ONU yashikirije icegeranyo ku matora yabaye mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 3 juillet 2015 saa 06:16
Yasomwe : 282294
0 0

Mu cegeranyo catanzwe n’abarorerezi mpuzamakungu b’ishirahamwe ONU ku matora yabaye mu Burundi, bavuga ko ayo matora yabaye hari icuka kitari co gutegura amatora meza yo mu muco n’ubwisanzure.
Muri ico cegeranyo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekana ingene ayo matora yabaye mu bice bimwe bimwe vy’Uburundi hari umutekano muke n’ubwoba mu bantu, aho nko mu gisgara ca Bujumbura habaye ubwicanyi imbere y’amatora no mu matora. Muri ico cegeranyo kandi, iryo shirahamwe riramenyesha ko n’agateka ka (...)

Mu cegeranyo catanzwe n’abarorerezi mpuzamakungu b’ishirahamwe ONU ku matora yabaye mu Burundi, bavuga ko ayo matora yabaye hari icuka kitari co gutegura amatora meza yo mu muco n’ubwisanzure.

Muri ico cegeranyo, ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryerekana ingene ayo matora yabaye mu bice bimwe bimwe vy’Uburundi hari umutekano muke n’ubwoba mu bantu, aho nko mu gisgara ca Bujumbura habaye ubwicanyi imbere y’amatora no mu matora.

Muri ico cegeranyo kandi, iryo shirahamwe riramenyesha ko n’agateka ka muntu katubahirijwe, aha ishirahamwe mpuzamakungu ONU rikavuga ingene imigambwe itavuga rumwe na CNDD FDD itigeze yoroherezwa kugira ishobore kwiyamamaza, ndetse iyo migambwe ikaba yanahavuye ifata ingingo yo kuva mu matora, iminsi itatu, imbere y’uko ayo matora aba. Bamenyesha ko umugambwe CNDD FDD hamwe n’imigambwe bicuditse, yashoboye kwiyamamaza yonyene mu gihugu cose. Ayo matora bavuga ko n’ugushikiriza inkuru bitari vyoroshe, aha ONU imenyesha ko n’amaradiyo yatanze inkuru mu gihe c’imyiyamamazo yahagaze cane ku mugambwe CNDD FDD.

Ayo matora yabaye kuri uyu wa 29 Ruheshi yaneguwe n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu gihe hategekanijwe kuzokurikira ay’umukuru w’igihugu, mukibuka ko umugambwe CNDD FDD uzoserukirwa na Petero Nkurunziza, aho abatavuga rumwe nawe n’ubundi, barahiye ko batazohiganwa nawe, mu gihe bamwagiriza ko ukwitoza kwiwe kunyuranye n’ibwirizwa nshingiro n’amasezerano y’i Arusha.


Kumenyekanisha

1
Lack John 17-10-2015 à 06:38

Ubu turinyuma y amatora n umugambwe umw n iyo bicudits hamw.umunt wese yibaze iki kibazo : naratoy nipfuza amahoro none ubu ndayafise ? atari ukwirengagiza kweri har umurund abona mugenziw apfuy ngo umutekano niwose ? ur abatorwa ibiziga ! ur abaraswa n abobakingiy ! n.... . mbeg rya terambere umukur w’igihugu yaniganira niri ? nn ko uwuciy kubiri na bo yicwa cank agahunga, uhanuy acisha hagati akarondererwa kwicwa(ak petero cl mbonimpa),ubashigikiy aduzwa ipete ; twemere gut kuguma tubura abarwanira abarundi atabwoko baravye ? na ONU nyene nishire mungiro izo ngingo kuko abarund tubandanya dupfa sinz ko petero n’abiw bakiri mwishamba !

2
Mathieu Jordan Rugemintwaza 23-07-2015 à 05:07

Nanje Ndemeza Ko Atamatora Yabaye Kweri !Baratubangamiy Sana,

3
DODO BJA 19-07-2015 à 10:00

yohoo !!abarundi dupfukamedusabe Imana amahoro nayo Nkurunzia araba lnyungu ziwe !kimwegusa ONU nikore ntihapfe100kumuntu 1nibazeko igihugu twagisanze kand tuzogisiga !!

4
J Bosco 18-07-2015 à 20:58

none uyomugabo angombakudutezamwisanganyanarukure atarateza usensa amarasomuburundi amakunguntimwomufatira ibihanomakungufate ibihana amarasotasekamuburundi ndagijemvugati ambaramvyebazebona

5
MOÃ SE 17-07-2015 à 14:39

Non ga yemy,iryo shirahamw mpuzamakungu ONU,leta y’uburundi yohava ivuga ko itabona ibiba mu burundi,ehe raba:abantu barafungwa kukarenganyo,abandi baricwa ku musi kumusi,abatavuga rumw na leta batatotezwa,ntawisanzura mu kumenyesha ikiri ku mutima.Oya nukuri ico cegeranyo ca ONU kiratomoy,hasigay ko igishira mu ngiro mu kubuza Nkurunziza kurenga amategeko,ni ukuvuga 3ème mandat,ntahirahire ngo ayirenge

6
Habarugira Dieudone 16-07-2015 à 12:57

Iyohabaye Match Hakagira Umugwi Usib Abatonze Barinjira Mukibuga Bagatera Icobita Forofe Ivyo Ntawutabizi

7
S Paul 15-07-2015 à 17:59

ONU,nireke gusamazwa n’amatora y’ Uburundi ahubwo nimba atari akinyegeje muri ( yo )bomenya ko atanakimwe bazopfa bashitse ko mugutunganya Isi ubwo bubasha bufiswe na Nyene bwo

8
Niyibizi 14-07-2015 à 13:45

Twe Nkabarundi Dukeneye Amahoro Nibamurek Bazorabe 2020 Naho. Ko Atarwutwaz Aba Afise Azoba Afise Hoho Twizere Koazorekura !

9
sibomana diomede 12-07-2015 à 19:03

REka pita atware smwe mwamuhay

10
sibomana diomede 12-07-2015 à 19:02

REka pita atware smwe mwamuhay

11
RWAJEJE MATHIEU 12-07-2015 à 11:13

Umuntu yahora yitwa sebarundi atwara igihugu akunda nkuko babivuga ntashobora kuraba ikiruta ikindi agaheba iyo mandat ituma igihugu kija muruhagarara,ibintu vyose mugihugu bigasubira inyuma abona !!!!!Niba basenga Imana y’ukuri ni bayisabe mutima mweranda abamurikire babone ibibereye

12
Niyongabo Salvator 11-07-2015 à 21:40

Narekure Areke Kwicisha Abenegihugu Ariwe Wokubakingira

13
DANIEL 11-07-2015 à 13:01

Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse ! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

14
DANIEL 11-07-2015 à 13:00

Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse ! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

15
DANIEL 11-07-2015 à 12:58

Nimuz Dusenge Imana Ituronse Amahoro Kw’ivyamatora Vyanse ! Uwo Muzehe Narabe Abivemwo Amaras Ntagume Aseseka

16
NSHIMIRIMANA OLIVIER 11-07-2015 à 07:49

Uburundi n’igihugu cikukiye nagomba gusaba amakungu ko imbere yo kwumviriza abo banyepolitike bobanza kwumviriza abanyagihugu bo rubanda nyamwinshi hanyuma hagakorwa ico abene gihugu bipfuza kuko ingorane ziri mu burundi ziriko zirategwa n’abanyepolitike nimuhe agaciro abanyagihugu bitorere indongozi bashaka maze amahoro n’umutekano dufise ntibiduce mu myanya y’intoke erega igihugu c’uburundi si bujumbura gusa.

17
Ben.niyi. 10-07-2015 à 20:39

Dusavye dushimitse ko ONU yodutabara ikadukurako aka karenganyo,turarushe nukwicwa,ugufungirwa ubusa,guhohotegwa,kwibwa dukorerwa nabo ducungeye.dusaba ko amatora yumugambwe umwe yabaye yofutwa,igahagarika burundu ukwitoza illegalement ya president.

18
Inabeza 9-07-2015 à 08:04

Ni mureke Perezida NKURUNZIZA kuko urya ni nka Moise wo muri bible. Yaje gukura abarundi Mubuja nkakumwe Moise yakura abi Silayeli muri egiputa mu minwe ya Falao. Ameze kandi nka Samusoni. Birya bikorane yakoresheje ; arya massengesho yatuma na ba islam baza muriyo bagakizwa Imana ntishobora kumureka uko. Imana igiye kumutera agateka twese abarundi n’amakungu twumirwe. Ntaco murwana n’Imana basha ntagutwara kutava ku Mana mwabantu mwe. kandi urrya ari harya kuko ari IMANA yahamushize ; abantu ni babimenye

19
Prosper 9-07-2015 à 06:23

Ivyiburundi biragoye ,imana yonkene niyo ibona igikwiye

20
OUIATS 7-07-2015 à 21:03

nimwihangane musenge Imana niyo izobiroranya

1 | 2 | 3

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha