IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > ONU imenyesha ko ifise ivyemezo ko abajejwe umutekano mu Burundi bafashe (...)

ONU imenyesha ko ifise ivyemezo ko abajejwe umutekano mu Burundi bafashe abagore ku nguvu

samedi 16 Nzero 2016

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko rifise ibimenyetso vyagiriza abajejwe umutekano mu Burundi gusambanya abagore ku nguvu no kwica bidaciye mu mategeko.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU rivuga ko ivyo vyakorewe abashigikiye abatavuga rumwe na Reta mu kwezi guheze kwa Kigarama 2015.

Ibiro vya ONU bijejwe agateka ka zina muntu bivuga ko ayo mabi yo gufata abakenyezi ku nguvu, yakozwe inyuma y’ibitero vyabaye ku makambi ya gisirikare,kandi ONU yerekanye ko ikibazo kirimwo n’ibijanye n’amoko.

Amakuru dukesha urubuga ngurukana bumenyi rwa BBC, amenyesha ko bamwe mu babibonye bavuga ko abagore bo mu bwoko bw’Abatutsi ari bo bonyene bafashwe ku nguvu, abagabo b’Abatutsi barapfungwa mu gihe Abahutu bobo barekuwe.

Benshi mu bafashwe ntawuzi irengero ryabo, ONU kandi ikaba iriko iratohoza amakuru yerekeye ibinogo vyatawemwo abantu ikivunga.


IGIHE

Messages

  • Ntaco tutazobona ku ntwaro ya Nkurunziza. Maze Nkurunziza ace akoranya igikorane co gushimira ca kimana ciwe.Mbega ibiziga 666 n’ubu ntarabishikana canke ni 666x7 ni ukuvuga infini!

  • Ibyo babyita ibitabapfu. Bashigikiye manifestation, coup d’etat, inkozi zikibi . Ibyo byose byaranze none bageze kubagore!! Ubutaha noneho bazavuga iki kagame abarundi nibamukora mumajogo?

  • Naberekanye amasanamu yabantu bariko barakerera abantu bavugako bafise ivyemezo simusiga vyuko ngobakererwa ni Mbonerakure ngozomuntara ya Karuzi ariko mwaraye mubonye koryari irementanya. Muzohendwa kugeraryari gayemwe!? Abasirikare bamokoyose ubwokobumwe bwokwitora bugakora amabinkayo ayandimoko yagihehe? Ekantahovyabaye.

  • Uwutazumuti,awunyako!Abarikobarapfa Muri Congo Ahobitagoma,barikobicwanankurunziza?Kagame Naho Akererabantu,ninde Amukoma?Mbegumututsi,urupfururamuzira?Mbegaho,umuhutuniweyavukiye Imbugita?Na Onu Murayirabenezantibegateranya,mbegibonabapfakwarabatutsigusa?Sengimana Ibisigaye Mubirekerabanyepolitique!Ariko Mwabahutu,mwibukekutamarabenewanyu,kandimwibuke Komwagishiyemurushe Hanyuma,inyenzi Muzishirekurusenge Ziryumusengesenge Mwikiyomwavuyeko Arikure1972.....2004.

  • natwe turahojeje imiryongo yajanywe na sekibi abagiye Imana ibakire mu bwami bwayo

  • natwe turahojeje imiryongo yajanywe na sekibi abagiye Imana ibakire mu bwami bwayo

  • reka kuvuga umutware mwiza ntaho ahuriye nico gihume canyu gusa mumenyeko ntawica ubwoko ngo aheze bose.amaraso yabo azobahumira.nnaho kagame mumuveko.

    ,

  • Harumutu yanditse ubwambere avuga ngo bice abatutsi, ariko bakingire abahutu, aca avuga ngo sengimana ibindi mubirekere abanyepolitique, Nje singara nibaza ko abantu bazi Imana ico arico, wica abantu uba ugisenga iki, canke wifuza kwica abantu ngo inyenzi mushire kurusengo, uvugiriki Imana, emera nyene ube uwashetani uvyemange, ushigikire abicanyi, nawe nyene ivyiyumviro vyawe n’ivy’umwicanyi, none komera muri ubwo bwicanyi bwawe ncanke ivyo vyiyumviro vyawe hanyuma Imana ntayo uzi, kuko abishe ntaho vyabashikanye, bapfa bangara, kandi n’imivumo mi basiga mubana babo. Jewe nibaza ko ububisha bwahumye amaso abantu gushika aho batakibona imbere yabo. Ariko nashaka kukubwira ko ntamuntu nyagupfa ariho, mugihe utamuremye, kandi nawe uzi ko ariwe wiremye. Va mukuzimu garuka kwisi

  • None ko twarituzi yuko ivyamoko vyaheze mu burundi none un irafise ivyemeza yuko abashinzwe umuteka mu burundi bafashe kunguvu abakenyezi babatutsi

  • Uyu wiyita kirimwabagabo yarahumye ahagaze ahubwo ni kirimwoshetani. wa mwicanyi we amaraso arahuma arakaguhumira.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.