane.Bukora.Ariko.Bakabereka.Neza.Ko.Batareganwe..Ntibaste.Nabo.Babika.Ibara.Ubutugane.Ngo.Bwabareganije.
    Nibo.Batuma.Abarundi.Tudatera.Inber

  • mbega kobabeshera onesime ngoyivye. babibonye kubera yasinye. mbega adolph yirigwa yicabantu koyidegemvya? ariko gamana utabare uburundi kuko bugeze ahatemba kubera ubutegetsi bubi. ariko bamenyeko ikidahinduka ari bibliya gusa.

  • Reta ya NKURUNZIZA yaramaze kugurura urubuga rw’Intambara. Ubu ubonye uwuvuze ko adashigikiye 3è mandat aca atotezwa, akirukanwa mu kazi ubutarariye, akarungika les ex-combattants kuvuga ko btigeguye guhigura n’abatamshigikiye, agatanga ibigwanisho ku mbonerakure bikinze agahumbezi, abarundi bakabibona ntihagire umutegetsi avyiyamiriza, ABICANYI BAKICA NTIHAGIRE UWUKORWAKO KANDI BAVUZWE, ubutungane bugatamikwa ijambo bitigeze bibaho mu mateka y’iki gihugu imbere y’umuzo wa Répubulika,....ntimubona ko yamaze gutanguza intambara ? Ariko uko bir kose nta ntambwe Nkurunziza azotera n’izo mbonerakure ziwe. Ego zirashobora kwica ariko nta ntambwe zizotera kuko ntawunesha igihugu .

  • Abantu nimukurikirane nezantmwibagire,mwibuke injury zumwami FARAO muri bible,yarakomantaje umutima kubisiraeli.none who haravuzwe ubuhanuzi bwinshi kubijanye nubwobutware,nuko bizogenda none igitangaje nigiki?Abantu nimuze twibuke ivyavuzwe hanyuma tubirindire,ntaco Imana yavuze kitazoshika.Nkurunziza ntimumuvugeko vyinshi iyo ninteguro y-Imana,amaze guhanurwa nibihangange bingana gute?

  • komera mutama nabwe abarundi bumutima turacahari

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.