ONU yemeje irungikwa ry’abapolisi mpuzamakungu 228 mu Burundi

Yanditswe na IGIHE
Kuya 30 juillet 2016 saa 09:48
Yasomwe : 129591
0 0

Inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe kuri uwu wa gatanu ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.
Nk’uko vyasabwe n’igihugu c’Ubufaransa, iyo ngingo y’ukurungika abaporisi mpuzamakungu mu Burundi yemejwe n’ibihugu cumi na kimwe, ku bihugu bine ataco vyavuze kuri iyo ngingo (abstentions) Ivyo bihugu atavyo vyavuze kuri iyo ngingo ni Ubushinwa, Angola, Egypte hamwe na Venezuela.
Abo baporisi mpuzamakungu (...)

Inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe kuri uwu wa gatanu ingingo yo kurungika mu Burundi abaporisi mpuzamakungu ba ONU bagera ku 228.

Nk’uko vyasabwe n’igihugu c’Ubufaransa, iyo ngingo y’ukurungika abaporisi mpuzamakungu mu Burundi yemejwe n’ibihugu cumi na kimwe, ku bihugu bine ataco vyavuze kuri iyo ngingo (abstentions) Ivyo bihugu atavyo vyavuze kuri iyo ngingo ni Ubushinwa, Angola, Egypte hamwe na Venezuela.

Abo baporisi mpuzamakungu bazorungikwa mu gisagara ca Bujumbura hamwe no mu gihugu cose, bakazoba bafise ikiringo c’umwaka umwe, ariko gishobora kwongererzwa mu gihe umutekano wobandanya gutituka. Bazokora n’abarorerezi mpuzamakungu basanzwe bari mu Burundi, hamwe n’abasirikare b’abahinga b’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika basanzwe bari mu Burundi.

Nk’uko iyo ngingo y’inama nkuru y’umutekano ijejwe amahoro n’umutekano mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ibivuga, abo baporisi mpuzamakungu ba ONU bazoja gukurikirana ibijanye n’agateka ka muntu mu Burundi, hamwe n’ugufasha kugira ibiganiro bihuza Abarundi bigende neza.

Inama y’umutekano ya ONU imenyesha ko yizeye ko abo baporisi bazogira akamaro mu gufasha kugira habe icuka ciza hagati y’abaganira kugira igihugu kive mu ruhagara rufatiye kuri poritike kirimwo. ONU yasubiriye kumenyesha kandi ko yiteguye gufatira ibihano abo bose bageramiye umugambi w’amahoro mu Burundi, hamwe n’abakora ubwicanyi. Reta y’Uburundi nayo igasabwa kurekura abapfunzwe bazira poritike mu Burundi, iyo Reta nyene igasabwa kandi kwugurura ibimenyeshamakuru vyahagaritswe.


Kumenyekanisha

1
Niragira 11-08-2016 à 06:19

NTANTEKO ZIKENEWE AKOKAGWI KABANYEPOLITIQUE GAFATANYA N UBUFARASA NIKO KAGOMBA GUTA IGIHUGU CACU MUMANGA.

2
Alfred Mvutano 10-08-2016 à 16:07

Hose hamwe ni 228 ?Hongora mujeri !!!!Abakund uburundi mwese gabane abo 227 basigaye umwe ndamwisinye kumury ataze kumbabura

3
Manasa Musafiri 3-08-2016 à 20:15

Nukuri Mwarimukwiye Kuzana Benshi Kuko Umutekano Udahagaze Neza Nkuko Bikwiye Murakoze

4
jean bosco 3-08-2016 à 20:01

Jew ndababazwa nacira icobo uburundi bahafise uryango. kuk iyo no porotike yamoko. hamwe ninda ndende. twebwe abanyagihugu twifitiye amahor tuyakesha nkurunziza... hamw ni mana ntabaporis dukeye. niya amakungu ahendwa na kagame iyo onu. nize I twice itumare izoteragire abandi..bavuye mugwanda. kagame,yamaze abanyagwanda amare nbarundi. kagame iyo reta yashingiye mugwanda nigisirikare akumbure kwitegurira kuyishir murireta yiwe abarundi turi maso.

5
theophile 3-08-2016 à 19:00

Iyo ngingo ni nziza cane kubarundi bose iyo bava bakagera

6
KIBONGE 3-08-2016 à 13:26

MANAKORIBITANGAZ IMANA IRAZ IBIKENEWE

7
Jean Piere Ndayambaje 3-08-2016 à 13:26

Nibaze Kugira Amahoro Aboneke Mugihugu Cacu

8
Rwas Leonidas 2-08-2016 à 20:16

Imana Mushoboravyos Niturind,izomijer. Reka,mbaze Ubufrans. Abaporis Bapfuye Murwand,bishwe,nabarund ?. Abapfiriye Mubufarans Bishwe,nabarund ?. americ Nbahand Hose Abirigwa Bapfa,mubihugu Bitandukanye Bos Bicwa,nabarund ?. Muragabe Imana Ikunduburund, Igihugu Cose Kizishiramwo Nab,uburund, Kizoba Nka Sodom N,gomor

9
Barankitse 2-08-2016 à 19:27

Mbe Boba Baje Gukora Iki ?Ntabo Dukeneye Muburundi Turikwiye Nibaje Mu Rwanda Gukurayo Barya Bagwanyi Kagame Yatorejeyo.

10
SAGONA 2-08-2016 à 08:36

Ahubwo nibanyuke abarundi turahonye nk’abana b’imbeba.Nkurya mushingamateka wa EAC Hafsa mosse yazize iki ga yemwe ?

11
Sagona 2-08-2016 à 08:31

Mbega yemwe bazoshika ryari !? Erega Imana ntiyibagiye Uburundi,kumbure abarundi bokwiruhutsa abo bicanyi ba Nkurunziza ! None nk’urya mushingamateka wa EAC Hafsa mosse yazize iki ga yemwe ?

12
JAMES 1er-08-2016 à 17:08

Karabaye

13
biigirimana 1er-08-2016 à 17:02

mbega kwamase yakera atagihom’urutaro,nugutwi kwimpene ntikwumva kw.....?azomaramara 1jrs

14
KAMPARAMPAKA 1er-08-2016 à 12:25

ABAPOLISI BA ONU bazaza i BUJUMBURA bafite misiyo yo gukora plan yo kuzafata BUJUMBURA gukuraho ubutegetsi. Mu by’ukuri bavuga yuko bafise gahunda yo kugarura amahoro ariko ni ukwiga no kuneka uburyo bazakuraho CNDDFDD niko bakuyeho HABYALIMANA mu RWANDA bitwaza izo gahunda ariko gahunda ari ndende cane..
Murebe muri CONGO hari ingabo za ONU ibihumbi makumyabiri 20.000 militaires. Muri CONGO nta ntambara ihari,igihari ni diamat,zahabu, coltan abazungu baje kwicungira.Ubu mu RWANDA na UGANDA hari gahunda yo kohereza les mercenaires abacangiro bazaba baturutse muri ISIRAHERI bakazatura i RWANDA na UGANDA babita abirabura ISIRAHERI yifuza gutuza muri AFRIKA ariko gahunda ubwo NYETANAHU aherutse i RWANDA na UGANDA bafite gahunda yo gufatanya na M23 iri mu RWANDA na UGANDA gufata AFRIQUE CENTRALE mu mugambi wo kunoza EMPIRE HIMATUTSI.. bityo ubutegetsi bwa NKURUNZIZA bukaba bubangamiye iyo gahunda ya MPATSIBIHUGU

15
Niyo Benit 1er-08-2016 à 10:06

emwe nimuve hasi tubiyamirize nibabanze bamare ugwabo mu Burundi amahoro niyose

16
Lau 1er-08-2016 à 08:15

Inteko Mvamakungu Karibu Kk Igihugu Kigeze Kure Kk Bavugako Umutekano Uriho Ukaca Wumva Hirya No Hino Ngo Abantu Baraye Bishwe Nn Baziriki ?Kumutekano Uriho Aho Vyabay Amayobera Mugisagara Ca Bujumbura Ahohantu Harononekay.

17
Didier 1er-08-2016 à 07:09

Ahubwo Badutebeje Ni Banyaruke.Muga Batongereje Abandi Bazohoner Mu Burundi.

18
Mukobwandagowe 1er-08-2016 à 06:17

Yemwe muziko wamumenyeshamakuru baribamaze imisibavuga ngoyarazimiye kwarimu Rwanda mumurwi wabacangero urwanda ruriko rurigisha ivyagisirikare muribamwe abasirikare bu Burundi bamaze imisi bitegurira kwakiriza yompi nako inkohi zamokoyose ?
Ariko gayemwe uwahenze uryamugabo ninde koyaritekanye ngaha Burundi kandiyabonekana nkuwutoja mubintu nkivyo ? Nagasaga nakazikiwe amatwi asumira ngobamushize mubazoza baratangaza amakuru kuja radio barikobarategura ngokazokwitirirwa abarundi ngokazobakaboheye kwibodoka ngwabazogakorerako bose bazobarabarundigusa nubwo abariko barabaha akokazu arintumwa za prezida wu Rwanda Poul Kagame. Nukworero ntadushubora guhindura mumisi abobandu bagomba gusuka kurisongo uyumusi uwufise uwazimwo amurungukire aka msg kokumusezera kuko mumisi azobarimuri banyakwigendera. Nanje urya mumenyeshamakuru ndamwikebanuye bye.

19
biigirimana 31-07-2016 à 22:46

je nibaza ko abo bapolice muzoba mubahevye vraiment kuko ngo no mub franca yimirij kujana imbonera kur ziw emw ng ni marchard

20
Zulu 31-07-2016 à 20:40

President Nkurunziza Ooyeee ! Na Abazulu Mwese Twese Oyeee ! Ibuke Akarangamutimape ! Ndasavye Nshimitse Umurundi Wese N’Abarundi Twese Dukunda Igihugu , Guhagurukira Icyarimwe Twitegure Ubunyene Kuko Ntawuzi Umusi Inyanka Burundi Zizozirako Zishobora Kuza Na Indege Bagakorokera Muburundi Na Mwijyoro , Twiyumvemwo Kwiha Agateka Kuko Nyakubahwa Rwasa Yama Atwibutsa Ko Ubugabo Bwihabwa ; Ntihagire Umunyamahanga Aduhagarara Kugakanu , Basogokuruza Ntare Rugamba Bararwanijye Abadagi N’ababiligi , Basokuru Barwanisha Uducumu Udupanga Uduheto N’inkinzo ; Ariko Abazungu Bari Bafite Imbunda , Ariko Nticyabuz Kobapfa Turibuka Aho Abo Badagi Bahoneye Bahambwe Murugombo , Baribinjyiranye Kuruhwa Bavuye Irwanda ; Natwe Turashoboye Ntitwumvire Bamujyeri Baguma Baduhenda ! Mbega Ko Mubufarasa Abantu Baguma Bicwa Bicwa N’Abarundi

1 | 2 | 3
Kumenyekanisha

Kumenyekanisha

TANGA ICIYUMVIRO

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE

Kumenyekanisha

Kumenyekanisha